Yohani wa mbere 1:1-10
1 Turabandikiye ku vyerekeye icamyeho kuva mu ntango, ico twumvise, ico twabonye n’amaso yacu, ico twitegereje neza n’amaboko yacu akagikorakora. Tubandikiye ku vyerekeye ijambo ry’ubuzima+.
2 (Emwe, ubuzima budahera bwarerekanywe, kandi twarabubonye kandi turiko turabushingira intahe+ twongera tububamenyesha. Ubwo buzima budahera+ bwari kumwe na Data kandi twarabweretswe.)
3 Turabamenyesheje ico twabonye kandi twumvise+, kugira ngo na mwebwe mwunge ubumwe natwe*, nk’uko twunze ubumwe na Data hamwe n’Umwana wiwe Yezu Kristu+.
4 Turabandikiye rero ivyo bintu kugira umunezero wacu ube uwuzuye.
5 Ng’ubu ubutumwa twamwumvanye, ari na bwo turiko turabamenyesha: Imana ni umuco+, kandi nta mwiza na mukeyi uri muri yo.
6 Iyo tuvuze ngo «Twunze ubumwe na yo», mugabo tukabandanya kugendera mu mwiza, tuba turiko turabesha kandi ntituba twisunga ukuri+.
7 Ariko nimba tugendera mu muco nk’uko na yo iri mu muco, aho rero tuba twunze ubumwe hagati yacu, kandi amaraso ya Yezu Umwana wayo aratwoza ibicumuro vyose+.
8 Iyo tuvuze ngo «Nta gicumuro dufise», tuba turiko turibesha+ kandi nta kuri kuba kuri muri twebwe.
9 Imana ni inyizigirwa kandi iragororotse ku buryo itoreka kutubabarira ibicumuro vyacu no kutwoza ibibi vyacu vyose, mu gihe tuyaturiye ibicumuro vyacu+.
10 Iyo tuvuze ngo «Ntitwacumuye», Imana tuba tuyigize umubeshi, kandi ijambo ryayo ntiriba riri muri twebwe.
Utujambo tw'epfo
^ Canke «musangire natwe.»