Ivyakozwe n’intumwa 2:1-47
2 Igihe rero umusi mukuru wa Pentekoti+ wariko uraba, bari hamwe bose muri ca kibanza nyene.
2 Bukwi na bukwi, haza urwamo ruvuye mw’ijuru rumeze nk’urw’umuyaga ukomeye uhuhuta, rwuzura iyo nzu yose bari bicayemwo+.
3 Babona imbeya z’umuriro zimeze nk’indimi hanyuma zirigabagura, urubeya rumwerumwe ruja kuri umwe wese muri bo.
4 Bose baca buzuzwa impwemu nyeranda+, batangura kuvuga mu zindi ndimi nk’uko nya mpwemu ibibashoboje+.
5 Ico gihe i Yeruzalemu hari Abayuda bubaha Imana baje bava mu mahanga yose yo kw’isi*+.
6 Aho urwo rwamo rwumvikaniye rero, abantu isinzi baca bakoranira hamwe. Baraguye mu gahundwe, kubera ko umwe wese yumva bavuga mu rurimi rwiwe bwite.
7 Barumiwe cane, bavuga bati: «Ehe yemwe, none aba bose bariko baravuga si Abanyagalilaya+?
8 Bishoboka gute none ngo umwe wese muri twebwe abe ariko arumva ururimi rwiwe kavukire*?
9 Turi Abapariti, Abamedi+, Abelamu+, ababa muri Mezopotamiya, i Yudaya, i Kapadosi, i Ponto, mu ntara ya Aziya+,
10 i Firijiya, i Pamfiliya, mu Misiri, mu turere twa Libiya hafi y’i Sireni, ab’i Roma bacumbitse ino, baba Abayuda canke abinjiye idini ry’Abayuda+,
11 Abanyakirete n’Abarabu. Ariko twumva bavuga mu ndimi zacu ivyerekeye ibintu vy’agatangaza vy’Imana.»
12 Emwe, bose baratangaye birabasiga, babwirana bati: «Ibi ni ibiki?»
13 Ariko abandi barabatwenga, bavuga bati: «Akayoga* kabashitse.»
14 Mugabo Petero ahagurukana na bamwe cumi n’umwe+, abwira abo bantu n’ijwi rirenga ati: «Bagabo b’i Yudaya namwe mwese ababa i Yeruzalemu, nimumenye ibi kandi mwumvirize neza ivyo ngira ndababwire.
15 Mu vy’ukuri aba bantu ntibaborewe nk’uko muvyibaza, kuko ari nk’isaha zitatu z’agatondo*.
16 Ahubwo ibi ni ivyari vyaravuzwe biciye ku muhanuzi Yoweli, igihe yavuga ati:
17 “‘Mu misi ya nyuma’, ni ko Imana ivuze, ‘nzosuka igice c’impwemu yanje ku bantu b’ubwoko bwose, kandi abahungu banyu n’abakobwa banyu bazovuga ubuhanuzi, abasore banyu babone ivyo beretswe, abatama banyu na bo barote indoto+.
18 Mbere n’abashumba banje b’abagabo n’ab’abagore, nzobasukako igice c’impwemu yanje muri iyo misi, kandi bazovuga ubuhanuzi+.
19 Nzokora ibitangaza hejuru mw’ijuru, n’ibimenyetso hasi kw’isi: hazoboneka amaraso, umuriro n’ibicu vy’imyotsi.
20 Imbere y’uko wa musi wa Yehova* uhambaye kandi w’agatangaza uza, izuba rizohinduka umwiza, ukwezi na kwo guhinduke amaraso.
21 Umuntu wese yambaza izina rya Yehova* azokizwa+.’”
22 Bagabo bo muri Isirayeli, nimwumve aya majambo: Imana yaraberetse icese Yezu Umunyanazareti biciye ku bikorwa vy’ububasha n’ibitangaza n’ibimenyetso Imana yakoreye muri mwebwe biciye kuri we+, nk’uko ubwanyu mubizi.
23 Uwo muntu yaratanzwe ku bansi biwe. Vyabaye mu buryo buhuye n’ivyo Imana yashinze* be n’ubushobozi bwayo bwo kumenya ibintu imbere y’igihe+. Mwaramumanitse ku giti biciye ku bantu b’abagarariji, muramwica+.
24 Ariko Imana yaramuzuye+ imukura mu mibabaro* y’urupfu, kuko bitashoboka ko rumugumya+.
25 Kuko Dawidi avuga ku bimwerekeye ati: “Nama nshira imbere yanje* Yehova*, kuko ari iburyo bwanje ngo sinigere nyiganyizwa.
26 Ni co gituma umutima wanje wagize akamwemwe, n’ururimi rwanje ruranezerwa cane. Vyongeye, nzobaho* mfise icizigiro
27 kuko utazompebera mu kuzimu, canke ngo wemere ko intahemuka yawe ibora+.
28 Wamenyesheje inzira z’ubuzima. Uzotuma nuzura umunezero mwinshi imbere yawe*+.”
29 Bagabo benewacu, nkundira ndababwire icese* ivyerekeye wa mukuru* w’umuryango Dawidi. Yarapfuye arahambwa+, kandi gushika n’uyu musi imva yiwe iri ng’aha iwacu.
30 Kubera yuko yari umuhanuzi, kandi akaba yari azi ko Imana yari yaramurahiye yuko yokwicaritse ku ntebe yiwe y’ubwami uwo mu ruvyaro rwiwe*+,
31 yarabonye imbere y’igihe ivyerekeye izuka rya Kristu yongera aravuga ivyaryo, yuko atahebewe mu kuzimu canke ngo umubiri wiwe ubore*+.
32 Uwo Yezu, Imana yaramuzuye kandi twese turi ivyabona vy’ico kintu+.
33 Kubera ko rero yashizwe hejuru iburyo bw’Imana+, kandi agahabwa na Se ya mpwemu nyeranda yari yarasezeranywe+, ayidusutseko nk’uko mubibona mukanavyumva.
34 Kuko Dawidi ataduze mw’ijuru, ahubwo ubwiwe avuga ati: “Yehova* yabwiye Umukama wanje ati: ‘Icara iburyo bwanje,
35 gushika abansi bawe ndabagize nk’intebe y’ibirenge vyawe+.’”
36 Nuko rero, Abisirayeli bose nibamenye ata gukeka yuko uwo Yezu mwamanitse ku giti+, Imana yamugize Umukama+ na Kristu.»
37 Aho bumviye ivyo, basogotwa mu mitima, baca babwira Petero n’izindi ntumwa bati: «Bagabo benewacu, dukore iki?»
38 Petero abishura ati: «Nimwigaye+, kandi umwe wese muri mwebwe abatizwe+ mw’izina rya Yezu Kristu kugira mubabarirwe ibicumuro vyanyu+. Muzoheza muronke ya ngabire ya gusa y’impwemu nyeranda.
39 Kuko Imana yayisezeraniye+ mwebwe n’abana banyu be n’abari kure bose, abo bose Yehova* Imana yacu ashobora guhamagara ngo baze kuri we+.»
40 Yaravuze n’ayandi majambo menshi, arashinga intahe bimwe bishitse* yongera arabahimiriza ati: «Nimwitandukanye n’uru runganwe* rugoramye+, mubone gukira.»
41 Nuko abakiranye akamwemwe ivyo yavuze barabatizwa+, kuri uwo musi hiyongerako nk’abantu 3.000+.
42 Babandanya kwigishwa n’intumwa babishashaye, gukoranira hamwe*, gufungura+ no gusenga+.
43 Emwe, ubwoba butangura gutekera abantu bose, hatangura no kuba ibitangaza n’ibimenyetso vyinshi biciye ku ntumwa+.
44 Abemeye Yezu bose bari kumwe kandi basangira vyose.
45 Baragurisha amatongo yabo n’ivyo batunze+, bakagaburira bose ibivuyemwo, bisunze ivyo umwe wese yaba akeneye+.
46 Imisi yose bama bahurira ku rusengero bahuje inama, bagafungurira mu mihana itandukanye, bagasangira banezerewe cane kandi ata buryarya buri mu mutima,
47 bagashemeza Imana kandi bagashimwa n’abantu bose. Vyongeye, imisi yose Yehova* yaguma abongerako abo yariko arakiza+.
Utujambo tw'epfo
^ Mu kigiriki havuga ngo «yo munsi y’ijuru.»
^ Canke «ururimi yonse.»
^ Canke «umuvinyu mushasha.» Mu kigiriki havuga ngo «umuvinyu usosa.»
^ Mu kigiriki havuga ngo «z’umusi.»
^ Raba Inyongera ya A5.
^ Raba Inyongera ya A5.
^ Canke «ingingo Imana yashinze.»
^ Hashobora kandi kuvugwa ngo «mu migozi.»
^ Canke «imbere y’amaso yanje.»
^ Raba Inyongera ya A5.
^ Mu kigiriki havuga ngo «umubiri wanje uzobaho.»
^ Canke «imbere y’amaso yawe.»
^ Mu kigiriki havuga ngo «mvugane umwidegemvyo.»
^ Mu kigiriki havuga ngo «wa mutwe.»
^ Canke «umwe mu bava mu kiyunguyungu ciwe.»
^ Canke «wononekare.»
^ Raba Inyongera ya A5.
^ Raba Inyongera ya A5.
^ Canke «binogangije.»
^ Canke «n’iri yaruka.»
^ Canke «gusangira.»
^ Raba Inyongera ya A5.