Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 13

Niwigire ku kuntu Yezu yihanganiye ibigeragezo

Niwigire ku kuntu Yezu yihanganiye ibigeragezo

MATAYO 4:1-11 MARIKO 1:12, 13 LUKA 4:1-13

  • SHETANI AGERAGEZA YEZU

Yohani akimara kubatiza Yezu, impwemu y’Imana ica iyobora Yezu mu gahinga k’i Yudaya. Afise ibintu vyinshi vyo kuzirikanako. Igihe Yezu yabatizwa, ‘ijuru ryaciye ryuguruka.’ (Matayo 3:​16) Arashobora rero kwibuka ibintu yize be n’ivyo yakoze akiri mw’ijuru. Ego cane, arafise ibintu vyinshi azirikanako!

Yezu amara imisi 40 n’amajoro 40 ari mu gahinga. Muri ico gihe nta kintu ashira ku munwa. Shetani rero ahengera inzara imugeze habi, agaca aza kugira amugerageze, akamubwira ati: “Nimba uri umwana w’Imana, bwira aya mabuye acike imikate.” (Matayo 4:3) Kubera yuko Yezu azi ko ari bibi gukoresha ububasha bwiwe bwo gukora ibitangaro ku nyungu ziwe, aramirira kure ico kigeragezo.

Shetani ntagarukira aho. Aragerageza ubundi buryo. Abwira Yezu ngo yikororere hasi avuye hejuru ku rusengero. Ariko Yezu ntiyemera gukora ico kintu co kwiyerekana. Akoresheje Ivyanditswe, Yezu arerekana ko ari bibi kugerageza Imana muri ubwo buryo.

Ubugira gatatu, Shetani yereka Yezu “ubwami bwose bw’isi be n’ubwiza bwabwo” maze akamubwira ati: “Ivyo vyose ndabiguha niwapfa kwikubita hasi ukansenga.” Yezu arongera kumwiyamiriza, ati: “Ja hiyo, Shetani!” (Matayo 4:​8-​10) Ntiyemera gutsindwa n’izo nyosha mbi, kubera azi yuko Yehova wenyene ari we abereye gusengwa. Emwe, ahitamwo kuguma ari umwizigirwa ku Mana.

Turashobora gukura ivyigwa kuri ivyo bigeragezo n’ukuntu Yezu yavyifashemwo. Ivyo bigeragezo si umugani, bikaba vyerekana ko Shetani atari ikibi gusa kiri mu muntu nk’uko bamwebamwe babivuga. Arabaho koko naho ataboneka. Iyo nkuru irerekana kandi ko intwaro zo kw’isi ari iza Shetani; ni we aziganza. None yari kuzemerera Yezu kandi atari rwiwe?

N’ikindi kandi, Shetani yavuze ko Yezu aramutse yemeye kumusenga rimwe gusa yari kumuha ivyo ashaka vyose, mbere n’ubwami bwose bw’isi. Shetani yoshobora kutugerageza mu buryo busa n’ubwo, nko mu kuduha uturyo two kuronka ubutunzi, ububasha canke igiti. Ese ingene vyoba ari vyiza twiganye akarorero ka Yezu ntiduhemukire Imana naho twoshikirwa n’ikigeragezo kimeze gute! Ariko rero, uribuka ko Shetani yabaye araretse Yezu “kugeza aronse akandi karyo keza.” (Luka 4:​13) Ivyo na twebwe vyoshobora kudushikira, ari co gituma dukwiye kuguma turikanuye.