Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima

 IKIGABANE CA 48

Naho akora ibitangaro baramwiyamiriza

Naho akora ibitangaro baramwiyamiriza

MATAYO 9:27-34; 13:54-58 MARIKO 6:1-6

  • YEZU AKIZA IMPUMYI N’UMURAGI

  • ABANTU B’I NAZARETI BAMWIYAMIRIZA

Yezu yirirwanye ibikorwa vyinshi. Inyuma y’aho afatiye urugendo avuye mu karere ka Dekapoli, yakijije wa mugore yari arwaye indwara yo kuva amaraso yongera arazura umukobwa wa Yayiro. Ariko rero ntiburagoroba. Igihe Yezu avuye kwa Yayiro, abagabo babiri b’impumyi baramukurikira, basemerera bati: “Tugirire imbabazi, Mwana wa Dawidi.”Matayo 9:27.

Mu kwita Yezu ngo “Mwana wa Dawidi,” abo bagabo barerekana ko bemera yuko Yezu ari samuragwa w’ingoma ya Dawidi, akaba rero ari Mesiya. Yezu amera nk’uwubihoza, kumbure kugira arabe ko bashishikara. Emwe, na bo barakovya! Igihe Yezu yinjiye mu nzu, abo bagabo babiri bamusangayo. Ababaza ati: “Murizeye ko ivyo nshobora kubikora?” Bamwishura badakekeranya bati: “Egome, Mukama.” Yezu arakora ku maso yabo, akavuga ati: “Nibibabere nk’uko mwizeye.”Matayo 9:28, 29.

Ubwo nyene baca bahumuka! Nk’uko nyene Yezu asanzwe abigira, arababuza ngo ntibamamaze ivyo yakoze. Ariko kubera ko akamwemwe kabasya, baraheza bakabikwiragiza hose.

Abo bagabo babiri bahakuye ikirenge, abantu baca bazana umuntu adashobora kuvuga kubera yiziziwe n’idayimoni. Yezu arirukana iyo dayimoni, nya muntu agaca atangura kuvuga. Isinzi riri aho ririkugura riti: “Ikintu nk’iki nticari bwakaboneke muri Isirayeli.” Abafarizayo na bo nyene ni ho bari. Kubera yuko badashobora guhakana ivyo bitangaro Yezu akora, baca basubiramwo ca kirego kijanye n’uwumuha ububasha bwo gukora ibitangaro, bati: “Umutware w’amadayimoni ni we amushoboza kwirukana amadayimoni.”Matayo 9:33, 34.

Inyuma y’aho gatoyi, Yezu arafata inzira agasubira mu gisagara ca Nazareti yakuriyemwo, akaba ari kumwe n’abigishwa biwe. Umwaka umwe imbere y’aho, yarigishije mw’isinagogi yo ng’aho. Mu ntango abantu barajorejwe n’ivyo avuga, ariko mu nyuma inyigisho ziwe zirabababaza baca barondera kumwica. N’ubu Yezu arasubira gufasha abahoze ari ababanyi biwe.

Hageze kw’isabato, Yezu arasubira mw’isinagogi kwigisha. Benshi barumirwa, mbere bakabaza bati: “Mbega uyu muntu yakuye hehe ubu bukerebutsi n’ibi bikorwa vy’ububasha?” Bavuga bati: “None uyu si umwana wa wa mubaji? Nyina wiwe ntiyitwa Mariya, bene wabo na bo si Yakobo na Yozefu na Simoni na Yuda? Bashikiwe na bo, ntibari kumwe natwe bose? None uyu muntu yakuye hehe ivyo bintu vyose?”Matayo 13:54-56.

Abantu babona ko Yezu ari umuntu asanzwe. Bibwira bati: ‘Umuntu yakuze tubona, yoba Mesiya gute?’ Ku bw’ivyo, naho bafise ibimenyamenya vyinshi, ushizemwo ubwenge budasanzwe Yezu afise n’ibitangaro akora, ntibamwemera. Kubera yuko incuti za Yezu zimumenyereye cane, ivyiwe birazitsitaza, bigatuma Yezu avuga ati: “Umuhanuzi ntabura guterwa iteka kiretse mu karere k’iwabo no mu nzu iwabo.”Matayo 13:57.

Nkako, Yezu aratangazwa n’ukuntu batagira ukwizera. Ni co gituma ata gitangaro na kimwe akorera ng’aho “kiretse kurambika ibiganza ku barwaye bakeyi akabakiza.”Mariko 6:5, 6.

Raba n'ibindi

Yezu akora ibitangaro

Ibitangaro Yezu yakoze vyerekana iki ku bijanye n’ububasha afise no ku bijanye n’igihe azoba ategeka isi?