Matayo 7:1-29
7 Nimureke guca urubanza+ kugira namwe ntimuzocirwe urubanza,
2 kuko urubanza muca ari rwo namwe muzocirwa+, kandi ingero mupimisha ni yo namwe bazobapimirako+.
3 Kubera iki none uraba akatsi kari mu jisho rya mwenewanyu, ariko nturabe ikigiga kiri mu jisho ryawe+?
4 Canke wobwira gute mwenewanyu ngo: “Tega ngutosore akatsi kari mu jisho ryawe”, kandi nawe ufise ikigiga mu jisho ryawe?
5 Wa mwiyorobetsi we! Banza ukure ikigiga kiri mu jisho ryawe, uzoheza ubone neza ingene utosora akatsi kari mu jisho rya mwenewanyu.
6 Ntimugaterere imbwa ibintu vyeranda canke ngo imaragarita* zanyu muziterere ingurube+, ahandiho zohava zizihonyanga hanyuma zigahindukira zikabatabagura.
7 Mugume musaba, muzohabwa+. Mugume murondera, muzoronka. Mugume mudodora, muzokwugururirwa+.
8 Kuko uwusaba wese ahabwa+, uwurondera wese aronka kandi uwudodora wese azokwugururirwa.
9 Mu vy’ukuri, ni nde muri mwebwe umwana wiwe yosaba umukate hanyuma akamuha ibuye?
10 Canke hamwe yomusaba ifi, mbega yomuha inzoka?
11 Nimba rero mwebwe muzi guha ibintu vyiza abana banyu kandi muri babi, hari akantu So wanyu ari mw’ijuru! Mwumva yoreka guha ibintu vyiza+ ababimusaba+?
12 Ibintu vyose rero mushaka ko abandi babagirira, namwe mutegerezwa kubibagirira+. Nkako, ico ni co amategeko n’ivyanditswe n’abahanuzi* vyigisha+.
13 Nimuce mw’irembo ryaga+, kuko inzira yagutse ijana mu mahonero. Irembo ryayo riragutse kandi abaricamwo ni benshi.
14 Ariko inzira yaga ijana mu buzima. Irembo ryayo riraga kandi abayibona ni bake+.
15 Mwiyubare abahanuzi b’ikinyoma+ baza kuri mwebwe bigize nk’intama+, ariko imbere muri bo ari amabingira ashonje cane+.
16 Muzobamenyera ku vyo bama. None abantu barigera bamura inzabibu ku mahwa, canke insukoni ku bitovu+?
17 Muri ubwo buryo nyene, igiti ciza cose cama ivyamwa vyiza, mugabo igiti kibi* cose cama ivyamwa bibi+.
18 Igiti ciza ntigishobora kwama ivyamwa bibi, kandi n’igiti kibi ntigishobora kwama ivyamwa vyiza+.
19 Igiti cose kitama ivyamwa vyiza kiracibwa kigatererwa mu muriro+.
20 Abo bantu rero muzobamenyera ku vyo bama+.
21 Si umuntu wese ambwira ngo: “Mukama, Mukama” azokwinjira mu Bwami bwo mw’ijuru, ahubwo uwukora ivyo Dawe ari mw’ijuru agomba ni we gusa azobwinjiramwo+.
22 Kuri uwo musi benshi bazombwira ngo: “Mukama, Mukama+, ntitwavuga ubuhanuzi mw’izina ryawe, tukirukana amadayimoni mw’izina ryawe kandi tugakora ibitangaza* vyinshi mw’izina ryawe+?”
23 Nanje nzoca ndababwira nti: “Sinigeze ndabamenya! Mva mu maso, mwa bagarariji mwe+!”
24 Umuntu wese rero yumva aya majambo yanje akayashira mu ngiro, azomera nk’umugabo w’ubwenge yubatse inzu yiwe ku gitandara+.
25 Imvura nyinshi yaraguye, imyuzurira iratera, imiyaga irahuhutira kuri yo, ariko ntiyabomotse kuko yari yubatse ku gitandara.
26 Ariko umuntu wese yumva aya majambo yanje ntayashire mu ngiro, azomera nk’umugabo w’ikijuju yubatse inzu yiwe ku musenyi+.
27 Imvura nyinshi yaraguye, imyuzurira iratera, imiyaga irahuhutira kuri yo+, ica irabomoka, irasenyuka yose uko yakabaye.»
28 Yezu ahejeje kuvuga ayo majambo, amasinzi aratangara cane kubera uburyo yigisha+,
29 kuko yabigisha nk’umuntu afise ububasha+, atari nka ba banditsi babo.
Utujambo tw'epfo
^ Ni utubuye tw’agaciro tumeze nk’utudede twiremarema mu dukoko tumwetumwe two mu mazi, nk’ibifyera n’ibindi.
^ Iyo mvugo «amategeko n’ivyanditswe n’abahanuzi» yerekeza ku Vyanditswe vyose vy’igiheburayo.
^ Mu kigiriki havuga ngo «kiboze.»
^ Canke «ibikorwa vy’ububasha.»