Abakorinto ba mbere 9:1-27
9 Mbega sinidegemvya? Mbega sindi intumwa? Mbega sinabonye Yezu Umukama wacu+? Mbega si mwebwe gikorwa canje mu Mukama?
2 Naho ntari intumwa ku bandi, ndi intumwa koko kuri mwebwe, kuko muri ikidodo cemeza ko ndi intumwa mu Mukama.
3 Ukwiregura kwanje ku bantora amahinyu ni uku:
4 mbega ntidufise uburenganzira* bwo kurya no kunywa?
5 Mbega ntidufise uburenganzira bwo kujana n’umugore twubakanye+ yizera*, cokimwe n’izindi ntumwa na benewabo n’Umukama+ be na Kefa*+?
6 Canke, ni jewe na Barunaba+ gusa tudafise uburenganzira bwo kudakora akazi kodutunga?
7 Hari uwukora akazi k’umusoda ari we yirihira ivyo akeneye? Hari uwutera umurima w’imizabibu ntarye ku vyamwa vyawo+? Hari uwuragira ubusho ntanywe ku mata butanga?
8 Mbega ndiko mvuga ivyo bintu nisunze ivyiyumviro vy’abantu? Amategeko yoyo ntabivuga?
9 Kuko mu mategeko ya Musa handitswe ngo: «Ntimuze muzibire umunwa w’impfizi iriko irakubita ibinyantete+.» Mbega impfizi ni zo Imana ibabaye?
10 Canke riho ibivuga ku bwacu? Mu vy’ukuri ni twebwe vyandikiwe, kuko uwurima n’uwukubita ibinyantete babigira bizigiye kugira ico baronkako.
11 Ko twateye ibintu vy’impwemu muri mwebwe, twoba turengeje urugero tubimbuyeko ibintu vy’umubiri dukeneye+?
12 Nimba abandi bantu bafise uburenganzira* bwo kubibasaba, hari akantu twebwe. Yamara ntitwakoresheje ubwo burenganzira+, ahubwo twihanganira vyose kugira ntitubere intambamyi inkuru nziza yerekeye Kristu mu buryo na bumwe+.
13 Ntimuzi yuko abakora ibikorwa vyeranda barya ibintu vyo mu rusengero, abama bakorera ku gicaniro na bo bakarya ku vyatanzwe ku gicaniro+?
14 N’Umukama yategetse ko abatangaza inkuru nziza babeshwaho n’inkuru nziza+.
15 Mugabo jewe nta na kimwe nakoresheje muri ivyo+. Vy’ukuri, ibi sindavyanditse kugira hagire ivyo munkorera, kuko nopfuma mpfa hako . . . Nta muntu azonyaka imvo mfise zo kwirata+!
16 Nimba rero ndiko menyesha inkuru nziza, iyo si imvo yotuma nirata kuko mfise ikingobera. Mu vy’ukuri, noba ngowe ntamenyesheje inkuru nziza+!
17 Ndabikoranye umutima ukunze, ndaronka impembo. Ariko naho nobikora ku gahato, na ho nyene mba ngifise ibanga* njejwe+.
18 None impembo yanje ni iyihe? Ni uko mu gihe menyesha inkuru nziza noyitanga ku buntu, kugira sinkoreshe nabi uburenganzira* mfise mu bijanye n’inkuru nziza.
19 Kuko naho ndi uwidegemvya ku bantu bose, nigize umushumba kuri bose, ngo ndonke abantu benshi bashoboka.
20 Ku Bayuda nacitse nk’Umuyuda, kugira ndonke Abayuda+. Ku bagabwa n’amategeko nacitse nk’uwugabwa n’amategeko, naho jewe ubwanje ntagabwa n’amategeko, kugira ndonke abagabwa n’amategeko+.
21 Ku badafise amategeko nacitse nk’uwudafise amategeko, naho nkurikiza amategeko y’Imana kandi nkaba ngabwa n’amategeko ya Kristu+, kugira ndonke abadafise amategeko.
22 Ku bagoyagoya nacitse uwugoyagoya, kugira ndonke abagoyagoya+. Nacitse vyose ku bantu b’uburyo bwose, kugira ngo uko bishoboka kwose ngire abo nkiza.
23 Mugabo nkora vyose ku bw’inkuru nziza, kugira ndayisangire n’abandi+.
24 Ntimuzi yuko mw’isiganwa abirutsi biruka bose, mugabo umwe gusa akaba ari we aronka agashimwe? Nimwiruke ku buryo mugatsindira+.
25 Abantu bose bari mw’ihiganwa* barigumya muri vyose. Mu bisanzwe babigira kugira baronke urugori rubora+, mugabo twebwe tubigira kugira turonke urutabora+.
26 Siniruka rero nk’uwutazi iyo aja+. Ntera ibipfunsi ku buryo ntakubita umuyaga.
27 Umubiri wanje ndawukubitagura ibipfunsi*+ nkawugira umuja, kugira ngo maze kubwira abandi inkuru nziza, nanje ubwanje simpave mba uwutemewe*.
Utujambo tw'epfo
^ Mu kigiriki havuga ngo «ububasha.»
^ Canke «na mushiki wacu twubakanye.»
^ Yitwa kandi Petero.
^ Mu kigiriki havuga ngo «ububasha.»
^ Canke «ibanga ryo kuyobora (guhagarikira).»
^ Mu kigiriki havuga ngo «ububasha.»
^ Canke «abanonotsi bose.»
^ Canke «ndawuhana», «ndawushira ku murongo.»
^ Canke «simpave nkurwa mw’ihiganwa.»