Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima

 IKIGABANE CA 23

Yezu akora ibitangaro i Kaperinawumu

Yezu akora ibitangaro i Kaperinawumu

MATAYO 8:14-17 MARIKO 1:21-34 LUKA 4:31-41

  • YEZU YIRUKANA IDAYIMONI

  • AKIZA INABUKWE WA PETERO

Yezu aramaze gutumira abigishwa bane ari bo Petero, Andereya, Yakobo na Yohani ngo babe abarovyi b’abantu. Ubu rero ni kw’Isabato. Bose baja kw’isinagogi yo ng’aho i Kaperinawumu. Yezu arigisha mw’isinagogi, abantu bakongera gutangazwa n’ingene yigisha. Yigisha nk’umuntu afise ububasha, atari nk’abanyabwenge b’ivyanditswe.

Kuri iyo Sabato, aho mw’isinagogi hari umugabo arimwo idayimoni. Uwo mugabo arasemerera ati: “Duhuriye ku ki nawe, ga Yezu Umunyanazareti? Uje kuduhonya? Ndazi neza uwo uri we, uri wa Mweranda w’Imana.” Yezu arakankamira iyo dayimoni ati: “Cereza, kandi muvemwo!”Mariko 1:24, 25.

Iyo dayimoni ica ikubita uwo mugabo hasi ikamuhotagura maze igasemerera n’ijwi ryayo ryose. Ariko ica imuvamwo “ata co imugize.” (Luka 4:35) Abantu bari mw’isinagogi barumirwa! Babaza bati: “Ibi ni ibiki ga yemwe? Mbere n’impwemu zihumanye arazitegekana ububasha zikamugamburukira.” (Mariko 1:27) Birumvikana ko iyo nkuru itangaje itabura gukwiragira i Galilaya hose.

Yezu n’abigishwa biwe barava muri iyo sinagogi bakaja kwa Simoni ari we Petero. Basanga inabukwe wa Petero arembejwe n’inyonko ikaze. Baringinga Yezu ngo amukize. Nuko Yezu aregera akamufata ukuboko maze akamuvyura. Ako kanya nyene arakira agatangura kwakira Yezu n’abigishwa biwe, kumbure mu kubategurira ibifungurwa.

Ku mugoroba, abantu bo hirya no hino baraza kwa Petero bazanye abarwaye. Mu kanya isase, umengo igisagara cose gikoraniye ng’aho kwa Petero. None bazanywe n’iki? Bashaka ko Yezu abakiza. Emwe, “abantu bose bari bafise abarwaye indwara zitari zimwe babazana kuri we. Arambika ibiganza kuri umwe wese muri bo, arabakiza.” (Luka 4:40) Ego cane, Yezu arabakiza indwara zose barwaye, nk’uko vyari vyaravuzwe. (Yesaya 53:4) Mbere arakiza n’abiziziwe n’amadayimoni. Igihe ayo madayimoni abavamwo, arasemerera ati: “Uri Umwana w’Imana.” (Luka 4:41) Mugabo Yezu arayakankamira, akayabuza kwongera kuvuga. Ayo madayimoni arazi ko Yezu ari we Kristu, kandi Yezu ntashaka ko ayo madayimoni yigira nk’aho ariko akorera Imana y’ukuri.