Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima

 IKIGABANE CA 79

Agatikizo karimirije

Agatikizo karimirije

LUKA 13:1-21

  • YEZU AKURA ICIGWA MU VYAGO BIBIRI VYARI VYASHITSE

  • AKIZA UMUGORE AMUGAYE KW’ISABATO

Yezu aramaze kugerageza uburyo butandukanye kugira afashe abantu kuzirikana ku bucuti bafitaniye n’Imana. Akandi karyo karaboneka inyuma y’ikiganiro agirana n’abantu avuye mu nzu kwa wa Mufarizayo.

Abari ng’aho baramubwira icago giherutse kuba. Bamwiganira ivy’‘Abanyagalilaya [buramatari w’Umuroma Ponsiyo] Pilato yari yavanze amaraso yabo n’ibimazi vyabo.’ (Luka 13:1) None bashaka kuvuga iki?

Kumbure abo Banyagalilaya bishwe igihe Abayuda ibihumbi banka ko Pilato akoresha amahera y’urusengero mu kwubaka umugende uzana amazi i Yeruzalemu. Pilato ashobora kuba yaronse ayo mahera yumvikanye n’abakuru b’urusengero. Abigana iyo nkuru bashobora kuba biyumvira ko abo Banyagalilaya bagize ivyago kubera ibikorwa vyabo bibi, ariko Yezu si ko abibona.

Ababaza ati: “Mbega mwiyumvira yuko abo Banyagalilaya bari abacumuzi babi kuruta abandi Banyagalilaya bose, kubera ko bashikiwe n’ivyo bintu?” Inyishu ni oya. Yamara rero, aca yikora kuri ico kintu cabaye kugira agabishe Abayuda. Avuga ati: “Mutigaye, muzorandurwa mwese nk’ukwo nyene.” (Luka 13:2, 3) Yezu aca avuga ikindi cago kumbure giherutse gushika gishobora kuba gifitaniye isano n’iyubakwa ry’uwo mugende.

Abaza ati: “Bamwe cumi n’umunani umunara wagwako i Silowamu ukabica, mwiyumvira yuko bari bafise umwenda kuruta abandi bantu bose baba i Yeruzalemu?” (Luka 13:4) Kumbure iryo sinzi ryiyumvira ko abo bantu bapfuye kubera ivyaha vyabo. N’ubu Yezu si ko abibona. Arazi ko “ibihe be n’ibishika giturumbuka” bipfa kuza kandi ko ari vyo vyatumye haba ico cago. (Umusiguzi 9:11) Ariko rero, abantu bari bakwiye gukura icigwa kuri ivyo bintu vyabaye. Yezu avuga ati: “Mutigaye, muzorandurwa mwese nk’ukwo nyene.” (Luka 13:5) Ariko none ni kubera iki ubu ari ho ashimika kuri ico cigwa?

Birafitaniye isano n’aho agejeje igikorwa, ari na co gituma atanga akarorero gakurikira: “Umuntu umwe yari afise igiti c’umusukoni gitewe mu murima wiwe w’imizabibu, hanyuma aza kukironderako ivyamwa, mugabo ntiyaronka namba. Maze abwira umukozi wo mu murima w’imizabibu ati: ‘Raba imyaka itatu iraheze nza kurondera ivyamwa kuri iki giti c’umusukoni, mugabo sinaronse namba. Cicire! Kubera iki none cobandanya gupfisha ivu ubusa?’ Amwishura ati: ‘Databuja, kireke n’uyu mwaka, gushika nimvye iruhande yaco ngashiraho intabire; maze nicama muri kazoza, bizoba ari vyiza; mugabo nikitama, uze ucicire.’”Luka 13:6-9.

Yezu aramaze imyaka irenga itatu agerageza gufasha Abayuda kumwizera. Yamara rero, bakeyi ni bo babaye abigishwa biwe, abo twokwita ivyamwa bivuye mu gikorwa ciwe. Ni umwaka ugira kane atanguye igikorwa ciwe, kandi ararushiriza kwongereza utwigoro. Ni nk’aho ariko arimba iruhande y’ico giti c’umusukoni yongera ashiramwo intabire, mu kwamamaza i Yudaya n’i Pereya. None havamwo iki? Abayuda bakeya gusa ni bo bitabira akamo kiwe. Muri rusangi, iryo hanga ryaranse kwigaya kandi rigiye kurandurwa.

Inyuma y’aho gatoyi, hakaba ari kw’Isabato, Abayuda barasubira kwanka kwitabira akamo ka Yezu. Yezu ariko yigisha mw’isinagogi. Abona umugore amaze imyaka 18 ahetamye kubera idayimoni imuturubika. Aramwumvira ikigongwe, akamubwira ati: “Mugore, urabohowe ubugoyagoye bwawe.” (Luka 13:12) Yezu aca amurambikako ibiganza, ubwo nyene uwo mugore agaca agororoka agatangura kuninahaza Imana.

Ivyo birababaza umukuru w’isinagogi maze akavuga ati: “Hari imisi itandatu ibwirizwa gukorwako ibikorwa; kuri iyo misi rero abe ari ho muza, mukizwe, atari ku musi w’isabato.” (Luka 13:14) Uwo mukuru w’isinagogi ntahakana ko Yezu afise ububasha bwo gukiza; ahubwo yiyamiriza abantu baje gukizwa kw’Isabato! Yezu aca atomora ati: “Mwa biyorobetsi mwe, mbega umwe wese muri mwebwe kw’isabato ntazitura ishūri yiwe canke indogobwa yiwe mu ruhongore akayishora ku mazi? None ntivyari bikwiriye ko uyu mugore, umukobwa wa Aburahamu, uwo Shetani yamaze imyaka cumi n’umunani yose aboshe, abohorwa izo mvuto ku musi w’isabato?”Luka 13:15, 16.

Abarwanya Yezu bararya ivyatsi ariko amasinzi akaryoherwa kubera ibintu vy’akumiza babona Yezu akora. Maze ari ng’aho i Yudaya, Yezu arasubiramwo ibigereranyo bibiri vyerekeye Ubwami, akaba yari yarigeze kubivuga ari mu bwato ku Kiyaga c’i Galilaya.Matayo 13:31-33; Luka 13:18-21.