Itanguriro 6:1-22

  • Abamarayika birongorera abagore bo kw’isi (1-3)

  • Abanefili bavuka (4)

  • Yehova ababazwa n’ububisha bw’abantu (5-8)

  • Nowa asabwa kwubaka ubwato (9-16)

  • Imana imenyesha ko igiye kuzana umwuzure (17-22)

6  Abantu batanguye kugwira kw’isi maze bakavyara abakobwa,  abamarayika*+ batangura kubitegereza, babona ko bari beza. Nuko batangura kurongora abo bashatse bose.  Maze Yehova avuga ati: «Sinzokwihanganira umuntu ibihe vyose+, kuko ari umubiri* gusa. Ku bw’ivyo, imisi yiwe izoba imyaka 120+  Muri iyo misi n’inyuma y’aho, kw’isi hariho Abanefili*. Nuko abamarayika* babandanya kuryamana n’abakobwa b’abantu maze bavyara abahungu. Ni bo ba bantu ba kera bari bakomeye cane, ba bagabo ba rurangiranwa.  Yehova rero abona ko ububisha bw’umuntu bwari bwagwiriye kw’isi be n’uko mu mutima wiwe yaguma yiyumvira gukora ikibi gusa+.  Yehova aricuza* kubona yararemye abantu kw’isi, biramubabaza+ mu mutima.  Maze Yehova avuga ati: «Ngira nzimanganye kw’isi abantu naremye, umuntu n’ibitungwa, ibikoko bikwega inda hasi n’ibiguruka mu kirere, kuko nicuza kubona narabiremye.»  Ariko Nowa we Yehova aramushima.  Iyi ni inkuru yigana kahise ka Nowa. Nowa yari umugororotsi+. Ugereranije n’abantu bo mu gihe ciwe*, wewe yari intungane*. Nowa yagendana n’Imana y’ukuri+. 10  Nowa yahavuye avyara abahungu batatu: Shemu, Hamu na Yafeti+. 11  Mugabo isi yari yaramaze kwononekara imbere y’Imana, yari yuzuyemwo ububisha*. 12  Emwe, Imana yararavye kw’isi isanga yarononekaye+. Ababa kuri yo bose bari bafise ingeso mbi+. 13  Imana ibwira Nowa iti: «Nafashe ingingo yo kuzimanganya abantu bose, kuko isi yuzuye ububisha kubera bo. Ngira ndabahonereze hamwe n’isi+. 14  Niwiyubakire ubwato* mu biti bifise uburembo+. Uzobucamwo ivyumba wongere ubusige ikaburimbi+ imbere n’inyuma. 15  Uku ni ko uzobwubaka: uburebure bwabwo buzoba intambwe 300, ubwaguke intambwe 50, amahagarara na yo intambwe 30*. 16  Uzobukorera idirisha* ryinjiza umuco ku ntambwe imwe uvuye hejuru. Umuryango wabwo uzowushire mu mbavu+ kandi uzobwubake nk’igorofa, ubuhe igice co hasi, ica kabiri n’ica gatatu. 17  Nanje ngira nzane umwuzure+ kw’isi kugira nzimanganye munsi y’ijuru ikintu cose gifise ubuzima*. Ikiri kw’isi cose kizopfa+. 18  Kandi ngiranye isezerano nawe. Uze winjire mu bwato uri kumwe n’abahungu bawe, umugore wawe n’abagore b’abahungu bawe+. 19  Mu bwoko bwose bw’ibikoko+ uze winjize mu bwato bibiribibiri, ikigabo n’ikigore+, kugira bizorokoke. 20  Mu bikoko biguruka nk’uko amoko yavyo ari, mu bitungano nk’uko amoko yavyo ari, mu bikwega inda hasi vyose nk’uko amoko yavyo ari, bibiribibiri bizoza aho uri maze vyinjire mu bwato kugira birokoke+. 21  Nayo wewe, niwegeranye ibifungurwa vy’ubwoko bwose+ uzotwara, kugira ngo mwe n’ibikoko muzoronke ivyo murya.» 22  Nuko Nowa akora ivyo Imana yari yamutegetse vyose. Akora gutyo nyene+.

Utujambo tw'epfo

Mu giheburayo havuga ngo «abana b’Imana y’ukuri.»
Canke «kuko akora ivyo umubiri umutegetse.»
Iryo zina rishobora kuba risobanura ngo «abagwisha abandi.» Raba Insiguro y’amajambo.
Mu giheburayo havuga ngo «abana b’Imana y’ukuri.»
Canke «aratuntura.»
Mu giheburayo havuga ngo «urunganwe», «iyaruka.»
Canke «ntiyagirako umugayo.»
Canke «ubukazi.»
Mu giheburayo havuga ngo «isandugu»; igisandugu kinini kireremba.
Uko bwangana: nk’imetero 134 z’uburebure, 22 z’ubwaguke na 13 z’amahagarara. Raba Inyongera ya B14.
Mu giheburayo ni «tsohari.» Iryo jambo rishobora kuba ryerekeza ku gisenge c’inzu gifise amahagarara y’intambwe imwe uvuye ku gasongero. Yari intambwe y’ukuboko uciriye mu nkokora. Raba Inyongera ya B14.
Mu giheburayo havuga ngo «impemu y’ubuzima.»