Zaburi 100:1-5

  • Nimukengurukire Umuremyi

    • «Nimukorere Yehova munezerewe» (2)

    • «Imana ni yo yaturemye» (3)

Ni zaburi yo gukenguruka. 100  Nimuvugirize impundu Yehova, yemwe ababa kw’isi mwese+!   Nimukorere Yehova munezerewe+. Nimuze imbere yiwe mwiha akaruru k’umunezero.   Nimumenye* ko Yehova ari Imana+. Ni we yaturemye kandi turi abiwe*+. Turi abantu biwe, intama zo mu buragiro bwiwe+.   Nimwinjire mu marembo yiwe mukenguruka+,mwinjire mu bigo vyiwe mumushemeza+. Nimumukengurukire, mushemeze izina ryiwe+.   Kuko Yehova ari mwiza+.Urukundo* rwiwe rwamaho ibihe vyose,kandi yama ari umwizigirwa, uko urunganwe* rukurikira urundi+.

Utujambo tw'epfo

Canke «nimwemere.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «si twebwe twiremye.»
Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
Canke «iyaruka.»