Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima

 IKIGABANE CA 95

Yigisha ivyerekeye kwahukana no gukunda abana

Yigisha ivyerekeye kwahukana no gukunda abana

MATAYO 19:1-15 MARIKO 10:1-16 LUKA 18:15-17

  • INGENE IMANA IBONA UKWAHUKANA

  • IMPANO YO KUTUBAKA

  • BIRAHAMBAYE KUMERA NK’ABANA BATO

Yezu n’abigishwa biwe barava i Galilaya bakajabuka Uruzi Yorodani maze bagafata inzira ija mu bumanuko baciye i Pereya. Igihe Yezu aheruka i Pereya, yaratomoreye Abafarizayo ukuntu Imana ibona ukwahukana. (Luka 16:18) N’ubu barongera kuvyura ico kibazo kugira bamugerageze.

Musa yanditse ko umugabo ashobora kwirukana umugore wiwe igihe amubonyeko “ikintu kitabereye.” (Gusubira mu vyagezwe 24:1) Hari ivyiyumviro bitandukanye rero ku bijanye n’imvo zotuma haba ukwahukana. Bamwe biyumvira ko harimwo n’udukosa dutoduto. Abafarizayo babaza bati: “Vyoba vyemewe ko umugabo yirukana umugore wiwe ku mvo iyo ari yo yose?”Matayo 19:3.

Aho kwishimikiza ivyiyumviro vy’abantu, Yezu yishurana ubuhanga mu kwerekeza ku ntumbero yatumye Imana itanguza umubano w’ababiranye. Agira ati: “Mbega ntimwasomye yuko uwabaremye kuva mu ntango yabagize umugabo n’umugore, akavuga ati: ‘Ni co gituma umugabo azosiga se na nyina akifatanya n’umugore wiwe, kandi abo babiri bazoba umubiri umwe’? Ku buryo bataba bakiri babiri, ahubwo baba ari umubiri umwe. Ku bw’ivyo rero, ico Imana yaboheye ku ngǒgo imwe, umuntu ntakagitanye.” (Matayo 19:4-6) Igihe Imana yatanguza umubano hagati ya Adamu na Eva, nta vyo kwahukana yategekanya.

Abafarizayo barahakana ivyo Yezu avuze, bakagira bati: “Kubera iki none Musa yashizeho itegeko ry’uko umuntu atanga icete co gusezerera umugore agaheza akamwirukana?” (Matayo 19:7) Yezu ababwira ati: “Musa yabemereye kwirukana abagore banyu kubera ugukomantara kw’imitima yanyu, mugabo ukwo si ko vyari kuva mu ntango.” (Matayo 19:8) Aho “mu ntango” si mu gihe ca Musa; ni igihe Imana yatanguza umubano w’ababiranye muri Edeni.

Yezu aca ashikiriza uku kuri guhambaye, ati: “Ndababwiye yuko uwo wese yirukana umugore wiwe atamuhoye ubusambanyi [mu kigiriki: por·neiʹa] akarongora uwundi, aba arenze ibigo.” (Matayo 19:9) Ubuhumbu ni yo mvo yonyene ishingiye ku Vyanditswe yotuma haba ukwahukana.

Ivyo bituma abigishwa bavuga bati: “Nimba ivy’umugabo n’umugore wiwe ari ukwo bimeze, umuntu yopfuma areka kwubaka.” (Matayo 19:10) Biratomoye rero ko uwutegekanya kwubaka akwiye gutahura ko umubano ari indagano yamaho!

Ku bijanye no kutubaka, Yezu asigura ko hari abavuka ari inkone, bakaba badashobora kurangura amabanga y’abubatse. Hari abandi bagirwa inkone, bigatuma batabasha. Hari n’abandi bihoza icipfuzo co kurangura amabanga y’abubatse. Ivyo babigira kugira bihebere igikorwa c’Ubwami. Yezu ahimiriza abamwumviriza ati: “Uwushoboye kuvyemera navyemere.”Matayo 19:12.

Ubu na ho abantu batangura kuzanira abana Yezu. Ariko rero, abigishwa barabakarira, kumbure kubera yuko badashaka ko bagora Yezu. Yezu abibonye biramubabaza, akababwira ati: “Nimureke abana batoyi baze kuri jewe; ntimugerageze kubabuza, kuko ubwami bw’Imana ari ubw’abameze nk’abo. Ni ukuri ndabibabwiye: Uwo wese atakira ubwami bw’Imana nk’umwana mutoyi ntazogenda abwinjiyemwo.”Mariko 10:14, 15; Luka 18:15.

Mbega icigwa ciza! Kugira ngo twinjire mu Bwami bw’Imana dutegerezwa kwifata ruto no kwemera kwigishwa nka kurya kw’abana batoyi. Yezu aca yerekana ukuntu akunda abana mu kubaterura akongera akabahezagira. Kandi ukwo ni ko akunda cane uwo wese “[ya]kira ubwami bw’Imana nk’umwana mutoyi.”Luka 18:17.

Raba n'ibindi

Bibiliya yoba yemera ukwahukana?

Numenye ico Imana yemera be n’ico yanka.