Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima

 IKIGABANE CA 137

Yiyereka abantu amajana imbere ya Pentekoti

Yiyereka abantu amajana imbere ya Pentekoti

MATAYO 28:16-20 LUKA 24:50-52 IVYAKOZWE 1:1-12; 2:1-4

  • YEZU YIYEREKA ABANTU BENSHI

  • YEZU ADUGA MW’IJURU

  • ASUKA IMPWEMU NYERANDA KU BIGISHWA 120

Yezu amaze kuzuka, aratunganya yuko abonana n’intumwa ziwe 11 ku musozi umwe w’i Galilaya. Abandi bigishwa na bo nyene ni yo bari, bakaba bashika nka 500, bamwe muri bo bakaba bafise amakenga. (Matayo 28:17; 1 Abakorinto 15:6) Ariko rero, ivyo Yezu ababwira biraja kubakura amazinda bose yuko ari muzima vy’ukuri.

Yezu asigura yuko Imana yamuhaye ububasha bwose mw’ijuru no kw’isi. Abahimiriza ati: “Nimugende rero muhindure abantu bo mu mahanga yose abigishwa, mubabatiza mw’izina rya Data n’iry’Umwana n’iry’impwemu nyeranda, mubigisha kwubahiriza ibintu vyose nabategetse.” (Matayo 28:18-20) Emwe, Yezu ni muzima kandi aracarajwe ishinga n’igikorwa co kwamamaza inkuru nziza.

Ico gikorwa co guhindura abantu abigishwa gihabwa abayoboke ba Yezu bose, ushizemwo abagabo, abagore hamwe n’abana. Abansi boshobora kugerageza guhagarika ico gikorwa cabo, yamara Yezu arabasubiriza umutima mu nda ati: “Ububasha bwose narabuhawe mw’ijuru no kw’isi.” None ivyo bisobanura iki ku bayoboke biwe? Ababwira ati: “Ehe ndi kumwe namwe imisi yose gushika ku nsozero y’ivy’isi.” Yezu ntavuga ko abakora igikorwa co kwamamaza bose bazohabwa ububasha bwo gukora ibitangaro. Ariko rero, impwemu nyeranda yobafashe mu mugongo.

Yezu amara “imisi mirongo ine” yiyereka abigishwa biwe amaze kuzuka. Ariyambika imibiri itandukanye maze akabiyereka ‘ari muzima biciye ku bimenyamenya vyinshi bifadika,’ akabigisha “ivyerekeye ubwami bw’Imana.”Ivyakozwe 1:3; 1 Abakorinto 15:7.

Biboneka ko mu gihe intumwa zikiri i Galilaya ari ho Yezu azisaba gusubira i Yeruzalemu. Igihe bakoraniye hamwe mu gisagara, ababwira ati: “Ntimuve i Yeruzalemu, ahubwo mugume murindiriye ico Data yasezeranye, ico mwanyumvanye; kubera ko mu vy’ukuri Yohani yabatirisha amazi, mugabo mwebwe mukazobatizwa mu mpwemu nyeranda mu misi mikeyi iri imbere.”Ivyakozwe 1:4, 5.

Mu nyuma Yezu arongera kubonana n’intumwa ziwe. Arabayobora “abasohokanye, gushika i Betaniya” ku ruhande rwo mu buseruko bw’Umusozi w’imyelayo. (Luka 24:50) Naho Yezu amaze kubabwira ibintu vyinshi ku bijanye n’ukugenda kwiwe, baraciyumvira yuko hari ukuntu Ubwami bwiwe buzoba buri ng’aha kw’isi.Luka 22:16, 18, 30; Yohani 14:2, 3.

Intumwa zibaza Yezu ziti: “Mukama, iki gihe ni ho ugira usubize ubwami Isirayeli?” Ababwira gusa ati: “Si ivyanyu kumenya ivy’ibihe canke ibiringo Data yashize mu bubasha bwiwe bwite.” Arongera gushimika ku gikorwa kibarindiriye ati: “Muzoronka ububasha impwemu nyeranda niyabazako, kandi muzombera ivyabona i Yeruzalemu n’i Yudaya hose n’i Samariya, no gushika mu karere ka kure rwose k’isi.”Ivyakozwe 1:6-8.

Yezu aca atangura kuduga mw’ijuru ari kumwe n’intumwa ziwe aho ku Musozi w’imyelayo. Bidatevye, igicu kiramupfuka ntibasubire kumubona. Aho Yezu amariye kuzuka, yariyambitse ubwoko butandukanye bw’umubiri w’inyama. Ubu rero ariyambura umubiri yari afise maze akaduga mw’ijuru afise umubiri w’impwemu. (1 Abakorinto 15:44, 50; 1 Petero 3:18) Igihe za ntumwa ziwe zikirangamije mw’ijuru zimwitegereza, baza babona “abagabo babiri bambaye impuzu zera” bahagaze iruhande yabo. Ni abamarayika biyambitse umubiri. Nuko bababaza bati: “Bagabo b’i Galilaya, kubera iki muhagaze muraba mw’ijuru? Uyo Yezu akuwe muri mwebwe akakirwa hejuru mw’ijuru, azoza ukwo nyene, nk’uko mumubonye aja mw’ijuru.”Ivyakozwe 1:10, 11.

Yezu yavuye kw’isi ata nzamba zirinze kuvuga. Abigishwa biwe b’intahemuka gusa ni bo babibonye. Azogaruka “ukwo nyene” ata nzamba zirinze kuvuga. Abayoboke biwe b’intahemuka gusa ni bo bomenye ko yabaye Umwami mw’ijuru.

Nuko intumwa ziragaruka i Yeruzalemu. Haciye imisi mikeyi, zirakoranira hamwe n’abandi bigishwa, ushizemwo “Mariya nyina wa Yezu na bene wabo.” (Ivyakozwe 1:14) Uwo mugwi urakovya mu gusenga. Imwe mu ntumbero y’ayo masengesho ni ukurondera umwigishwa yosubirira Yuda Isikariyoti, gutyo igitigiri c’intumwa kikaguma ari 12. (Matayo 19:28) Bashaka umwigishwa yabonye ibikorwa vya Yezu hamwe n’izuka ryiwe. Barakoresha ubupfindo kugira bamenye ivyo Imana igomba, iryo rikaba ari ryo rya nyuma ubupfindo buvugwa muri Bibiliya. (Zaburi 109:8; Imigani 16:33) Uwitwa Matiyasi, uwushobora kuba ari umwe muri bamwe 70 Yezu yarungika kwigisha, ni we atorwa maze “a[ga]haruranwa na za ntumwa cumi n’imwe.”Ivyakozwe 1:26.

Haciye imisi cumi Yezu aduze mw’ijuru, haraba Umusi mukuru wa Pentekoti yo mu 33. Abigishwa nka 120 bakoraniye mu cumba co hejuru i Yeruzalemu. Bukwi na bukwi, baza bumva urwamo nk’urw’umuyaga uhuhuta rwuzuye inzu yose barimwo. Haca haboneka indimi zimeze nk’imbeya z’umuriro, zikaja kuri umwe wese mu bari ng’aho. Abigishwa bose baca batangura kuvuga mu ndimi zitandukanye. Iyo yari ya mpwemu nyeranda Yezu yabasezeranira!Yohani 14:26.