Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima

 IKIGABANE CA 16

Yezu yerekana umwete afitiye ugusenga kw’ukuri

Yezu yerekana umwete afitiye ugusenga kw’ukuri

YOHANI 2:12-22

  • YEZU AHUMANURA URUSENGERO

Ubugeni bw’i Kana burangiye, Yezu aca aja i Kaperinawumu. Ajanye na nyina wiwe hamwe na bene wabo, ari bo Yakobo, Yozefu, Simoni na Yuda.

None ni kubera iki Yezu agiye i Kaperinawumu? Ico gisagara kiri ahantu heza gusumba Nazareti canke Kana, kandi ni kinini. Vyongeye, benshi mu bigishwa bashasha ba Yezu baba i Kaperinawumu canke mu micungararo yaho. Yezu rero arashobora kubamenyereza bari aho mu karere iwabo.

Mu kiringo Yezu amara i Kaperinawumu, na ho nyene arahakorera ibikorwa bitangaje. Abantu benshi bo muri ico gisagara no mu micungararo yaho barumva ivyo ariko arakora. Ariko rero Yezu n’abigishwa biwe bimirije gufata urugendo baja i Yeruzalemu guhimbaza Pasika yo mu 30, narirya ari Abayuda bakunda gusenga.

Igihe bari ku rusengero i Yeruzalemu, abigishwa ba Yezu barabona ikintu gitangaje cane kuri Yezu, kikaba gitandukanye n’ivyo bari bamaze kubona vyose.

Amategeko y’Imana asaba Abisirayeli gutanga ibimazi vy’ibitungwa ku rusengero, kandi ingenzi zirakenera ibifungurwa mu kiringo zihamara. Amategeko aremerera ababa kure ya Yeruzalemu kuza bitwaje amahera yo kugura “inka, intama, impene” n’ibindi bakenera mu kiringo bamara ng’aho. (Gusubira mu vyagezwe 14:24-26) Ni co gituma abadandaza b’i Yeruzalemu bagurishiriza ibitungwa n’inyoni imbere mu kigo c’urusengero. Bamwe muri bo baraca amaboko abantu mu kugurisha ku giciro c’umurengera.

N’ishavu n’akantu, Yezu asesa hasi ibiceri vy’abakaba amahera, agahenagura amameza yabo maze akabahindira hanze. Ababwira ati: “Kura ivyo bintu ng’aha! Reka kugira iyi nzu ya Dawe inzu y’urudandaza!”Yohani 2:16.

Abigishwa ba Yezu babonye ivyo bintu, baca bibuka ubuhanuzi bwerekeye Umwana w’Imana bugira buti: “Umwete w’inzu yawe uzondya.” Ariko Abayuda bamubaza bati: “Ni ikimenyetso nyabaki ufise utwereka, ko uriko urakora ivyo bintu?” Yezu abishura ati: “Nimusenyure uru rusengero, nanje mu misi itatu nzoruhagurutsa.”Yohani 2:17-19; Zaburi 69:9.

Abayuda bibaza ngo ariko avuga urusengero rw’i Yerusalemu, maze bakamubaza bati: “Uru rusengero rwubatswe mu myaka mirongo ine n’itandatu, nawe ngo uzoruhagurutsa mu misi itatu?” (Yohani 2:20) Ariko Yezu ariko agereranya umubiri wiwe n’urusengero. Haciye imyaka itatu, abigishwa biwe baribuka ayo majambo Yezu amaze kuzuka.

Raba n'ibindi

Eliya Yaraburaniye ugusenga gutyoroye

Twokwigana gute Eliya igihe duhuye n’abatemera ivyo Bibiliya yigisha?