Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima

 IKIGABANE CA 96

Yezu yishura umutware w’umutunzi

Yezu yishura umutware w’umutunzi

MATAYO 19:16-30 MARIKO 10:17-31 LUKA 18:18-30

  • UMUSORE W’UMUTUNZI ABAZA IVYEREKEYE UBUZIMA BUDAHERA

Yezu aracarengana mu karere ka Pereya aja i Yeruzalemu. Umutware w’umutunzi akiri muto arirukanga, agapfukama imbere yiwe. Uwo mugabo ni “umutware,” kumbure akaba ari umukuru w’isinagogi canke umwe mu bagize Sentare nkuru y’Abayuda. Amubaza ati: “Mwigisha mwiza, nkore iki ngo nze ntorane ubuzima budahera?”Luka 8:41; 18:18; 24:20.

Yezu amwishura ati: “Unyitira iki mwiza? Nta n’umwe ari mwiza, atari umwe, na we ni Imana.” Bisa n’uko uwo musore akoresha ijambo “mwiza” nk’izina ry’icubahiro gusa, nk’uko abarabi babigira. Naho Yezu ari umwigisha mwiza, aramenyesha uwo mugabo ko Imana yonyene ari yo ibereye guhabwa izina ry’icubahiro “Mwiza.”

Yezu amuhanura ati: “Nimba ushaka kwinjira mu buzima, niwubahirize amabwirizwa ubudahengeshanya.” Nya musore amubaza ati: “Ayahe?” Yezu aca amusubiriramwo atanu muri ya Mabwirizwa cumi, ni ukuvuga iribuza kwica, kurenga ibigo, kwiba, gushinga intahe y’ikinyoma, n’irisaba gutera iteka abavyeyi. Aca yongerako irindi bwirizwa rihambaye, ati: “Utegerezwa gukunda mugenzawe nk’uko wikunda.”Matayo 19:17-19.

Nya mugabo amwishura ati: “Ivyo vyose narabigumije; ikindi mpajije ni igiki?” (Matayo 19:20) Ashobora kuba yiyumvira ko hari igikorwa c’ubutwari yoba akeneye gukora kugira aronke ubuzima budahera. Yezu aravye ukuntu abimusavye ashimitse, ‘yumva amukunze.’ (Mariko 10:21) Ariko rero, uwo mugabo arafise ingorane.

Uwo mugabo arakunda cane amatungo yiwe. Ni co gituma Yezu amubwira ati: “Ubuze ikintu kimwe: Genda, ugurishe ivyo ufise vyose, uhe aboro, ni ho uzogira itunga mw’ijuru, maze uze unkurikire.” Ego cane, amahera yiwe arashobora kuyaha aboro batagira ico bamwishura, maze akaba umwigishwa wa Yezu. Ariko ikibabaje, Yezu aza abona ahagurutse maze akagenda ashavuye. Urukundo akunda ubutunzi, ni ukuvuga “ibintu vyinshi” afise, ruramuhuma amaso ku buryo atabona ubutunzi nyakuri ubwo ari bwo. (Mariko 10:21, 22) Yezu avuga ati: “Ese ukuntu kizoba ikigoye ku bari n’amahera kwinjira mu bwami bw’Imana!”Luka 18:24.

Abigishwa baratangazwa cane n’ayo majambo hamwe n’ayo Yezu aca yongerako ati: “Biroroshe ku ngamiya guca mu zuru ry’urushinge rwo kubarira kuruta kwinjira mu bwami bw’Imana ku mutunzi.” Ivyo bituma abigishwa bamubaza bati: “Ni nde ashobora gukizwa?” None gukizwa vyoba ari amananiza ku buryo ata muntu n’umwe azorokoka? Yezu arabaraba mu maso maze akabishura ati: “Ibidashoboka ku bantu birashoboka ku Mana.”Luka 18:25-27.

Petero araserura ko we n’abandi bigishwa bagize ihitamwo ritandukanye n’iry’uwo mutunzi, ati: “Ehe twebwe twarasize vyose turagukurikira; none vy’ukuri tuzohakura iki?” Yezu arabamenyesha ivyiza bizova mw’ihitamwo ryiza bagize, ati: “Muri kwa kurema busha, Umwana w’umuntu niyicara ku ntebe y’ubwami yiwe y’ubuninahazwa, mwebwe mwankurikiye . . . muzokwicara ku ntebe z’ubwami cumi na zibiri, mucire imanza imiryango cumi n’ibiri ya Isirayeli.”Matayo 19:27, 28.

Biraboneka ko Yezu ashaka kuvuga igihe kiri imbere, aho ibintu bizosubira kumera nk’uko vyari muri rya tongo rya Edeni. Petero n’abandi bigishwa bazoronka impera yo gufadikanya na Yezu kuganza iyo si izoba yahindutse Iparadizo. Emwe, iyo mpembo irarengeye kure n’iyo ibintu vyose boshobora guheba!

Yamara rero, ivyiza bironkera si ivyo muri kazoza gusa. Hariho ivyiza bimwebimwe binovora no muri iki gihe. Yezu avuga ati: “Nta n’umwe yasize inzu canke umugore canke bene wabo canke abavyeyi canke abana ku bw’ubwami bw’Imana atazogira ukuntu abironka incuro nyinshi muri iki kiringo, mu gihe kizoza na ho ubuzima budahera.”Luka 18:29, 30.

Ego cane, aho ari ho hose abigishwa biwe boja, usanga bafitaniye n’abakirisu bagenzi babo ubucuti bwa hafi kandi bw’agaciro kuruta ubwo bafitaniye n’abo mu muryango wabo. Ikibabaje, biboneka ko ako karyo gaca mu myanya y’intoke uwo musore w’umutunzi, agahomba n’impera y’ubuzima budahera mu Bwami bw’Imana bwo mw’ijuru.

Yezu yongerako ati: “Mugabo benshi ba mbere bazoba aba nyuma, aba nyuma na bo babe aba mbere.” (Matayo 19:30) None ashaka kuvuga iki?

Uwo mutware w’umutunzi ari mu “ba mbere” kubera ko ari mu ndongozi z’Abayuda. Kubera yuko yubahiriza amabwirizwa y’Imana, yari afise kazoza keza kandi yari yitezweko vyinshi. Ariko rero, ubutunzi ni bwo ashira imbere y’ibindi vyose mu buzima. Ku rundi ruhande, abantu batobato barabona ko inyigisho za Yezu ari ukuri kandi bakabaho bazisunga. Ni nk’aho bahora ari “aba nyuma,” ariko bagiye kuba “aba mbere.” Barashobora kwitega kuzokwicara ku ntebe z’ubwami mw’ijuru bari kumwe na Yezu maze bakaganza isi izoba yahindutse Iparadizo.