Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima

 IKIGABANE CA 73

Umugenzi nyakuri ni nde?

Umugenzi nyakuri ni nde?

LUKA 10:25-37

  • INGENE UMUNTU YOTORANA UBUZIMA BUDAHERA

  • UMUSAMARIYA W’IMBABAZI

Igihe Yezu akiri hafi y’i Yeruzalemu, Abayuda batari bake baraza aho ari. Bamwe bipfuza kwumviriza inyigisho ziwe, abandi na bo bashaka kumugerageza. Umwe muri bo, akaba ari umuhanga mu vyagezwe, abaza Yezu ati: “Mwigisha, nokora iki ngo nze ntorane ubuzima budahera?”Luka 10:25.

Yezu arabona ko uwo mugabo atariko abaza kugira amenye gusa. Ashobora kuba arondera ko Yezu yishura mu buryo bubabaza Abayuda. Yezu arabona ko uwo mugabo asanzwe afise inyishu kuri ico kibazo. Aca rero akoresha ubwenge, akamwishura mu buryo butuma uwo mugabo aserura akari ku mutima.

Yezu amubaza ati: “Handitswe iki mw’Itegeko? Usoma gute?” Uwo mugabo yarize ya mategeko Imana yahaye Abisirayeli, akaba ari co gituma ashingira inyishu yiwe kuri yo. Asubiramwo amajambo ari mu Gusubira mu vyagezwe 6:5 no mu Balewi 19:18, ati: “‘Utegerezwa gukunda Yehova Imana yawe n’umutima wawe wose n’ubuzima bwawe bwose n’inguvu zawe zose n’umuzirikanyi wawe wose,’ na ‘mugenzawe nk’uko wikunda.’” (Luka 10:26, 27) Iyo nyishu yoba ari iy’ukuri?

Yezu amubwira ati: “Wishuye neza; ‘guma ukora ivyo, uzoronka ubuzima.’” None ikiyago cabo gica kigarukira ng’aho? Uwo mugabo ntashaka inyishu y’ukuri gusa; arondera “kwiyerekana ko ari umugororotsi.” Ashaka ko Yezu yemera ko ivyiyumviro vyiwe ari vyo be n’uko agororotse mu buryo afata abandi. Ni co gituma abaza ati: “None mugenzanje ni nde?” (Luka 10:28, 29) Ico kibazo womengo kiroroshe ariko ni ikibazo c’inkoramutima. Uti gute?

Abayuda bemera ko ijambo ‘umugenzi’ ryerekeza gusa ku bantu bubahiriza imigenzo y’Abayuda, kandi womengo ibivugwa mu Balewi 19:18 birashigikira ico ciyumviro. Nkako, Abayuda mbere bavuga ko “bitemewe” kwifatanya n’umuntu atari Umuyuda. (Ivyakozwe 10:28) Birashoboka rero ko uwo mugabo, eka mbere na bamwebamwe mu bigishwa ba Yezu, biyumvira ko baba babaye abagororotsi igihe bagiriye ubuntu Umuyuda mwene wabo. Ariko rero, uwutari Umuyuda boshobora kumufata nabi, bibwira ko atari ‘umugenzi wabo.’

None Yezu akosora gute ico ciyumviro atiriwe arababaza uwo mugabo canke abandi Bayuda? Abikora mu kubiganira inkuru, ati: “Umuntu umwe yariko amanuka ava i Yeruzalemu aja i Yeriko, maze agwa mu bambuzi, bano baramwambura bongera baramukubita baramunoza, hanyuma barigira, bamusiga ari intere.” Yezu arabandanya ati: “Maze ata wari avyiteze, umuherezi umwe amanukana iyo nzira, mugabo, amubonye, aca hirya arirenganira. Umulewi na we nyene, ashitse aho hantu akamubona, aca hirya arirenganira. Mugabo Umusamariya umwe yariko ajana iyo nzira ashika aho ari, maze ngo amukubite ijisho, amutera ikigongwe.”Luka 10:30-33.

Uwo mugabo Yezu abwira iyo nkuru arazi ko abaherezi n’Abalewi benshi bafasha ku rusengero baba i Yeriko. Igihe batashe bavuye ku rusengero, bategerezwa kugira urugendo rw’ibilometero 23. Ibarabara bacamwo rirateye akaga kuko ririmwo abambuzi. None umuherezi canke Umulewi babonye Umuyuda mwene wabo ari mu ngorane, ntibari bakwiye kumufasha? Muri iyo nkuru, Yezu avuga ko ata co bamufasha. Afashwa n’Umusamariya, umuntu wo mw’ihanga Abayuda basuzugura.Yohani 8:48.

None uwo Musamariya afasha gute uwo Muyuda w’indembe? Yezu abandanya ati: “Nuko aramwegera, atubika ibikomere vyiwe, abisukako amavuta n’umuvinyu. Maze amwuriza ku gitungwa ciwe bwite, amujana ku ndaro y’abahita, aramubungabunga. Bukeye asokorora idenariyo zibiri, aziha uwuraba iyo ndaro, avuga ati: ‘Mubungabunge, kandi ico uzosohora cose kirenze kuri ibi, nzokikwishura ninagaruka.’”Luka 10:34, 35.

Ahejeje kwigana iyo nkuru, wa Mwigisha w’umuhanga Yezu abaza nya mugabo ikibazo gituma azirikana, ati: “Ni nde muri abo batatu ubona ko yabaye mugenzi w’uwo muntu yaguye mu bambuzi?” Nya mugabo biramutera ubuyega kuvuga ko ari “Umusamariya,” maze akishura ati: “Ni uwamugiriye ivy’imbabazi.” Yezu rero aca atomora icigwa kiri muri iyo nkuru, akamuhimiriza ati: “Genda uze uragira gutyo nawe.”Luka 10:36, 37.

Mbega uburyo igitangaza bwo kwigisha! Iyo Yezu amubwira gusa ko abatari Abayuda na bo nyene ari abagenzi biwe, ubwo uwo mugabo n’abandi Bayuda bari ng’aho bari kuvyemera? Kumbure ntibari kuvyemera. Ariko rero, mu kwigana iyo nkuru isanzwe, akababwira ibintu basanzwe bazi, inyishu ya ca kibazo ngo “Mugenzanje ni nde?” yaciye itomoka. Uwerekanye ko ari umugenzi nyakuri ni urya yagaragaje urukundo n’ubuntu Ivyanditswe bidusaba kugirira abandi.

Raba n'ibindi

“Utegerezwa gukunda mugenzawe nk’uko wikunda”

Yezu yashaka kuvuga iki igihe yavuga ko dutegerezwa gukunda mugenzi wacu? Twomukunda gute?