Zaburi 139:1-24

  • Imana irazi neza abasavyi bayo

    • Nta wohunga impwemu y’Imana (7)

    • «Ndemwe mu buryo butangaje» (14)

    • «Warambonye ngisamwa inda» (16)

    • «Nunyobore mu nzira y’ibihe bidahera» (24)

Ku mukuru w’abaririmvyi. Ni zaburi ya Dawidi. 139  Ewe Yehova, waransuzumye kandi uranzi+.   Urabimenya iyo nicaye n’iyo mpagurutse+. Ivyiyumviro vyanje ubimenya bikiri kure cane+.   Uranyihweza* iyo ndiko ndagenda n’iyo ndyamye.Inzira zanje zose urazizi neza+.   Ewe Yehova, imbere y’uko mvuga ijambo na rimwe,wewe uba wamaze kurimenya+!   Urankikuza imbere n’inyuma,kandi ungumizako ukuboko kwawe.   Ubwo bumenyi burandengeye*. Burahanitse cane ku buryo ntobushikira*+.   Mbega nohungira hehe impwemu yawe?Nohungira hehe amaso yawe+?   Hamwe noduga mw’ijuru, ni yo woba uri!Hamwe nosasa igitanda canje mu kuzimu, na ho nyene nogusangayo+!   Naho noguruka ndi ku mababa y’umutwenzinkaja kuba hafi y’ikiyaga kiri kure y’ibindi vyose, 10  na ho nyene ukuboko kwawe kwonyobora,ukuboko kwawe kw’ukuryo kwongumya+. 11  Hamwe novuga nti: «Umwiza uzompisha», ijoro rinkikuje ryoca rihinduka umuco. 12  Mbere n’umwiza w’umuzitanya ntiwokubuza kubona,ahubwo ijoro ryosigara ribona nko ku murango+.Umwiza n’umuco vyose ni cokimwe kuri wewe+. 13  Ni wewe waremye amafyigo yanje,kandi wagumye untwikiriye ndi mu nda ya mama*+. 14  Ndagushemeza kuko ndemwe mu buryo butangaje kandi buteye ubwoba+. Ibikorwa vyawe ni agatangaza+,kandi ivyo ndabizi neza. 15  Amagufa yanje ntiwayanyegejweigihe wambumbira ahantu hihishije,igihe wanjishira mu nda ya mama*+. 16  Amaso yawe yarambonye ngisamwa inda.Ibihimba vyanje vyose vyari vyanditswe mu gitabu cawe,mbere n’imisi bizobumbirwakon’imbere y’uko bibaho. 17  Ese ukuntu ivyiyumviro vyawe ari ivy’agaciro kuri jewe+! Ewe Mana, igitigiri cavyo ni kinini cane+! 18  Hamwe nogerageza kubiharura, biruta udutete tw’umusenyi+. Naho nokwikangura nobandanya kubiharura*+. 19  Ewe Mana, ndagusavye wice ababisha+ kugira ngo abantu b’inkozi z’ikibi* bamveko, 20  barya bakuvuga nabi n’ibigirankana*.Ni abansi bawe kuko bafata nabi izina ryawe+. 21  Ewe Yehova, mbega sinanka abakwanka+kandi ngashishwa n’abakugarariza+? 22  Ndabanka urunuka+.Ni abansi banje katwa. 23  Ewe Mana, nunsesangure umenye umutima wanje+. Nunsuzume, umenye ibindaje ishinga*+. 24  Nurabe ko hari ikintu kibi kiri muri jewe+,maze unyobore+ mu nzira y’ibihe bidahera.

Utujambo tw'epfo

Mu giheburayo havuga ngo «urampima.»
Canke «ni bwinshi cane ku buryo ntobutahura.»
Canke «burantangaza cane.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «kandi wanjishiye mu nda ya mama.»
Mu giheburayo havuga ngo «mu nda y’isi.»
Mu giheburayo havuga ngo «noba nkiri kumwe nawe.»
Canke «abicanyi.»
Canke «bisunze ivyiyumviro vyabo.»
Canke «ivyiyumviro bindurumbanya.»