Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima

 IKIGABANE CA 94

Ugusenga n’ukwicisha bugufi ni ntahara

Ugusenga n’ukwicisha bugufi ni ntahara

LUKA 18:1-14

  • AKARORERO K’UMUPFAKAZI AKOVYA

  • UMUFARIZAYO N’UMUTOZAKORI

Yezu ahejeje guha abigishwa biwe akarorero kerekana akamaro ko gukovya mu gusenga. (Luka 11:5-13) Ubu ashobora kuba ari i Samariya canke i Galilaya. Arongera gushimika ku kamaro ko gushishikara gusenga. Abigira akoresheje akandi karorero.

Agira ati: “Mu gisagara kimwe hariho umucamanza umwe atatinya Imana akaba kandi atubaha umuntu. Mugabo hariho umupfakazi muri ico gisagara akaba yaguma aja iwe, avuga ati: ‘Raba ingene notunganirizwa nkurweko uwo tuburana.’ Nuko, amara igihe avyanka, mugabo mu nyuma yibwira ati: ‘Naho ntatinya Imana canke ngo nubahe umuntu, uko biri kwose, kubera ko uyu mupfakazi aguma angora, nzoraba ingene yotunganirizwa.’”Luka 18:2-5.

Mu kwerekana insobanuro y’ako karorero, Yezu agira ati: “Umve ivyo nya mucamanza yavuze, naho atari agororotse! Mu vy’ukuri none, Imana ntizotuma ubutungane bushitswa ku bw’abatowe bayo, basemerera bayitakambira umurango n’ijoro, naho yiyumanganya ku biberekeye?” (Luka 18:6, 7) None aho Yezu ashaka kwerekana iki ku bijanye na Se wiwe?

Yezu ntashaka kuvuga ko Yehova Imana ameze nk’uwo mucamanza atagororotse. Ahubwo ashaka kwerekana ikintu gihushanye n’ico: Nimba n’umucamanza atagororotse yishura umuntu aguma amwinginga, hari akantu Yehova Imana. Yehova aragororotse kandi ni umunyabuntu, ntazoreka kwishura abasavyi biwe nibamusenga bakobeje. Ivyo birabonekera mu majambo Yezu yongerako, ati: “Ndabibabwiye: [Imana] izotuma batunganirizwa ningoga.”Luka 18:8.

Abantu batobato na ba ntahonikora akenshi ntibatunganirizwa, ariko abatunzi n’abahambaye bobo bagatoneshwa. Ivyo Imana ntibishima. Igihe kigeze, izokoresha ubutungane bwayo ku buryo abanyakibi bakubitwa intahe mu gahanga, abasavyi bayo na bo baronke impembo y’ubuzima budahera.

Ni bande bafise ukwizera nk’ukwo kw’uwo mupfakazi? Ni bangahe bemera vy’ukuri ko Imana ‘izobatunganiriza ningoga’? Yezu yari ahejeje kwerekana ko dukeneye gukovya mu gusenga. Ubu na ho, ku bijanye no kwizigira ububasha bw’isengesho, abaza ati: “Umwana w’umuntu niyashika, azosanga vy’ukuri ukwizera kw’isi?” (Luka 18:8) Ashaka kwerekana ko ukwizera nk’uko kwobaye ari imbonekarimwe igihe yogarutse.

Bamwebamwe mu bariko barumviriza Yezu bibaza ko bafise ukwizera gukomeye. Bariyizigira ko bagororotse ariko bagasuzugura abandi. Ku bw’ivyo, Yezu abaha akarorero gakurikira.

Agira ati: “Abantu babiri baduze mu rusengero gusenga, umwe akaba yari Umufarizayo, uwundi umutozakori. Nya Mufarizayo arahagarara, atangura gusengera ku mutima ati: ‘Ewe Mana, ndagukengurukira yuko ntameze nk’abandi bantu: abanyazi, abakora ibitagororotse, abarenga ibigo, canke mbere nk’uyu mutozakori. Ndisonzesha kabiri mu ndwi, ngatanga ic’icumi c’ibintu vyose ndonka.’”Luka 18:10-12.

Birazwi ko Abafarizayo bakunda kwiyerekana ko ari abagororotsi. Ivyo babikora kugira batangaze abantu. Bakunze kwisonzesha ku wa mbere no ku wa kane kugira abantu benshi bababone kubera ko iyo misi abantu benshi baba baremye isoko. Baritwararika cane gutanga ikigira cumi mbere n’ic’imboga. (Luka 11:42) Amezi makeyi imbere y’aho, barerekanye ko basuzugura abantu batobato mu kuvuga bati: “Iri sinzi ritazi Itegeko [nk’uko Abafarizayo barisigura] ni ibivume.”Yohani 7:49.

Yezu arabandanya ati: “Mugabo wa mutozakori, ahagaze nka hariya, ntiyagomba no kuraramura amaso yiwe ngo arabe mw’ijuru, mugabo aguma yikubita ku gikiriza, avuga ati: ‘Ewe Mana, ngirira impuhwe jewe umucumuzi.’” Uwo mutozakori aremera yicishije bugufi ko afise utunenge. Yezu asozera ati: “Ndabibabwiye: Uyo muntu yamanutse i muhira iwe abonetse ko ari umugororotsi kuruta urya wundi; kuko uwo wese yishira hejuru azoteterezwa, mugabo uwicisha bugufi we akazoshirwa hejuru.”Luka 18:13, 14.

Gutyo rero, Yezu arerekanye neza akamaro ko kwicisha bugufi. Iyo mpanuro irahambaye ku bigishwa biwe, narirya bakuriye mu kibano c’Abafarizayo bibona ubugororotsi kandi baharanira ubukuru n’ibibanza. Iyo mpanuro kandi irahambaye ku bayoboke ba Yezu bose.

Raba n'ibindi

Imana yoba yumviriza amasengesho yose?

Ni ibiki vyoshobora gutuma amasengesho amwamwe adahimbara Imana? Twokora iki kugira ngo Imana itwumvirize?

Kubera iki Imana itishura amasengesho amwamwe?

Raba amasengesho Imana itishura n’abantu Imana itumviriza.