Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima

 IKIGABANE CA 29

Vyoba vyemewe gukora ivyiza kw’Isabato?

Vyoba vyemewe gukora ivyiza kw’Isabato?

YOHANI 5:1-16

  • YEZU YIGISHA I YUDAYA

  • AKIZA UMUNTU ARWAYE KU KIDENGERI

Yezu aramaze kurangura ibintu vyinshi mu gikorwa co kwigisha yakoreye i Galilaya. Naho biri ukwo, avuga ati: “Ntegerezwa kumenyesha n’ibindi bisagara inkuru nziza y’ubwami bw’Imana.” Ayo majambo arerekana ko igikorwa ciwe kitogarukiye i Galilaya gusa. Ni co gituma aca aja “kwamamaza mu masinagogi y’i Yudaya.” (Luka 4:43, 44) Ivyo birumvikana narirya ubu ari ku mpeshi, kandi hakaba himirije kuba umusi mukuru i Yeruzalemu.

Injili zivuga ibintu bike ku bijanye n’ibikorwa Yezu yaranguriye i Yudaya tugereranije n’ivyo yakoreye i Galilaya. Naho abantu benshi b’i Yudaya batamwakira neza, Yezu ntareka kwigisha yivuye inyuma no gukora ibikorwa vyiza aho ari hose.

Bidatevye, Yezu aca yerekeza mu gisagara gikuru c’i Yudaya, ari co Yeruzalemu, agiye guhimbaza Pasika yo mu 31. Mu kibanza kirimwo uruja n’uruza rwinshi hafi y’Irembo ry’intama, hari ikidengeri kinini gikikujwe n’inkingi citwa Bezata. Abantu benshi barwaye, impumyi hamwe n’abamugaye baraza kuri ico kidengeri. None baza kurondera iki? Benshi bemera yuko umuntu ashobora gukira yinjiye muri ico kidengeri igihe amazi yaco asebuye.

Ubu ni kw’Isabato. Yezu rero abona kuri ico kidengeri umugabo amaze imyaka 38 arwaye. Yezu amubaza ati: “Urashaka gukira?” Nya mugabo amwishura ati: “Mutungwa, singira umuntu wo kunshira mu kidengeri iyo amazi asebuye; mugabo iyo ngize ngo ndaza uwundi aca antanga kumanukayo.”Yohani 5:6, 7.

Yezu aravuga ikintu gishobora kuba gitangaza uwo mugabo n’uwundi wese acumva. Agira ati: “Haguruka utore uburiri bwawe, utambuke.” (Yohani 5:8) Ukwo ni ko nyene abigenza. Ubwo nyene uwo mugabo arakira, agatora uburiri bwiwe maze agatangura gutambuka!

Aho guhimbarwa n’ico kintu ciza kibaye, Abayuda babonye uwo mugabo baca bamukarira bati: “Ni kw’Isabato, ukaba rero utemerewe gutwara uburiri.” Uwo mugabo abishura ati: “Uwankijije nyene ni we yambwiye ati: ‘Tora uburiri bwawe utambuke.’” (Yohani 5:10, 11) Abo Bayuda ntibumva umuntu yubahuka gukiza kw’Isabato.

Babaza nya mugabo bati: “Ni nde uwo muntu yakubwiye ngo: ‘Butore utambuke’?” Kubera iki bamubaza ico kibazo? Kubera ko Yezu “yari yagiye, aho hantu hakaba hari isinzi,” kandi uwo mugabo akaba atazi Yezu. (Yohani 5:12, 13) Ariko uwo mugabo arasubira kubonana na Yezu. Mu nyuma arahura na Yezu ku rusengero maze akamenya ko ari we yamukijije kuri ca kidengeri.

Nya mugabo aca aja kurondera ba Bayuda bamubaza uwamukijije, akababwira ko ari Yezu. Bavyumvise, baca baja kurondera Yezu. Boba bashaka kumenya ikintu gifasha Yezu gukora ivyo bintu bitangaje? Habe namba. Ahubwo bagiye kwagiriza Yezu kubera akora ibintu vyiza kw’Isabato. Mbere baca batangura kumuhama!

Raba n'ibindi

Abakirisu boba babwirizwa kwubahiriza Isabato?

Niba batabwirizwa kuyubahiriza, ni kubera iki Bibiliya ivuga ko Isabato ari isezerano ry’intahava?