Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima

 IKIGABANE CA 11

Yohani Umubatizi ategura inzira

Yohani Umubatizi ategura inzira

MATAYO 3:1-12 MARIKO 1:1-8 LUKA 3:1-18 YOHANI 1:6-8, 15-28

  • YOHANI YIGISHA AKONGERA AKABATIZA

  • NAHO ATARI BOSE, BENSHI BARABATIZWA

Imyaka 17 irarangiye uhereye igihe Yezu yariko arabaza ibibazo abigisha mu rusengero afise imyaka 12. Ubu turi ku mpeshi yo mu mwaka wa 29 inyuma ya Kristu. Benshi baguma bavuga ivyerekeye incuti ya Yezu yitwa Yohani, uwo na we akaba ariko arigisha mu gihugu cose mu burengero bw’Uruzi Yorodani.

Ukuntu Yohani aboneka n’ivyo avuga biratangaje. Impuzu ziwe zikozwe mu bwoya bw’ingamiya, kandi yambaye umukaba w’urushato mu mafyinga. Arya inzige, ubwo bukaba ari ubwoko bw’ibihori, hamwe n’ubuki bwo mw’ishamba. None yigisha iki? Agira ati: “Nimwigaye, kuko ubwami bwo mw’ijuru bwegereje.”​—Matayo 3:2.

Ubutumwa Yohani ashikiriza burahimbara abaje kumwumviriza. Benshi baratahura ko bakeneye kwigaya, ni ukuvuga guhindura inyifato yabo, bagaheba ingeso mbi bahora bafise. Abaza kumwumviriza bavuye i “Yeruzalemu na Yudaya yose be n’intara yose yo mu micungararo ya Yorodani.” (Matayo 3:5) Benshi muri bo barigaya. Arababatiza mu kubibiza mu Ruzi Yorodani. Uti kubera iki?

Iyo batisimu ni ikimenyetso canke ikimenyamenya c’uko bigaya bivuye ku mutima kubona bararenze ku mategeko Imana yari yarabahaye. (Ivyakozwe 19:4) Ariko rero, si bose babatizwa. Igihe abakuru b’idini, ari bo Bafarizayo n’Abasadukayo baza kuri Yohani, abita ngo ni “uruvyaro rw’imamba.” Avuga ati: “Nimwame ivyamwa bikwiranye n’ukwigaya; kandi ntimwirye akara ngo: ‘Data ni Aburahamu.’ Kuko ndababwiye yuko Imana ishoboye guhagurukiriza Aburahamu abana ibakuye muri aya mabuye. Ishoka iramaze gushirwa ku muzi w’ibiti; igiti cose rero kitama ivyamwa vyiza kibwirizwa gucibwa kigatererwa mu muriro.”​—Matayo 3:​7-10.

Kubera ko Yohani avugwa cane, agashikiriza ubutumwa bukomeye kandi akaba ariko abatiza abantu benshi, abaherezi n’Abalewi bararungikwa kuri we bakamubaza bati: “Uri nde?”

Yohani ababwira icese ati: “Jewe sindi Kristu.”

Na bo bamubaza bati: “Ni gute none? Uri Eliya?”

Na we ati: “Sindi we.”

Baca bamubaza bati: “Uri wa Muhanuzi none?” Aho bashaka kuvuga wa Muhanuzi ahambaye Musa yavuga ko yoje.​—Gusubira mu vyagezwe 18:15, 18.

Yohani asubizayo ati: “Oya!”

Nuko barakovya bati: “Uri nde? kugira ngo duhe inyishu abaturungitse. Wewe wivugako iki?” Yohani ababwira ati: “Ndi ijwi ry’umuntu ariko arasemerera mu gahinga, ati: ‘Nimugorore inzira ya Yehova,’ nk’uko Yesaya umuhanuzi yavuze.”​—Yohani 1:​19-23.

Nuko bamubaza bati: “Ni kuki none ubatiza nimba ubwawe utari Kristu canke Eliya canke wa Muhanuzi?” Maze abishura mu buryo butomoye ati: “Jewe mbatiza mu mazi. Hagati muri mwebwe harahagaze umuntu mutazi, umwe ariko araza inyuma yanje.”​—Yohani 1:​25-27.

Emwe, Yohani aremeye icese ko ariko arategura inzira mu gufasha abantu kugira umutima utunganye ngo bemere Mesiya yari yaravuzwe, umwe yohavuye aba Umwami. Ku bimwerekeye, Yohani agira ati: “Uwuriko araza inyuma yanje arakomeye kundusha, kandi inkweto ziwe ntibimbereye kuzimwambura.” (Matayo 3:​11) Yohani mbere yongerako ati: “Uwuriko araza inyuma yanje yarandenganye, kuko yabayeho imbere yanje.”​—Yohani 1:15.

Ku bw’ivyo, birabereye ko Yohani ashikiriza ubutumwa bugira buti: “Nimwigaye, kuko ubwami bwo mw’ijuru bwegereje.” (Matayo 3:2) Ivyo birerekana ko Yezu Kristu Umwami yagenywe na Yehova agira atangure igikorwa ciwe co kwigisha.