Abakorinto ba kabiri 7:1-16

  • Twiyuhagire ibintu vyose bihumanya (1)

  • Pawulo agira umunezero kubera Abakorinto (2-4)

  • Tito azana amakuru meza (5-7)

  • Umubabaro uhuye n’ivyo Imana igomba be n’ukwigaya (8-16)

7  Ko rero dufise iyo mihango+ ga bakundwa, twiyuhagire ibintu vyose bihumanya umubiri n’umutima+, kugira tube aberanda bimwe bikwiye mu gutinya Imana.  Muduhe ikibanza mu mitima yanyu+. Nta we twagiriye nabi, nta we twatumye yononekara, nta we twariye imitsi+.  Ivyo sindabivuze kugira ndabacire urubanza kuko maze kuvuga yuko muri mu mitima yacu, twaba dupfa canke tubaho.  Mvugana umwidegemvyo mwinshi ku biberekeye. Ndabiratira cane. Narahojejwe cane rwose. Mu marushwa yacu yose mfise umunezero usesekaye+.  Mu bisanzwe igihe twashika i Masedwane+, nta gahengwe twaronse*, ahubwo twashishikaye gutezwa amarushwa mu buryo bwose: hanze hari intambara, imbere na ho ubwoba.  Ariko ya Mana ihoza abavunitse umutima+, yaraduhojeje aho Tito aziye akagumana natwe.  Ntitwahojejwe gusa no kuba ari ho ari. Twarahojejwe kandi n’uruhoza yaronse kubera mwebwe, kuko yatwiganiye inkumbu mumfitiye, intuntu mwagize n’ukuntu mumbabaye cane*. Vyatumye ndushiriza kunezerwa.  Naho ikete ryanje ryabateye umubabaro+, sindavyicuza. Ego ni ko mu ntango naravyicujije (kubera ko iryo kete ryabateye umubabaro, naho vyabaye akanya gatoyi gusa).  Mugabo ubu ndanezerwa, atari kubera ko mwagize umubabaro, ahubwo kubera ko mwagize umubabaro utuma mwigaya. Mwagize umubabaro uhuye n’ivyo Imana igomba, ku buryo ata ngorane mwagize kubera twebwe. 10  Kuko umubabaro uhuye n’ivyo Imana igomba utuma umuntu yigaya bikamushikana ku bukiriro, kandi nta kwicuza asigarana+. Mugabo umubabaro w’isi uzana urupfu. 11  Raba ingene umubabaro uhuye n’ivyo Imana igomba mwagize watumye mugira ishaka ryinshi, ingene watumye mwikurako ibara mwari mwambaye, ingene watumye mushavuzwa n’ikibi cabaye, ingene watumye mutinya Imana, ingene watumye mugira icipfuzo gikomeye, ingene watumye mugira umwete n’ingene watumye musubiza ibintu mu buryo+! Muri vyose mwarerekanye ko mwera* ku bijanye n’ico kibazo. 12  Naho nabandikiye, sinabigize ku bw’uwakoze ikibi+ canke ku bw’uwagiriwe nabi, ahubwo nabigize kugira ngo umwete mufise wo kwumva ivyo tubabwira wibonekeze muri mwebwe imbere y’Imana. 13  Ni co gituma twahojejwe. Ariko rero hambavu y’uruhoza twaronse, umunezero wa Tito watumye turushiriza kunezerwa cane, kubera ko mwese mwaruhuriye umutima wiwe. 14  Kuko nimba narabiratiye imbere yiwe, sinamaramaye. Mugabo nk’uko ivyo twababwiye vyose ari ukuri, ni ko n’ukwirata kwacu imbere ya Tito kwabonetse ko ari ukuri. 15  Vyongeye, iyo yibutse ukugamburuka kwanyu mwese+, ingene mwamwakiranye ugutinya n’ukujugumira, ikibabarwe abafitiye kirushiriza kugwira. 16  Ndanezerwa n’uko nshobora kubizigira* muri vyose.

Utujambo tw'epfo

Mu kigiriki havuga ngo «umubiri wacu waronse.»
Mu kigiriki havuga ngo «n’umwete mumfitiye.»
Canke «mutanduye.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «kugira umutima rugabo kubera mwebwe.»