Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 38

Yohani ashaka kwumva ico Yezu ubwiwe avuga

Yohani ashaka kwumva ico Yezu ubwiwe avuga

MATAYO 11:2-15 LUKA 7:18-30

  • YOHANI UMUBATIZI ABAZA IBIJANYE N’URUHARA RWA YEZU

  • YEZU ASHIMAGIZA YOHANI

Umwaka wose urarangiye Yohani ari mu mvuto. Yamara rero, arumva ibijanye n’ibikorwa bitangaje Yezu akora. Iyumvire ingene Yohani yumva amerewe igihe abigishwa biwe bamubwira ko Yezu yazuye umuhungu w’umupfakazi w’i Nayini. Ariko rero, ashaka kwumva biciye kuri Yezu ubwiwe intumbero y’ivyo bintu. Ku bw’ivyo, Yohani atumako abigishwa biwe babiri akabarungika kuri Yezu. None abatuma iki? Abarungika kubaza Yezu bati: “Woba uri Umwe ariko araza, canke twitege uwundi?”​—Luka 7:19.

Ubwo none ico kibazo ntigitangaje? Yohani ni umuntu akunda Imana, kandi yarabonye impwemu y’Imana yururuka kuri Yezu yongera arumva Imana ivuga ko imushima igihe yamubatiza imyaka ibiri imbere y’aho. Nta mvo n’imwe yotuma twiyumvira ko Yohani yagoyagoya mu kwizera. Ahandiho Yezu ntiyomushimagije nk’uko abigira. Ariko nimba Yohani ata makenga afise, ni kubera iki abaza ico kibazo ku vyerekeye Yezu?

Yohani ashobora kuba ashaka ikimenyamenya kivuye kuri Yezu ubwiwe c’uko ari we Mesiya. Ivyo vyomukomeje narirya ariko aravundira mw’ibohero. Ikibazo ca Yohani gishobora kuba gifise n’iyindi ntumbero. Arazi ubuhanuzi bwo muri Bibiliya buvuga ko uwarobanuwe n’Imana yobaye umwami n’umukiza. Yamara Yohani aracari mw’ibohero kandi Yezu amaze amezi atari make abatijwe. Ku bw’ivyo, Yohani ariko abaza nimba hari uwundi azoza, uwo twokwita umusubirizi wa Yezu, azoshitsa ibintu vyose vyavuzwe ko Mesiya yoranguye.

Aho kubwira abigishwa ba Yohani ati: ‘Cane nyene ni jewe,’ Yezu aratanga ikimenyamenya c’uko Imana imushigikiye mu gukiza abantu benshi indwara z’ubwoko bwose. Aca abwira nya bigishwa ati: “Gende mwiganire Yohani ivyo muriko murumva n’ivyo muriko murabona: Impumyi zirongera kubona, abacumbagira baragenda, abanyamibembe barahumanurwa, ibipfamatwi birumva, abapfuye barazurwa, n’aboro baramenyeshwa inkuru nziza.”​—Matayo 11:4, 5.

Ikibazo ca Yohani coshoboka kandi kwerekana ko yiteze ko Yezu akora ibiruta ivyo ariko arakora, kumbure akanamukura mw’ibohero. Ariko rero, Yezu amenyesha Yohani ko adakwiye kwitega ibirenze ibitangaro ariko arakora.

Abigishwa ba Yohani bahavuye, Yezu amenyesha iryo sinzi ko Yohani arengeye umuhanuzi asanzwe. Ni we “ntumwa” ya Yehova yari yaravuzwe muri Malaki 3:1, akaba na we muhanuzi Eliya avugwa muri Malaki 4:5, 6. Yezu asigura ati: “Ni ukuri ndabibabwiye: Mu bavutse ku bagore ntihigeze guhaguruka uwuruta Yohani Umubatizi; mugabo umuto mu bwami bwo mw’ijuru aramuruta.”​—Matayo 11:11.

Mu kuvuga yuko umuto mu Bwami bwo mw’ijuru aruta Yohani, Yezu ariko yerekana ko Yohani atazoganza mu Bwami bwo mw’ijuru. Yohani yarateguriye inzira Yezu mugabo aca apfa Kristu atarugurura inzira ija mw’ijuru. (Abaheburayo 10:19, 20) Ariko rero, Yohani ni umuhanuzi w’umwizigirwa kandi azoba ari mu batwarwa b’Ubwami bw’Imana ng’aha kw’isi.