Yohani wa mbere 1:1-10

  • Ijambo ry’ubuzima (1-4)

  • Tugendere mu muco (5-7)

  • Turakeneye kwatura ibicumuro vyacu (8-10)

1  Turabandikiye ku vyerekeye icamyeho kuva mu ntango, ico twumvise, ico twabonye n’amaso yacu, ico twitegereje neza n’amaboko yacu akagikorakora. Tubandikiye ku vyerekeye ijambo ry’ubuzima+.  (Emwe, ubuzima budahera bwarerekanywe, kandi twarabubonye kandi turiko turabushingira intahe+ twongera tububamenyesha. Ubwo buzima budahera+ bwari kumwe na Data kandi twarabweretswe.)  Turabamenyesheje ico twabonye kandi twumvise+, kugira ngo na mwebwe mwunge ubumwe natwe*, nk’uko twunze ubumwe na Data hamwe n’Umwana wiwe Yezu Kristu+.  Turabandikiye rero ivyo bintu kugira umunezero wacu ube uwuzuye.  Ng’ubu ubutumwa twamwumvanye, ari na bwo turiko turabamenyesha: Imana ni umuco+, kandi nta mwiza na mukeyi uri muri yo.  Iyo tuvuze ngo «Twunze ubumwe na yo», mugabo tukabandanya kugendera mu mwiza, tuba turiko turabesha kandi ntituba twisunga ukuri+.  Ariko nimba tugendera mu muco nk’uko na yo iri mu muco, aho rero tuba twunze ubumwe hagati yacu, kandi amaraso ya Yezu Umwana wayo aratwoza ibicumuro vyose+.  Iyo tuvuze ngo «Nta gicumuro dufise», tuba turiko turibesha+ kandi nta kuri kuba kuri muri twebwe.  Imana ni inyizigirwa kandi iragororotse ku buryo itoreka kutubabarira ibicumuro vyacu no kutwoza ibibi vyacu vyose, mu gihe tuyaturiye ibicumuro vyacu+. 10  Iyo tuvuze ngo «Ntitwacumuye», Imana tuba tuyigize umubeshi, kandi ijambo ryayo ntiriba riri muri twebwe.

Utujambo tw'epfo

Canke «musangire natwe.»