Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima

 IKIGABANE CA 7

Abaragurira ku nyenyeri baza kuraba Yezu

Abaragurira ku nyenyeri baza kuraba Yezu

MATAYO 2:1-12

  • ABARAGURIRA KU NYENYERI BAKURIKIRA “INYENYERI” IKABAJANA I YERUZALEMU HAMA IKABAJANA AHO YEZU ARI

Hari abagabo baje bava mu buseruko. Ni abaragurira ku nyenyeri. Barihweza ukuntu inyenyeri zipanze, bakavuga ko ivyo bituma bashobora kumenya insobanuro y’ibishika mu buzima bw’abantu. (Yesaya 47:13) Bakiri iwabo mu buseruko, barabonye “inyenyeri” maze barayikurikira ibilometero n’ibindi. Iyo nyenyeri ibatwara i Yeruzalemu aho kubatwara i Betelehemu.

Bashitseyo, babaza bati: “Wa mwami w’Abayuda yavutse ari hehe? Kuko twabonye inyenyeri yiwe igihe twari mu buseruko, tukaba tuje kumwunamira.”Matayo 2:1, 2.

Umwami Herodi w’i Yeruzalemu arumva iyo nkuru bikamushavuza cane. Aca atumako abakuru b’abaherezi n’izindi ndongozi z’idini ry’Abayuda, akababaza aho Kristu yovukiye. Bisunze Ivyanditswe, bamwishura bati: “I Betelehemu.” (Matayo 2:5; Mika 5:2) Avyumvise, aca atumako mu mpisho bamwe baragurira ku nyenyeri, akababwira ati: “Nimugende, murondere uwo mwana mutoyi muvyitondeye, nimwamara kumutora mugaruke kubimbwira, kugira nanje ngende kumwunamira.” (Matayo 2:8) Ariko rero, Herodi ashaka kumenya aho uwo mwana ari kugira amwice!

Abo bagabo bahavuye, haca haba ikintu gitangaje. Ya “nyenyeri” babona bari mu buseruko ica ibaja imbere. Birumvikana ko iyo atari inyenyeri isanzwe, ahubwo yari igenewe kubayobora. Barayikurikira gushika ihagaze hejuru y’inzu Yozefu na Mariya hamwe n’umwana wabo babamwo.

Aho binjiriye mu nzu, bahasanga Mariya ari kumwe n’umwana mutoyi Yezu. Nya bagabo barunamira Yezu, maze bakamushikanira inzahabu, imibavu n’imira. Mu nyuma, bagira basubire kwa Herodi, Imana irababuza mu ndoto ngo ntibajeyo. Nuko baca basubira mu gihugu iwabo baciye mu yindi nzira.

Wibaza ko ari nde yarungitse iyo “nyenyeri” kugira iyobore abo bantu? Ibuka ko itashotse ibajana i Betelehemu aho Yezu yari ari. Ahubwo yabajanye i Yeruzalemu, aho babonanye n’Umwami Herodi yagomba kwica Yezu. Kandi yari kumwica iyo Imana itahaseruka ngo ibuze abo bantu kubwira Herodi aho Yezu ari. Biratomoye rero ko ari Shetani wa mwansi w’Imana yagomba kwica Yezu, agaca akoresha ubwo buryo kugira ashike ku ntumbero yiwe.

Raba n'ibindi

Yezu Kristu—Ni igiki dukwiye kwibuka ku bijanye na we?

Twoba dukwiye kwibuka Yezu nk’akayoya gusa? Ba bagabo bitwa ngo ni abanyabwenge baje kumuraba, bari bande? Yezu ariko akora iki muri iki gihe?