Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima

Muri iki gitabu, nusome ivyerekeye ibintu vyose vyabaye mu buzima bwa Yezu nk’uko vyanditse muri Bibiliya.

INTANGAMARARA

Inzira, ukuri n’ubuzima

Inyigisho za Yezu hamwe n’ibikorwa vyiwe dusanga mu Njili birashobora guhindura ubuzima bwawe.

IKIGABANE CA 1

Ubutumwa bubiri buvuye ku Mana

Umumarayika Gaburiyeli yashikirije ubutumwa bugoye kwemera.

IKIGABANE CA 2

Yezu aterwa iteka ataravuka

Ni gute Elizabeti n’umwana yibungenze bateye iteka Yezu?

IKIGABANE CA 3

Uwo gutegura inzira avuka

Zekariya asubiye kwongera kuvuga ku gitangaro, aramenyesha ibintu bihambaye bizoba.

IKIGABANE CA 4

Mariya yibungenga ata mugabo afise

Yozefu yoba avyemera igihe Mariya amubwiye ko yibungenze bivuye ku mpwemu nyeranda?

IKIGABANE CA 5

Yezu yavukiye hehe kandi hari ryari?

Tuzi gute ko Yezu atavutse ku wa 25 Kigarama?

IKIGABANE CA 6

Umwana yari yarasezeranywe

Igihe Yozefu na Mariya bazana Yezu ku rusengero, Abisirayeli babiri bageze mu zabukuru baramenyesha ibizoshikira Yezu.

IKIGABANE CA 7

Abaragurira ku nyenyeri baza kuraba Yezu

Kubera iki ya nyenyeri babona mu buseruko itaciye ibajana aho Yezu ari ariko ikabajana kuri wa Mwami w’umwicanyi Herodi?

IKIGABANE CA 8

Bahunga umwami w’umubisha

Ubuhanuzi butatu bwerekeye Mesiya buraranguka Yezu akiri umwana.

IKIGABANE CA 9

Akurira i Nazareti

Yezu afise bene wabo na bashikiwe bangahe?

IKIGABANE CA 10

Umuryango wa Yezu uja i Yeruzalemu

Yozefu na Mariya barahagarika umutima kubera babuze Yezu, ariko Yezu aratangazwa no kuba bataciye bamenya aho bomuronderera.

IKIGABANE CA 11

Yohani Umubatizi ategura inzira

Igihe bamwebamwe mu Bafarizayo n’Abasadukayo baje kuri we arabiyamiriza. Kubera iki?

IKIGABANE CA 12

Yezu abatizwa

Kubera iki Yezu yabatijwe kandi atigeze acumura?

IKIGABANE CA 13

Niwigire ku kuntu Yezu yihanganiye ibigeragezo

Ibigeragezo vyashikiye Yezu biratwigisha ibintu bibiri bihambaye ku vyerekeye Shetani.

IKIGABANE CA 14

Yezu atangura kurondera abigishwa

Ni igiki kijijura abigishwa batandatu ba mbere ba Yezu ko babonye Mesiya?

IKIGABANE CA 15

Akora igitangaro ca mbere

Yezu arereka nyina wiwe ko atari we amutegeka ariko ko asigaye ategekwa na Se wo mw’ijuru.

IKIGABANE CA 16

Yezu yerekana umwete afitiye ugusenga kw’ukuri

Kubera iki Yezu yashavuriye abadandariza ku rusengero kandi amategeko y’Imana yararekurira abantu kugurira i Yeruzalemu ibitungwa batangako ibimazi?

IKIGABANE CA 17

Yigisha Nikodemu mw’ijoro

Bisigura iki “kwongera kuvuka”?

IKIGABANE CA 18

Yezu aja hejuru, Yohani akaja hasi

Abigishwa ba Yohani Umubatizi baragira ishari, ariko Yohani we nta ryo agira.

IKIGABANE CA 19

Yezu yigisha Umusamariyakazi

Yezu amubwira ikintu ata wundi yari bwigere akibwira.

IKIGABANE CA 20

Igitangaro kigira kabiri ari i Kana

Yezu arakiza umwana ari ku bilometero 26.

IKIGABANE CA 21

Mw’isinagogi y’i Nazareti

Ni igiki Yezu yavuze gica gituma abantu bo mu gisagara c’iwabo bashaka kumwica?

IKIGABANE CA 22

Abigishwa bane bazoba abarovyi b’abantu

Abasaba guheba kuroba ifi kugira barobe abantu.

IKIGABANE CA 23

Yezu akora ibitangaro i Kaperinawumu

Igihe Yezu yirukanye amadayimoni, arayabuza kubwira abantu ko ari Umwana w’Imana. Kubera iki?

IKIGABANE CA 24

Yezu yongereza igikorwa ciwe i Galilaya

Abantu baraza kuri Yezu ngo abakize, yamara arabasigurira ko iyo atari yo ntumbero nyamukuru y’igikorwa ciwe.

IKIGABANE CA 25

Akiza umunyamibembe abigiranye impuhwe

Akoresheje amajambo asanzwe ariko akora ku mutima, Yezu arerekana ko yitwararika abo akiza.

IKIGABANE CA 26

“Ibicumuro vyawe birababariwe”

Ni isano irihe Yezu yerekana ko riri hagati y’igicumuro n’indwara?

IKIGABANE CA 27

Yezu ahamagara Matayo

Kubera iki Yezu asangira n’abantu bizwi ko ari abacumuzi?

IKIGABANE CA 28

Kubera iki abigishwa ba Yezu batisonzesha?

Mu kubishura, Yezu abaha ikigereranyo c’imikuza y’inshato babikamwo umuvinyu.

IKIGABANE CA 29

Vyoba vyemewe gukora ivyiza kw’Isabato?

Kubera iki Abayuda bahama Yezu ngo ni uko akijije umugabo amaze imyaka 38 arwaye?

IKIGABANE CA 30

Ubucuti buri hagati ya Yezu na Se

Abayuda bibaza yuko Yezu ariko avuga ko angana n’Imana, ariko Yezu arabatomorera ko Imana imuruta.

IKIGABANE CA 31

Bamyoza ingano kw’Isabato

Kubera iki Yezu yiyita “Umukama w’isabato”?

IKIGABANE CA 32

Ni ibiki vyemewe gukorwa kw’Isabato?

Naho Abasadukayo n’Abafarizayo basanzwe badacana uwaka, barunga urunani kugira bashike ku ntumbero kanaka.

IKIGABANE CA 33

Ashitsa ubuhanuzi bwa Yesaya

Kubera iki ategeka abo akijije kutabwira abandi uwo ari we canke ivyo yakoze?

IKIGABANE CA 34

Yezu atora intumwa cumi na zibiri

Ni itandukaniro irihe riri hagati y’intumwa n’umwigishwa?

IKIGABANE CA 35

Insiguro yabaye rurangiranwa

Raba insobanuro y’ivyiyumviro nyamukuru vyo mu nsiguro ya Yezu.

IKIGABANE CA 36

Intwazangabo y’ukwizera gukomeye

Ni igiki iyo ntwazangabo ikora kigatangaza Yezu?

IKIGABANE CA 37

Yezu azura umwana w’umupfakazi

Ababonye ico gitangaro barategera ico gisobanura.

IKIGABANE CA 38

Yohani ashaka kwumva ico Yezu ubwiwe avuga

Kubera iki Yohani Umubatizi abaza ko Yezu yoba ari we Mesiya? Yohani yoba afise amakenga?

IKIGABANE CA 39

Iyaruka ry’intabarirwa riragowe

Yezu avuga ko ku musi w’urubanza, igihugu ca Sodomu kizogira agahengekezo kuruta igisagara ca Kaperinawumu, ari na ho canecane yaranguriye igikorwa ciwe.

IKIGABANE CA 40

Icigwa cerekeye ukubabarira abandi

Mu kubwira umugore ashobora kuba yari umumaraya yuko ibicumuro vyiwe bibabariwe, Yezu yoba yashaka kwerekana ko kurenga ku mategeko y’Imana ata co bitwaye?

IKIGABANE CA 41

Ni nde amuha ububasha bwo gukora ibitangaro?

Bene wabo na Yezu biyumvira ko yasaze.

IKIGABANE CA 42

Yezu akarira Abafarizayo

“Ikimenyetso ca Yona umuhanuzi” ni iki?

IKIGABANE CA 43

Ibigereranyo vyerekeye Ubwami

Yezu aratanga ibigereranyo umunani kugira asigure imice itandukanye yerekeye Ubwami bwo mw’ijuru.

IKIGABANE CA 44

Yezu atururuza igihuhusi ku kiyaga

Igihe Yezu yahwamika umuyaga n’imikuba, yarerekanye ingene ubuzima buzoba bumeze mu gihe c’ingoma yiwe.

IKIGABANE CA 45

Yirukana amadayimoni menshi

Umuntu yoba ashobora kwizizirwa n’amadayimoni menshi?

IKIGABANE CA 46

Yakoze ku mpuzu za Yezu aca arakira

Ico kintu gikora ku mutima kirashira ahabona ububasha n’impuhwe Yezu afise.

IKIGABANE CA 47

Azura akana k’akigeme

Abantu baratwenga Yezu igihe avuze ko umwigeme asinziriye kandi yapfuye. Ni igiki Yezu azi mugabo bobo batazi?

IKIGABANE CA 48

Naho akora ibitangaro baramwiyamiriza

Abantu b’i Nazareti ntibiyamiriza Yezu kubera inyigisho ziwe canke ibitangaro akora, ahubwo babigira kubera iyindi mpamvu.

IKIGABANE CA 49

Yigisha i Galilaya akongera akamenyereza intumwa

Imvugo ngo “ubwami bwo mw’ijuru buregereje” isobanura iki vy’ukuri?

IKIGABANE CA 50

Bariteguriye kwamamaza naho bohamwa

Ni kubera iki Yezu abwira abigishwa biwe guhunga igihe barwanijwe nimba badakwiye gutinya urupfu?

IKIGABANE CA 51

Ibara rigwa ku musi mukuru

Herodi arahimbarwa n’ukuntu Salome atamba ku buryo asezerana kumuha ico amusavye cose. None ni igiki amusaba?

IKIGABANE CA 52

Agaburira ibihumbi akoresheje udukate n’udufi dukeyi

Ico gitangaro ca Yezu kirakomeye ku buryo injili zose uko ari zine zikivuga.

IKIGABANE CA 53

Umutware afise ububasha ku bidukikije

Ni ivyigwa ibihe intumwa zihakura igihe Yezu agendera ku mazi akongera agahwamika umuyaga?

IKIGABANE CA 54

Yezu ni “umukate w’ubuzima”

Ni kubera iki Yezu akarira abantu kandi bagize utwigoro dukomeye kugira baze aho ari?

IKIGABANE CA 55

Benshi batsitazwa n’amajambo ya Yezu

Yezu arigisha ikintu kibabaza ku buryo benshi mu bigishwa biwe baheba kumukurikira.

IKIGABANE CA 56

Ni ibiki vy’ukuri bihumanya umuntu?

Ni ivyinjira mu kanwa canke ibivayo?

IKIGABANE CA 57

Akiza umukobwa n’umugabo w’umuragi

Kubera iki umugore umwe atababara igihe Yezu avuze ko abantu bo mw’ihanga ryiwe ari utubwa?

IKIGABANE CA 58

Imikate n’umwambiro w’Abafarizayo

Abigishwa ba Yezu barateba bagatahura umwambiro ashaka kuvuga uwo ari wo.

IKIGABANE CA 59

Umwana w’umuntu ni nde?

Impfunguruzo z’Ubwami ni iki? Ni nde azikoresha, kandi azikoresha gute?

IKIGABANE CA 60

Berekwa ubuninahazwa bwa Kristu

Kwa guhinduka ukundi kwasobanura iki?

IKIGABANE CA 61

Akiza umuhungu yiziziwe n’idayimoni

Yezu avuga ko ico gitangaro kitakoretse kubera ukwizera guke. None ni nde yabuze ukwizera? Ni uwo muhungu, ni se canke ni abigishwa ba Yezu?

IKIGABANE CA 62

Icigwa gihambaye co kwicisha bugufi

Abagabo bigira icigwa gihambaye ku mwana mutoyi.

IKIGABANE CA 63

Yezu aha intumwa izindi mpanuro zihambaye

Arerekana intambwe zitatu twokwisunga mu gutunganya ingorane zikomeye ziri hagati y’abavukanyi.

IKIGABANE CA 64

Turakwiye kubabarira abandi

Akoresheje ikigereranyo c’umushumba atagira imbabazi, Yezu arerekana ko Imana ibona yuko bihambaye ko tubabarira abandi.

IKIGABANE CA 65

Yigisha ariko aja i Yeruzalemu

Yezu araganira gatoyi n’abantu batatu, akerekana ibintu bishobora kubuza umuntu kumukurikira.

IKIGABANE CA 66

I Yeruzalemu ku musi mukuru w’insago

Ni igiki catumye abumviriza Yezu biyumvira ko arimwo idayimoni?

IKIGABANE CA 67

“Ntiharigera haboneka umuntu avuga nka we”

Sentare nkuru y’Abayuda yose irarwanya Yezu, ariko umwe mu bayigize ararya umutima amenyo akamuvugira.

IKIGABANE CA 68

Umwana w’Imana ni “umuco w’isi”

Yezu yavuze ati: “Ukuri kuzobagira abidegemvya.” None bobohowe mu biki?

IKIGABANE CA 69

Abana ba Aburahamu canke ba Shetani?

Yezu arerekana ingene umuntu yomenya abana ba Aburahamu, akanasigura Se wiwe uwo ari we vy’ukuri.

IKIGABANE CA 70

Yezu akiza umugabo yavutse ari impumyi

Abigishwa barabaza igituma umugabo umwe yavutse ari impumyi. Yoba ari we yacumuye? Boba ari abavyeyi biwe? Abantu ntibavyakira kumwe igihe Yezu amukijije.

IKIGABANE CA 71

Abafarizayo bahangana na wa mugabo yari impumyi

Abafarizayo bararakara bumvise iciyumviro cumvikana gishikirijwe na wa mugabo yahoze ari impumyi. Baca bamuca mw’isinagogi, ico nyene kikaba ari co abavyeyi biwe bari bamye batinya.

IKIGABANE CA 72

Yezu arungika abigishwa 70 kwigisha

Igihe ari i Yudaya, Yezu ararungika abigishwa 70 kwigisha ivyerekeye Ubwami ari babiribabiri. None abo bigishwa basanga he abantu? Mu masinagogi canke mu mihana?

IKIGABANE CA 73

Umugenzi nyakuri ni nde?

Ni gute Yezu akoresha umugani w’Umusamariya w’imbabazi kugira yigishe icigwa gikomeye?

IKIGABANE CA 74

Icigwa cerekeye ubwakiranyi n’isengesho

Yezu aragendera Mariya na Marita iwabo. Ni ibiki yigisha ku bijanye n’ubwakiranyi? Ni ibiki yigisha abigishwa biwe ku bijanye n’ivyo bakwiye gusaba mw’isengesho?

IKIGABANE CA 75

Yezu yerekana isôko ry’agahimbare

Yezu arishura abamurwanya akababwira ivyerekeye “urutoke rw’Imana” n’ingene Ubwami bw’Imana bwabashikiriye. Arerekana kandi ingene abantu boronka agahimbare nyakuri.

IKIGABANE CA 76

Asangira n’Umufarizayo

Yezu ashira ku mugaragaro ubwiyorobetsi Abafarizayo n’abanyabwenge b’ivyanditswe bagira mu bijanye n’ugusenga. Ni imitwaro iyihe iremereye baremeka abantu?

IKIGABANE CA 77

Yezu atanga impanuro ku vyerekeye ubutunzi

Yezu atanga ikigereranyo c’umutunzi yubatse ibigega bininibinini. Ni impanuro iyihe asubiramwo yerekeye akaga ko kurondera amaronko?

IKIGABANE CA 78

Umubwiriza w’umwizigirwa akwiye kwama yiteguye

Yezu arerekana ko arajwe ishinga n’uko abigishwa biwe bagiranira ubucuti bwiza n’Imana. None uwo mubwiriza yobafashije iki? Ni kubera iki impanuro idusaba kuguma twiteguye ihambaye cane?

IKIGABANE CA 79

Agatikizo karimirije

Yezu avuga ko abo ariko arigisha bazotikizwa baramutse batigaye. Boba bazotahura icigwa gihambaye Yezu ariko arabigisha cerekeye ubucuti bafitaniye n’Imana?

IKIGABANE CA 80

Umwungere w’agahebuza n’impongore z’intama

Imigenderanire iri hagati y’umwungere n’intama irerekana neza ukuntu Yezu yiyumvamwo abigishwa biwe. Boba bazokwemera inyigisho ziwe kandi bakamugamburukira?

IKIGABANE CA 81

Yunze ubumwe na Se ariko si Imana

Bamwe mu batyoza Yezu bamwagiriza ngo avuga ko angana n’Imana. Ni gute yerekana ko ivyo birego ari ibinyoma abigiranye ubuhanga?

IKIGABANE CA 82

Igikorwa Yezu yaranguriye i Pereya

Yezu arasigurira abamwumviriza igikenewe kugira barokoke. Iyo mpanuro yari ihambaye muri ico gihe. Bite ho muri iki gihe?

IKIGABANE CA 83

Ni bande Imana itumira ku nzimano?

Igihe Yezu ariko arafungura ku nzu y’Umufarizayo, aratanga ikigereranyo cerekeye inzimano zihambaye. Araha icigwa gikomeye abasavyi b’Imana bose. Ico cigwa ni ikihe?

IKIGABANE CA 84

Kuba umwigishwa ni ibanga rikomeye

Kuba umwigishwa wa Kristu ni ibanga rikomeye. Yezu aratomora neza ico bisaba. Bamwe mu bavuga ko ari abayoboke biwe barababazwa n’ivyo avuze.

IKIGABANE CA 85

Umunezero uhaba igihe umucumuzi yigaye

Abafarizayo n’abanyabwenge b’ivyanditswe baratyoza Yezu kubera yifatanya n’abantu batobato. Mu kubishura, Yezu akoresha uturorero twerekana ukuntu Imana ibona abacumuzi.

IKIGABANE CA 86

Umwana w’icangazi agaruka

Ni ivyigwa ibihe dukura ku karorero Yezu yatanze k’umwana w’icangazi?

IKIGABANE CA 87

Nukoreshe ubwenge mu gutegekanya kazoza

Yezu akoresha akarorero k’umubwiriza w’umutekamutwe kugira yigishe ukuri gutangaje.

IKIGABANE CA 88

Ivya wa mutunzi na Lazaro bihinduka

Kugira dutahure uwo mugani wa Yezu dutegerezwa kubanza kumenya abagereranywa n’abantu babiri nyamukuru bavugwa muri uwo mugani.

IKIGABANE CA 89

Yigisha i Pereya ariko aja i Yudaya

Arerekana ikintu codufasha kubabarira abandi naho boducumurako kenshi.

IKIGABANE CA 90

“Izuka n’ubuzima”

Yezu yashaka kuvuga iki igihe yavuga ko abamwizera ‘batazokwigera bapfa’?

IKIGABANE CA 91

Yezu azura Lazaro

Hari ibintu bibiri bituma n’abarwanya Yezu badashobora guhakana ico gitangaro.

IKIGABANE CA 92

Umwe gusa ni we yibutse gushima

Uwo mugabo yakize ntashimira Yezu gusa, hariho n’uwundi ashimira.

IKIGABANE CA 93

Umwana w’umuntu azohishurwa

Ni gute ikimenyamenya c’uko Kristu yatanguye kuganza cobaye nk’umuravyo?

IKIGABANE CA 94

Ugusenga n’ukwicisha bugufi ni ntahara

Mu karorero atanga kerekeye umucamanza mubi n’umupfakazi, Yezu arashimika ku kintu kimwe gihambaye.

IKIGABANE CA 95

Yigisha ivyerekeye kwahukana no gukunda abana

Ukuntu Yezu abona abana kuratandukanye cane n’ingene abigishwa biwe bababona. Uti kubera iki?

IKIGABANE CA 96

Yezu yishura umutware w’umutunzi

Ni igiki gituma Yezu avuga ko vyoroshe ko ingamiya ica mu zuru ry’urushinge kuruta ko umutunzi yinjira mu Bwami bw’Imana?

IKIGABANE CA 97

Abakozi bo mu murima w’imizabibu

Ni gute aba mbere baba aba nyuma, aba nyuma na bo bakaba aba mbere?

IKIGABANE CA 98

Intumwa zisubira guhahamira ubukuru

Yakobo na Yohani barasaba ikibanza kidasanzwe mu Bwami, ariko si bo bonyene.

IKIGABANE CA 99

Arakiza impumyi akanafasha Zakayo

Naho womenga inkuru zivuga ingene Yezu yakijije impumyi hafi y’i Yeriko ziravuguruzanya, ni kubera iki atari ko biri?

IKIGABANE CA 100

Umugani w’imina cumi

Yezu yashaka kuvuga iki mu kuvuga ngo “Uwo wese afise, azokwongerwa; mugabo uwudafise, n’ico afise azocakwa”?

IKIGABANE CA 101

Yakirwa na Simoni i Betaniya

Mariya mushiki wa Lazaro arakora ikintu kivyura ibihari, ariko Yezu aramuburanira.

IKIGABANE CA 102

Umwami yinjira i Yeruzalemu

Ashitsa amajambo amaze imyaka amajana atanu avuzwe.

IKIGABANE CA 103

Yongera guhumanura urusengero

Bisa n’uko abadandaza b’i Yeruzalemu badandaza mu buryo bwemewe n’amategeko, ni kubera iki none Yezu abita abambuzi?

IKIGABANE CA 104

Abayuda boba bizera naho bumva ijwi ry’Imana?

Hoba hariho itandukaniro hagati yo kwizera Yezu no kubaho twisunga ukwo kwizera?

IKIGABANE CA 105

Icigwa kijanye n’ukwizera

Yezu yigisha abigishwa biwe ibijanye n’ububasha bw’ukwizera akabasigurira n’igituma Imana ihevye ihanga rya Isirayeli.

IKIGABANE CA 106

Uturorero tubiri tujanye n’umurima w’imizabibu

Raba insobanuro y’umugani w’umugabo yasavye abahungu biwe kuja gukora mu murima wiwe w’imizabibu hamwe n’insobanuro y’umugani w’umugabo yakotesheje umurima wiwe w’imizabibu ku barimyi babi.

IKIGABANE CA 107

Umwami ahamagara abatumiwe ku bugeni

Mu vy’ukuri, uwo mugani wa Yezu uvuga ibintu vyorangutse muri kazoza.

IKIGABANE CA 108

Yezu ahindura ubusa imigambi yo kumutega

Abanza kunumya Abafarizayo, hanyuma Abasadukayo, agasozerera ku runani rw’abamurwanya.

IKIGABANE CA 109

Ashira ku mugaragaro abamurwanya

Ni kubera iki Yezu atihanganira ayandi madini?

IKIGABANE CA 110

Umusi wa nyuma Yezu aboneka ku rusengero

Akoresha akarorero k’umupfakazi w’umworo kugira atange icigwa gihambaye.

IKIGABANE CA 111

Intumwa zisaba ikimenyetso

Ubuhanuzi ashikiriza bwararangutse mu kinjana ca mbere. None ntibwoba bufise n’irindi ranguka rihambaye kuruta?

IKIGABANE CA 112

Icigwa cerekeye ukuba maso

Yezu yoba yigishije ko igice kimwe c’abigishwa biwe ari ibijuju, ikindi gice bakaba ari ab’ubwenge?

IKIGABANE CA 113

Icigwa cerekeye ugukorana umwete

Umugani wa Yezu uradufasha gutahura amajambo yiwe agira ati: “Umuntu wese afise azokwongerwa agire umurengera.”

IKIGABANE CA 114

Kristu acira urubanza intama n’impene

Akoresheje umugani ukora ku mutima, Yezu arerekana ibizokwisungwa mu gucirwa urubanza ntabanduka.

IKIGABANE CA 115

Yezu yitegurira Pasika ya nyuma

Ni kubera iki biri n’ico bivuze kubona abakuru b’idini bemera guhemba Yuda ibiceri 30 vy’ifeza kugira agurishe Yezu?

IKIGABANE CA 116

Icigwa c’ukwicisha bugufi kuri Pasika ya nyuma

Aratangaza intumwa mu gukora igikorwa kigenewe abashumba.

IKIGABANE CA 117

Icibutso c’urupfu rwa Yezu

Yezu aratanguza icibutso abayoboke biwe bakwiye kwibuka uko umwaka utashe ku wa 14 Nisani.

IKIGABANE CA 118

Havyuka ibihari vyo kumenya umukuru uwo ari we

Intumwa zamaze kwibagira icigwa Yezu yabigishije imbere y’aho kuri uwo mugoroba.

IKIGABANE CA 119

Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima

Yezu arigisha ukuri guhambaye kujanye n’ingene twokwiyegereza Imana.

IKIGABANE CA 120

Kwama ivyamwa no kuba abagenzi ba Yezu

Ni mu buryo ki abigishwa ba Yezu “bama” ivyamwa?

IKIGABANE CA 121

“Nimugire umutima rugabo! Jewe naratsinze isi”

Ni gute Yezu yatsinze isi kandi ari yo yamwishe?

IKIGABANE CA 122

Isengesho rya nyuma bari mu cumba co hejuru

Aratomora ko yaranguye ikintu gihambaye cane kuruta ugucungura abantu.

IKIGABANE CA 123

Asenga ari mu mubabaro mwinshi

Kubera iki Yezu asenga ati: “Igizayo iki gikombe kimveko”? Yoba agomba gukuramwo akarenge kugira ntaducungure?

IKIGABANE CA 124

Kristu agaburwa akongera agafatwa

Yuda aratora aho Yezu ari naho ari mw’ijoro.

IKIGABANE CA 125

Yezu ajanwa kwa Anasi, hama kwa Kayifa

Ukuntu Yezu asambishwa biratukisha ubutungane.

IKIGABANE CA 126

Petero amwihakana mu rugo kwa Kayifa

Umuntu w’ukwizera gukomeye nka Petero kandi yihebeye Imana, bishoboka gute ngo mu kanya isase yihakane Yezu?

IKIGABANE CA 127

Asambishwa hama akajanwa kwa Pilato

Abakuru b’idini ry’Abayuda barahishura ico bari.

IKIGABANE CA 128

Pilato na Herodi basanga ari intungane

Kubera iki Pilato arungika Yezu kwa Herodi ngo abe ari we amucira urubanza? None Pilato ntafise ububasha bwo gucira urubanza Yezu?

IKIGABANE CA 129

Pilato ati: “Ng’uyu wa mugabo!”

Mbere na Pilato aratangara kubera inyifato ya Yezu.

IKIGABANE CA 130

Yezu atangwa hama akajanwa kwicwa

Kubera iki Yezu abwira abagore batuntuye kwiririra n’abana babo aho kumuririra?

IKIGABANE CA 131

Umwami w’intungane ababarizwa ku giti

Yezu araha umuhango ukomeye umwe muri za nkozi z’ikibi bari bamanikanywe.

IKIGABANE CA 132

“Ni ivy’ukuri, uyu muntu yari Umwana w’Imana”

Umwijima uba ku murango, nyamugigima hamwe n’irido ryo mu rusengero ritabukamwo kubiri, vyose vyerekana ikintu kimwe.

IKIGABANE CA 133

Ikiziga ca Yezu kirategurwa kigahambwa

Ni kubera iki bihutira gufuba Yezu imbere y’uko izuba rirenga?

IKIGABANE CA 134

Imva iragaragara kuko Yezu ari muzima!

Yezu amaze kuzuka abanza kwiyereka umwigishwa w’umugore imbere yo kwiyereka intumwa ziwe.

IKIGABANE CA 135

Yiyereka abantu benshi amaze kuzuka

Ni gute Yezu ajijura abigishwa biwe ko yazuwe?

IKIGABANE CA 136

Ku nkengera y’ikiyaga c’i Galilaya

Petero aributswa incuro zitatu ingene yokwerekana ko akunda Yezu.

IKIGABANE CA 137

Yiyereka abantu amajana imbere ya Pentekoti

Yezu amaze kuzuka arashimika cane ku kintu abigishwa biwe boronse n’ico cobamariye.

IKIGABANE CA 138

Kristu ari iburyo bw’Imana

Ni igiki Yezu yokoze mu kurindira ko ahagurukira abansi biwe?

IKIGABANE CA 139

Yezu azana Iparadizo kandi agasozera igikorwa ciwe

Aracafise vyinshi akora imbere y’uko asubiza Ubwami Imana ikaba na Se.

Kugira wigane Yezu . . .

Yezu yamye agaragaza kamere umunani mu buzima bwiwe bwose.

Ironderero ry’Ivyanditswe

Nukoreshe iri ronderero kugira utore ahantu hari umurongo uwo ari wo wose wo mu Njili muri iki gitabu.

Ironderero ry’uturorero (Imigani)

Rondera muri iki gitabu ikigabane kirimwo akarorero kamwekamwe kose Yezu yatanze.

Ubuhanuzi bukeyi bwerekeye Mesiya

Nuhuze ibintu vyabaye mu buzima bwa Yezu n’ubuhanuzi buvugwa muri Bibiliya bwerekana ko ari Mesiya hamwe n’ibigabane vyo muri iki gitabu ivyo bintu bivugwamwo.

Intara Yezu yabayemwo akongera akigishamwo

Iyi karata irerekana uburere Yezu yaranguriyemwo igikorwa ciwe.