Abafilipi 3:1-21
3 Ubwa nyuma bavukanyi, nimubandanye kunezerwa kubera Umukama+. Kubandikira vya bindi nyene jewe nta ngorane bintera, kandi birabakingira.
2 Mwirinde za mbwa, mwirinde bamwe bakora ikibi, mwirinde bamwe bakebagura umubiri+.
3 Kuko ari twebwe twagenyerewe* vy’ukuri+, twebwe abariko barakora igikorwa ceranda biciye ku mpwemu y’Imana. Turirata muri Kristu Yezu+ kandi ntitwishimira* umubiri,
4 naho jewe mfise imvo zo kwishimira umubiri kuruta abandi bose.
Nimba hari uwundi muntu n’umwe yiyumvira ko afise imvo zo kwishimira umubiri, jeho ndamurusha:
5 nagenyerewe ku musi ugira umunani+, nkaba nkomoka mw’ihanga rya Isirayeli, mu muryango wa Benyamini, nkaba ndi Umuheburayo yavutse ku Baheburayo+. Mu vyo kwubahiriza amategeko, ndi Umufarizayo+.
6 Mu bijanye no kugira umwete, narahama ishengero+. Mu bijanye no gukurikiza ibigororotse hisunzwe amategeko, nari umuntu atagirako umugayo.
7 Yamara ibintu vyose vyahora ari inyungu kuri jewe, ndabibona nk’uruhombo* kubera Kristu+.
8 Vyongeye, ibintu vyose ndabibona nk’uruhombo ndabigereranije n’agaciro gahebuje ko kumenya Kristu Yezu Umukama wanje. Kubera we, naremeye guhomba ibintu vyose kandi ndabibona nk’ikirundo c’umwanda* kugira ngo nunguke Kristu
9 nongere nze nsangwe mu bumwe na we. Ntibizoba kubera ubugororotsi bwanje bushingiye ku gukurikiza amategeko, ahubwo bizoba kubera ubugororotsi buboneka biciye ku kwizera+ Kristu+, ni ukuvuga ubugororotsi buva ku Mana hishimikijwe ukwizera+.
10 Intumbero mfise ni iyo kumumenya no kumenya ububasha bw’izuka ryiwe+ no gusangira na we imibabaro yiwe+, nkemera gupfa urupfu nk’urwiwe+,
11 ngo ndabe yuko nimba bishoboka noshikira izuka rya kare ry’abapfuye+.
12 Ntibisobanura ko maze kuronka impera canke ko maze kugirwa uwutunganye, ahubwo ndabandanya urugendo+ ngo ndabe ko na jewe nocakira kimwe catuma Kristu Yezu antora*+.
13 Bavukanyi, siniyumvira ko jewe ubwanje namaze kugicakira. Ariko ico nzi neza co ni iki: ndibagira ibiri inyuma+, nkihatira gukurikira ibiri imbere+.
14 Ndabandanya urugendo ngana kw’ihangiro ngo ndonke agashimwe+ k’umuhamagaro+ w’Imana wo kuduga mw’ijuru, umuhamagaro twaronse biciye kuri Kristu Yezu.
15 Abo bose bo muri twebwe rero bahumuye+, tugire uwo mutima. Nimba na ho mufise ivyiyumviro bitandukanye n’ivyo ku kintu kanaka, Imana izobahishurira uwo mutima duhejeje kuvuga.
16 Uko biri kwose, aho tugeze hose mu gutera imbere, tubandanye kugendera muri iyo nzira nyene mu rutonde.
17 Bavukanyi, munyigane+ mwunze ubumwe, kandi mwihweze abagenda bisunga akarorero twabahaye.
18 Kuko hariho benshi bariko bigenza nk’abansi b’igiti co kubabarizwako* ca Kristu. Abo bantu nahora nkunda kubavuga, ariko ubu ho ndabavuze ndira.
19 Iherezo ryabo ni ugutikizwa, imana yabo na yo ni inda yabo. Bishimira ibintu mu vy’ukuri vyari bikwiye kubatera isoni, kandi baguma biyumvira ibintu vy’isi+.
20 Tweho ubwenegihugu bwacu+ buri mw’ijuru+, kandi turindiranye igishika umukiza azovayo, ari we Mukama Yezu Kristu+.
21 Ni we azohindura umubiri wacu uciye bugufi umere nk’umubiri wiwe w’ubuninahazwa+, biciye ku bubasha bwiwe bukomeye butuma aganza ibintu vyose+.
Utujambo tw'epfo
^ Hari abavyita «gusiramura» canke «gukebwa.» Raba Insiguro y’amajambo (Kugenyera).
^ Mu kigiriki havuga ngo «ntitwizigira.»
^ Hashobora kandi kuvugwa ngo «naremeye kubiheba.»
^ Canke «umucafu», «iyarara.»
^ Mu kigiriki havuga ngo «ancakira.»
^ Raba Insiguro y’amajambo.