Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima

 IKIGABANE CA 28

Kubera iki abigishwa ba Yezu batisonzesha?

Kubera iki abigishwa ba Yezu batisonzesha?

MATAYO 9:14-17 MARIKO 2:18-22 LUKA 5:33-39

  • ABIGISHWA BA YOHANI BABAZA YEZU IBIJANYE NO KWISONZESHA

Yohani Umubatizi aramaze igihe apfunzwe kuva aho Yezu yitabiye Pasika yo mu 30. Naho Yohani ashaka ko abigishwa biwe bakurikira Yezu, si bose babikora inyuma y’aho Yohani apfungiwe.

Ubu na ho, Pasika yo mu 31 iregereje. Bamwe mu bigishwa ba Yohani baraza kuri Yezu bakamubaza bati: “Kubera iki twe n’Abafarizayo twisonzesha mugabo abigishwa bawe ntibisonzeshe?” (Matayo 9:14) Abafarizayo barakurikiza umugenzo w’idini wo kwisonzesha. Mu nyuma, Yezu mbere arakoresha ikigereranyo c’Umufarizayo yuzuye ubwibone asenga ati: “Ewe Mana, ndagukengurukira yuko ntameze nk’abandi bantu. . . . Ndisonzesha kabiri mu ndwi.” (Luka 18:11, 12) Birashoboka ko n’abigishwa ba Yohani bahora bakurikiza uwo mugenzo, canke na ho ugasanga bisonzesha kubera Yohani ari mw’ibohero. Abantu kandi baribaza igituma abigishwa ba Yezu bobo batisonzesha, kumbure mu kwifatanya n’abandi mu kugaragaza akababaro bafise kubera ivyashikiye Yohani.

Mu kwishura, Yezu akoresha ikigereranyo ati: “None abagenzi b’umukwe hari impamvu bafise yo kugandara kandi umukwe akiri kumwe na bo? Mugabo hazoza imisi aho umukwe azokurwa muri bo, ni ho rero bazoheza bakisonzesha.”Matayo 9:15.

Yohani ubwiwe yaravuze ko Yezu ari umukwe. (Yohani 3:28, 29) Abigishwa ba Yezu rero ntibakeneye kwisonzesha kuko Yezu akiri kumwe na bo. Mu nyuma Yezu niyapfa, bazogandara bongere bisonzeshe. Ariko niyamara kuzuka ibintu bizohinduka! Nta mpamvu n’imwe bazoba bafise yo kwisonzesha.

Ubukurikira, Yezu atanga ibigereranyo bibiri, ati: “Nta wushonera ikiremo c’impuzu nshasha ku mpuzu yo hejuru ishaje; kuko inkomezi zaco zose zokwega nya mpuzu yo hejuru, ugutabuka kugaca kwunyuka. Eka mbere nta bashira umuvinyu mushasha mu mikuza y’inshato ishaje; kuko babigize iyo mikuza y’inshato iturika, nya muvinyu ugaseseka, ya mikuza na yo igashwanyagurika. Mugabo umuvinyu mushasha bawushira mu mikuza y’inshato mishasha.” (Matayo 9:16, 17) None Yezu ashaka kavuga iki?

Yezu ariko afasha abigishwa ba Yohani Umubatizi gutahura ko ata muntu akwiye kwitega ko abigishwa ba Yezu bisunga imigenzo ishaje y’idini ry’Abayuda, nk’ukwisonzesha. Ntiyaje gusanasana canke kubandanya uburyo bwo gusenga bushaje bwari bugiye gukurwaho. Yezu ntahimiriza abantu kwisunga ugusenga kw’idini ry’Abayuda ryo muri ico gihe kwuzuyemwo imigenzo y’abantu. Ntagerageza gutera ikiremo gishasha ku mpuzu ishaje canke gushira umuvinyu mushasha mu mukuza w’urushato ushaje kandi udadaraye.