Abakorinto ba mbere 1:1-31
1 Jewe Pawulo, uwahamagariwe kuba intumwa+ ya Kristu Yezu biciye kw’igomba ry’Imana, n’umuvukanyi wanje Sositene,
2 turabandikiye mwebwe shengero ry’Imana riri i Korinto+, mwejejwe mu bumwe na Kristu Yezu+ kandi mugahamagarirwa kuba aberanda. Turandikiye n’abo bose bambaza izina ry’Umukama wacu Yezu Kristu aho bari hose+. Ni Umukama wabo, akaba n’uwacu.
3 Ubuntu buhebuje* n’amahoro biva ku Mana Data wa twese no ku Mukama Yezu Kristu bibane namwe!
4 Nama nkengurukira Imana yanje ku biberekeye kubera ubuntu buhebuje Imana yabagiriye biciye kuri Kristu Yezu.
5 Imana yarabatungishije muri vyose kubera mwunze ubumwe na Kristu, ibaha ubushobozi bwose bwo kuvuga n’ubumenyi bwose+,
6 kuko intahe yerekeye Kristu+ yashinze imizi muri mwebwe.
7 Ivyo vyatumye mudahomba ingabire n’imwe mu gihe murindiranye igishika ko Umukama wacu Yezu Kristu ahishurwa+.
8 Azotuma kandi mushikama gushika kw’iherezo, kugira ntihaze hagire ikintu mwagirizwa ku musi w’Umukama wacu Yezu Kristu+.
9 Imana ni iyo kwizigirwa+. Ni yo yabahamagaye kugira mwunge ubumwe* n’Umwana wayo, Yezu Kristu Umukama wacu.
10 Ndabahimiriza rero bavukanyi mw’izina ry’Umukama wacu Yezu Kristu, ngo mwese muvuge rumwe kandi ntihabe amacakubiri muri mwebwe+. Ahubwo mwunge ubumwe neza mu kubona ibintu kumwe no mu kwiyumvira kumwe+.
11 Kuko hari abo mu rugo rwa Kolowe bambwiye ibiberekeye bavukanyi, yuko hari ugucanamwo muri mwebwe.
12 Ico nshaka kuvuga, ni uko muri mwebwe bamwe bavuga ngo «ndi uwa Pawulo», abandi ngo «ndi uwa Apolo+», abandi na bo ngo «ndi uwa Kefa*» canke ngo «ndi uwa Kristu.»
13 Mbega Kristu agabuyemwo ibice? Mbega Pawulo yarabapfiriye ku giti? Canke mwoba mwabatijwe mw’izina rya Pawulo?
14 Ndashimira Imana kuba ata n’umwe muri mwebwe nabatije, kiretse Kirisipo+ na Gayo+,
15 kugira ntihagire uwuvuga yuko mwabatijwe mw’izina ryanje.
16 Ndibutse ko nabatije n’abo mu rugo rwa Sitefana+. Ariko mu basigaye, sinzi ko hari uwundi nabatije.
17 Kuko Kristu atantumye kubatiza, ahubwo yantumye kumenyesha inkuru nziza+. Ntiyantumye kuyimenyesha nkoresheje imvugo y’ubwenge buhanitse*, kugira ngo igiti co kubabarizwako* ca Kristu ntigihindurwe impfagusa.
18 Kuko ubutumwa bwerekeye igiti co kubabarizwako* ari ubupfu ku bariko baja mu mahonero+, ariko kuri twebwe abariko barakizwa, ni ububasha bw’Imana+.
19 Nakare vyanditswe ngo: «Nzotuma ubukerebutsi bw’inkerebutsi buhera, n’ubwenge bw’incabwenge ndabukengere*+.»
20 Inkerebutsi iri hehe? Umwanditsi* ari hehe? Umunyabihari wo muri iyi si* ari hehe? Mbega ubukerebutsi bw’iyi si Imana ntiyabuhinduye ubupfu?
21 Kubera ko isi itashoboye kumenya Imana biciye ku bukerebutsi bwayo*+, Imana rero ikoresheje ubukerebutsi bwayo+ yabonye ko ari vyiza gukiza abemera biciye ku butumwa twamamaza, ubwo abandi babona ko ari ubupfu+.
22 Abayuda basaba ibimenyetso+, Abagiriki* na bo bakarondera ubukerebutsi.
23 Ariko twebwe twamamaza Kristu yishwe amanitswe ku giti. Ku Bayuda ni igitsitaza, mugabo ku mahanga ni ubupfu+.
24 Ariko ku bahamagawe, baba Abayuda canke Abagiriki*, Kristu ni ububasha bw’Imana n’ubukerebutsi bwayo+.
25 Kuko ikintu c’ubupfu kiva ku Mana kirusha ubukerebutsi abantu, n’ikintu kigoyagoya kiva ku Mana kigakomera kurusha abantu+.
26 Bavukanyi, igihe Imana yabahamagara, murabona ko muri mwebwe atari benshi bari inkerebutsi mu buryo bw’umubiri*+. Si benshi bari abanyabubasha, si benshi bakomoka mu miryango ikomakomeye*+.
27 Ariko Imana yatoye ibintu vy’ubupfu vyo mw’isi kugira itetereze inkerebutsi, kandi yatoye ibigoyagoya vyo mw’isi kugira itetereze ibikomeye+.
28 Imana kandi yatoye ibintu vyo mw’isi ata co bimaze n’ibintu bagaya, ibintu babona ko bitabaho, kugira ihindure ubusa ibiriho+,
29 ngo ntihagire n’umwe* yirata imbere y’Imana.
30 Ni yo mukesha kuba mwunze ubumwe na Kristu Yezu. Kristu yatubereye ubukerebutsi buva ku Mana, atuma tuba abagororotsi+, turezwa+ twongera turabohorwa biciye ku ncungu+,
31 kugira bibe nk’uko nyene vyanditswe ngo: «Uwirata, niyiratire Yehova*+.»
Utujambo tw'epfo
^ Raba Insiguro y’amajambo.
^ Canke «musangire.»
^ Yitwa kandi Petero.
^ Canke «imvugo y’ubukerebutsi.»
^ Raba Insiguro y’amajambo.
^ Raba Insiguro y’amajambo.
^ Canke «ndabuhindire ku ruhande.»
^ Ni ukuvuga umuhinga mu vy’amategeko.
^ Canke «iki gihe.» Raba Insiguro y’amajambo (Igihe).
^ Ni ukuvuga ubukerebutsi bw’isi.
^ Biboneka ko ari abantu batari Abayuda, bavuga ikigiriki.
^ Biboneka ko ari abantu batari Abayuda, bavuga ikigiriki.
^ Canke «dufatiye ku kuntu abantu babona ibintu.»
^ Canke «bavuka mu banyacubahiro.»
^ Canke «igifise umubiri na kimwe.»
^ Raba Inyongera ya A5.