Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima

 IKIGABANE CA 44

Yezu atururuza igihuhusi ku kiyaga

Yezu atururuza igihuhusi ku kiyaga

MATAYO 8:18, 23-27 MARIKO 4:35-41 LUKA 8:22-25

  • YEZU ATURURUZA IGIHUHUSI KU KIYAGA C’I GALILAYA

Yezu yiriwe mu kazi kenshi, akaba yarushe yasanzaye. Bugorovye, abwira abigishwa biwe ati: “Tujabuke tuje ku yindi nkengera,” ni ukuvuga hakurya y’akarere k’i Kaperinawumu.Mariko 4:35.

Hakurya ku nkengera yo mu buseruko y’Ikiyaga c’i Galilaya hari intara y’Abageraseni. Ako karere kitwa kandi Dekapoli. Ibisagara bigize ako karere bigwiriyemwo Abagiriki, naho birimwo n’Abayuda batari bake.

Abantu baramenya ko Yezu avuye i Kaperinawumu. Hashobora kuba hariho n’ayandi mato abakurikira. (Mariko 4:36) Mu vy’ukuri, hakurya si kure cane. Ico kiyaga gifise uburebure bw’ibilometero nka 21 n’ubwaguke butarenga ibilometero 12. Ariko rero, ico kiyaga si kirekire uja mu kuzimu.

Naho Yezu ari umuntu atunganye, birumvikana ko arushe kubera akazi kenshi yaranguye. Ubwato bumaze guhaguruka, Yezu araryama ku musego mu gice c’inyuma c’ubwato, maze agatiro kakamutwara.

Naho benshi mu ntumwa ziwe bazi gusoza ubwato, urwo rugendo ntiruja kuborohera. Ico kiyaga gikikujwe n’imisozi, bigatuma kenshi gishuha. Rimwe na rimwe, umuyaga ukanye uvuye mu misozi urahuhuta umanuka ugaca uhura n’ubushuhe bw’ico kiyaga, bigatuma mu kiyaga haduka ibihuhusi bikaze. Ivyo ni vyo bishika muri ako kanya. Bidatevye, imikuba iratangura kwiseka kuri nya bwato. Ubwo bwato buca “butangura kwuzura amazi, ba[ka]ja mu kaga.” (Luka 8:23) Ariko rero, Yezu aguma asinziriye!

Abo bagabo barakora hasi hejuru kugira bayobore ubwo bwato, bakikora ku buhinga bari basanzwe bakoresha igihe hari ibihuhusi. Ariko ubu ho si aho gutuma umwana. Kubera babona ko ubuzima bwabo bugeramiwe, barakangura Yezu bakamubwira bati: “Mukama, dukize, tugira duhone!” (Matayo 8:25) Abigishwa baratinya ko bohava basoma nturi!

Yezu yikanguye, abwira intumwa ziwe ati: “Kubera iki muri n’umutima uhuha, mwa bantu b’ukwizera guke mwe?” (Matayo 8:26) Yezu aca ategeka uwo muyaga n’ikiyaga ati: “Hora! Tekereza!” (Mariko 4:39) Nuko nya gihuhusi kirahwama, ikiyaga na co kigatekana. (Mu kwigana iyo nkuru itangaje, Mariko na Luka babanza kwigana ingene Yezu atururuza ico gihuhusi, bagaca bavuga ko abigishwa bari bafise ukwizera guke.)

Ibaze ingene abigishwa batangazwa n’ico kintu! Bahejeje kwibonera ingene ikiyaga cari cahumaganye gihinduka kigatekana. Baratekerwa n’ubwabo, bakabazanya bati: “None uyo ni nde, ko mbere n’umuyaga n’ikiyaga bimugamburukira?” Amaherezo barashika hakurya badora. (Mariko 4:41–5:1) Birashoboka ko ya mato yari yabakurikiye yasubiye inyuma.

Ese ingene bihumuriza kumenya ko Umwana w’Imana afise ububasha ku bidukikije! Niyafata ibintu mu minwe mu gihe c’ingoma yiwe, abantu bo kw’isi bazokwiberaho mu mutekano, kuko ata vyago vy’ivyaduka bizosubira kubaho!

Raba n'ibindi

Ubwami bw’Imana ni iki?

Umwami w’Ubwami bw’Imana ni nde, kandi ni ibiki ubwo Bwami buzoshikako?

‘Kirisitu, Ubushobozi bw’Imana’

Ibitangaro n’inyigisho vya Yezu Kristu bihishura iki ku vyerekeye Yehova?