Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima

 IKIGABANE CA 123

Asenga ari mu mubabaro mwinshi

Asenga ari mu mubabaro mwinshi

MATAYO 26:30, 36-46 MARIKO 14:26, 32-42 LUKA 22:39-46 YOHANI 18:1

  • YEZU MW’ITONGO RY’I GETSEMANI

  • ICUYA CIWE GIHINDUKA NK’AMAMA Y’AMARASO

Yezu ahejeje gusenga ari kumwe n’intumwa ziwe z’intahemuka. Maze “bahejeje kuririmba amashemezo, barasohoka ba[ka]ja ku musozi w’Imyelayo.” (Mariko 14:26) Bafata inzira igana mu buseruko bakaja mw’itongo ryitwa Getsemani, ahantu Yezu akunda kuja.

Bashitse aho hantu hateye igomwe mu biti vy’imyelayo, Yezu asiga ng’aho umunani mu ntumwa ziwe. Birashoboka ko basigara hafi y’irembo ry’iryo tongo, kuko ababwira ati: “Icare ng’aha umwanya ngiye harya hirya gusenga.” Nuko ahitana batatu muri bo ari bo Petero, Yakobo na Yohani, akigira imbere muri iryo tongo. Arahagarika umutima cane, akababwira ati: “Umutima wanje uri n’intuntu nyinshi cane, imwe yo kunyica. Sigare ng’aha, mugumane maso nanje.”Matayo 26:36-38.

Yezu yigira hirya yabo gatoyi, ‘akagwa hasi hanyuma agatangura gusenga.’ None asaba Imana iki muri ico gihe kitoroshe? Avuga ati: “Data, vyose birashoboka kuri wewe; igizayo iki gikombe kimveko. Yamara ntibibe ivyo jewe nshaka, ahubwo bibe ivyo wewe ushaka.” (Mariko 14:35, 36) None ashaka kuvuga iki? Yoba agomba gukuramwo akarenge ntashitse ibanga yajejwe ryo kuducungura? Habe namba!

Igihe Yezu yari mw’ijuru, yarabonye umubabaro ukomeye abandi bagira igihe bariko baricwa n’Abaroma. Naho ari umuntu afise impuhwe kandi ashobora kubabara, ivyimirije kumushikira si vyo bimuraje ishinga. Ahubwo riho, ababajwe n’uko yimirije kwicwa nk’inkozi y’ikibi katwa, ivyo bikaba bishobora gusiga iceyi izina rya Se. Mu masaha makeyi araza kumanikwa nk’aho yoba yarogose ku Mana.

Inyuma y’iryo sengesho rirerire, Yezu aragaruka agasanga za ntumwa zitatu zirasinziriye. Abwira Petero ati: “Mbega ntimwashoboye kubana maso nanje n’isaha n’imwe? Gume muri maso kandi mugume musenga, kugira ntimuje mu kigeragezo.” Yezu aratahura ko na bo nyene barushe, kandi n’ijoro rigeze kure. Yongerako ati: “Umutima urashashaye, mugabo umubiri ni goyigoyi.”Matayo 26:40, 41.

Yezu aragenda ubugira kabiri agasaba Imana ngo yigize kure yiwe ‘ico gikombe.’ Agarutse yongera gusanga za ntumwa zitatu zisinziriye, kandi bari bakwiye kuba bariko barasenga kugira ntibatwarwe n’inyosha mbi. Yezu abavugishije, ‘ntibamenya ico bari bumwishure.’ (Mariko 14:40) Yezu aragenda ubugira gatatu hama agapfukama kugira asenge.

Yezu ararajwe ishinga cane n’iceyi urupfu rwiwe ruza gusiga izina rya Se kubera aza kwicwa nk’inkozi y’ikibi. Ariko rero, Yehova arumva ugutakamba kw’Umwana wiwe, ari co gituma amurungikira umumarayika kugira amukomeze. Naho ari ukwo, Yezu ntaca areka gutakambira Se wiwe, ahubwo “arushirizaho gusengana ubwira.” Amaganya Yezu afise mu mutima ararenze. Mbega ibanga rikomeye yikoreye! Ubuzima budahera bwiwe bwite n’ubw’abantu bose bamwizera buri ku manga. Aragera n’aho ‘icuya ciwe gicika nk’amama y’amaraso atibagurikira hasi.’Luka 22:44.

Igihe Yezu agarutse ku ntumwa ziwe ubugira gatatu, yongera gusanga basinziriye. Avuga ati: “Mbega mu gihe nk’iki muriko murisinzirira mwongera mwiruhukira! Ehe isaha iregereje y’uko Umwana w’umuntu agaburwa mu maboko y’abacumuzi. Haguruke, tugende. Ehe nyene kungura aregereje.”Matayo 26:45, 46.

Raba n'ibindi

Kubera iki dukwiye gusenga mw’izina rya Yezu?

Raba ukuntu gusenga mw’izina rya Yezu bitera iteka Imana, n’ukuntu vyerekana ko twubaha Yezu.