Yona 2:1-10

  • Yona asenga ari mu rufi (1-9)

  • Urufi rudahwa Yona i musozi (10)

2  Maze Yona asengera Yehova Imana yiwe mu nda y’urwo rufi+, 2  avuga ati: «Naragutakambiye Yehova ndi mu marushwa, nawe uranyishura*+. Natabaje ndi ibwina mu kuzimu*+. Warumvise ijwi ryanje.  3  Igihe wanterera ibwina, iyo kure mu nda y’ikiyaga,amazi menshi yaciye amira+. Imikuba yawe yose isuriranya n’imipfunda yawe yose vyarandengeye+.  4  Navuze nti: “Narirukanywe mva imbere y’amaso yawe. Nzokwongera gute kwitegereza urusengero rwawe rweranda?”  5  Amazi yaramize, ageramira* ubuzima bwanje+,ibenga ry’amazi riranyugariza. Ivyatsi vyo mu mazi vyaranyizingiriye ku mutwe.  6  Naradwibiye manuka epfo mu matanguriro y’imisozi. Ivyugazo vy’isi vyariko biranyugarana ibihe bidahera. Mugabo warakuye ubuzima bwanje mu cobo, ewe Yehova Mana yanje+!  7  Igihe nari ngira mpfe, ni wewe nibutse Yehova+. Maze isengesho ryanje rirashika iyo uri, mu rusengero rwawe rweranda+.  8  Abihebeye ibigirwamana ata co bimaze bahevye Imana ibereka urukundo rudahera*.  9  Ariko jeho, nzogushikanira ibimazi, nkenguruka. Ico naraganye nzogishitsa+. Yehova ni we atanga ubukiriro+.» 10  Amaherezo Yehova ategeka nya rufi maze rudahwa Yona i musozi.

Utujambo tw'epfo

^ Mu giheburayo havuga ngo «naratakambiye . . . na we aranyishura.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «mu nda y’ukuzimu.»
^ Canke «amazi yarugarije.»
^ Hashobora kandi kuvugwa ngo «bahevye ukudahemuka kwabo.»