Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima

 IKIGABANE CA 104

Abayuda boba bizera naho bumva ijwi ry’Imana?

Abayuda boba bizera naho bumva ijwi ry’Imana?

YOHANI 12:28-50

  • BENSHI BARUMVA IJWI RY’IMANA

  • ISHINGIRO RYO GUCA URUBANZA

Ni ku wa mbere itariki 10 Nisani. Yezu ari ku rusengero, akaba ariko avuga ibijanye n’urupfu rwiwe rwimirije. Kubera arajwe ishinga n’ingaruka bizogira kw’izina ry’Imana, avuga ati: “Data, ninahaza izina ryawe.” Haca humvikana ijwi rikomeye rivuye mw’ijuru riti: “Nararininahaje kandi nzokwongera kurininahaza.”Yohani 12:27, 28.

Abantu bari ng’aho barazazanirwa. Bamwe biyumvira ko bumvise umuturagaro. Abandi na bo bavuga bati: “Umumarayika avuganye na we.” (Yohani 12:29) Yamara rero, Yehova ni we ahejeje kuvuga! Kandi iryo si irya mbere abantu bumvise ijwi ry’Imana rivuga ku bijanye na Yezu.

Imyaka itatu n’igice imbere y’aho, igihe Yezu yabatizwa, Yohani Umubatizi yarumvise Imana ivuga ivyerekeye Yezu iti: “Uyu ni Umwana wanje, umukundwa, uwo nashimye.” Haciye igihe, inyuma ya Pasika yo mu 32, Yezu yarahindutse ukundi imbere ya Yakobo, Yohani na Petero. Abo bagabo batatu barumvise Imana ivuga iti: “Uyu ni Umwana wanje, umukundwa, uwo nashimye; nimumwumvirize.” (Matayo 3:17; 17:5) Ariko ubu hoho, kuri iyi ncuro igira gatatu, Yehova aravuga ku buryo abantu benshi bamwumva!

Yezu avuga ati: “Iryo jwi ntiryumvikanye ku bwanje, ahubwo ryumvikanye ku bwanyu.” (Yohani 12:30) Ni ikimenyamenya cemeza ko ari Umwana w’Imana vy’ukuri, Mesiya yari yarasezeranywe.

Vyongeye, ukuntu Yezu yabayeho ari umwizigirwa ni akarorero dukwiye kwigana kandi biremeza ko Shetani wa mutware w’iyi si akwiye gupfa. Yezu avuga ati: “Ubu iyi si iraciriwe urubanza; ubu umutware w’iyi si agira atabwe hanze.” Urupfu rwa Yezu rwimirije si ugutsindwa, ahubwo ruzoba ari intsinzi. Uti gute? Asigura ati: “Yamara jewe, ninaduzwa ngakurwa kw’isi, nzokwikwegerako abantu b’uburyo bwose.” (Yohani 12:31, 32) Biciye ku rupfu rwiwe, Yezu azokwikwegerako abandi bantu, bitume bashobora kuronka ubuzima budahera.

Isinzi ngo ryumve ivyo Yezu avuze ku bijanye no ‘kuduzwa,’ risubizayo riti: “Twumvise mw’Itegeko yuko Kristu agumaho ibihe vyose; none uvuga gute yuko Umwana w’umuntu ategerezwa kuduzwa? Uwo Mwana w’umuntu ni nde?” (Yohani 12:34) Naho bafise ibimenyamenya vyinshi, ushizemwo n’ijwi ry’Imana ubwayo, benshi muri bo ntibemera ko Yezu ari Umwana w’Imana vy’ukuri, umwe Mesiya yasezeranywe.

Nk’uko yari amaze kubigira, Yezu avuga ko ari “umuco.” (Yohani 8:12; 9:5) Ahimiriza iryo sinzi ati: “Umuco uzoba muri mwebwe akandi kanya gatoyi. Nimugende umwanya mugifise umuco, kugira ngo umwiza ntubaneshe . . . Umwanya mugifise umuco, nimwizere umuco, kugira ngo mucike abana b’umuco.” (Yohani 12:35, 36) Yezu aca ava ng’aho akagenda, kubera yuko ari itariki 10 Nisani, hakaba hataragera ko apfa. Kuri Pasika itariki 14 Nisani ni ho ‘azoduzwa’ amanikwe ku giti.Abagalatiya 3:13.

Dutereje amaso inyuma ku gikorwa ca Yezu, biraboneka ko Abayuda bariko barashitsa ubuhanuzi igihe banka kumwizera. Yesaya yaravuze ko abantu bohumwe amaso, imitima yabo na yo igakomantara ku buryo badahindukira ngo bakizwe. (Yesaya 6:10; Yohani 12:40) Ego cane, Abayuda benshi baranse n’ibigirankana kwemera ibimenyamenya vyerekana ko Yezu ari we Murokozi wabo yari yarasezeranywe, ni ukuvuga inzira ijana mu buzima.

Nikodemu, Yozefu w’i Arimateya n’abandi batware benshi ‘barizeye Yezu vy’ukuri.’ Ariko none, ubwo bazokwatura ko bamwizera canke bazotinya kubigira, kubera banka gucibwa mw’isinagogi canke kubera ‘bakunda ubuninahazwa bw’abantu’?Yohani 12:42, 43.

Yezu ubwiwe arasigura ico kumwizera bisobanura. Agira ati: “Uwunyizeye ntaba yizeye jewe gusa, ahubwo aba yizeye n’uwandungitse; kandi uwumbonye aba abonye n’uwandungitse.” Ukuri Imana yategetse Yezu kwigisha, ari na kwo Yezu abandanya gutangaza, kurahambaye ku buryo avuga ati: “Uwunkengera ntiyakire amajambo yanje ari n’uwumucira urubanza. Ijambo navuze ni ryo rizomucira urubanza ku musi wa nyuma.”Yohani 12:44, 45, 48.

Yezu aca asozera ati: “Kuko ntavuze ndavyitumye, ahubwo Data ubwiwe yandungitse ni we yampaye ibwirizwa ry’ivyo ntegerezwa kumenyesha n’ivyo ntegerezwa kuvuga. Kandi ndazi yuko ibwirizwa ryiwe risobanura ubuzima budahera.” (Yohani 12:49, 50) Yezu arazi ko hasigaye igihe gitoyi amaraso yiwe agaseseka kugira acungure abantu bamwizera.Abaroma 5:8, 9.

Raba n'ibindi

Mesiya ashika

Yehova yakoresheje gute abamarayika na Yohani Umubatizi kugira ngo yerekane ko Yezu ari we Mesiya? Yehova yerekanye gute mu buryo butomoye ko Umwana wiwe ari we Mesiya?