Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima

 IKIGABANE CA 103

Yongera guhumanura urusengero

Yongera guhumanura urusengero

MATAYO 21:12, 13, 18, 19 MARIKO 11:12-18 LUKA 19:45-48 YOHANI 12:20-27

  • AVUMA IGITI C’UMUSUKONI KANDI AGAHUMANURA URUSENGERO

  • YEZU ATEGEREZWA GUPFA KUGIRA BENSHI BARONKE UBUZIMA

Yezu n’abigishwa biwe bamaze amajoro atatu i Betaniya kuva bavuye i Yeriko. Ubu na ho ni ku wa mbere mu gitondo itariki 10 Nisani, bakaba bariko baja i Yeruzalemu. Yezu arashonje. Nuko abona igiti c’umusukoni hama akaja aho kiri. None yoba agisangako insukoni?

Ni mu mpera za Ntwarante, ariko insukoni zitangura kwera muri Ruheshi. Amababi y’ico giti aratotahaye kuko yameze hakiri kare. Ni co gituma Yezu yibaza ko gishobora kuba kiriko insukoni za kare. Ariko rero nta zo ahasanga. Amababi y’ico giti yamuhenze. Yezu rero avuga ati: “Ntihabe hakigira uwongera kurya insukoni zo kuri wewe.” (Mariko 11:14) Ubwo nyene nya giti gica gitangura kwuma, insobanuro y’ico kintu ikaba imenyekana bukeye.

Bidatevye, Yezu n’abigishwa biwe barashika i Yeruzalemu. Aja ku rusengero, urwo yari yasuzumye ku mugoroba w’imbere y’aho. Ubu ho ntasuzuma ibintu gusa: akora ikintu gisa n’ico yakoze imyaka itatu imbere y’aho, kuri Pasika yo mu 30. (Yohani 2:14-16) Arahindira hanze “abari mu vyo kugurishiriza no kugurira mu rusengero.” Arahenagura kandi “imeza z’abakaba amahera be n’intebe z’abariko bagurisha inuma.” (Mariko 11:15) Ntiyemera mbere ko hagira n’umwe atwara ibintu ku rundi ruhande rw’igisagara aciye mu kigo c’urusengero.

Ni kubera iki Yezu akarira abariko baravunja amahera n’abagurishiriza ibitungwa mu rusengero? Avuga ati: “Ntivyanditswe none ngo: ‘Inzu yanje izokwitwa inzu yo gusengeramwo ku mahanga yose’? Mugabo mwebwe mwayigize isenga ry’abambuzi.” (Mariko 11:17) Abo bagabo abita abambuzi kuko baca amaboko ababwirizwa kugura ibitungwa batangako ibimazi. Yezu abona ko ivyo bakora ata ho bitandukaniye n’ubusuma.

Abakuru b’abaherezi, abanyabwenge b’ivyanditswe hamwe n’abantu bakurubakuru bo muri iryo hanga barumva ivyo Yezu yakoze bagaca barushirizaho kurondera kumwica. Ariko bari n’ingorane. Ntibabona ingene bokwica Yezu, kubera abantu baguma bamukurikira kugira bamwumvirize.

Uretse Abayuda b’imvukira, hariho kandi n’abinjiye idini ryabo baje kuri Pasika. Muri bo harimwo Abagiriki baje kuri uwo musi mukuru gusenga. Nuko begera Filipo, kumbure kubera afise izina ry’ikigiriki, bakamusaba yuko bobona Yezu. Filipo ashobora kuba atabona neza ko uwo mubonano woba ukenewe. Ni co gituma abiganira na Andereya. Baca bashikiriza Yezu ico kibazo, bikaba biboneka ko akiri ku rusengero.

Yezu arazi ko asigaje imisi mikeyi, kikaba atari co gihe co kurondera kumenyekana canke kwiyereka abashaka kwimara urusaku. Mu kwishura izo ntumwa, abaha akarorero ati: “Isaha irageze y’uko Umwana w’umuntu aninahazwa. Ni ukuri kwose ndabibabwiye: Agatete k’ingano kataguye mw’ivu ngo gapfe, kaguma ari kamwe gusa; mugabo iyo gapfuye, karaheza kakama vyinshi.”Yohani 12:23, 24.

Agatete kamwe k’ingano womenga nta co kamaze. Ariko rero, iyo gashizwe mw’ivu hama ‘kagapfa,’ karashobora gukura kakavamwo ihundo ririmwo intete nyinshi. Muri ubwo buryo nyene, Yezu ni we muntu wenyene atunganye. Yamara rero, agumye ari umwizigirwa ku Mana gushika ku rupfu, azoshobora gutuma benshi bafise umutima wo kwitanga baronka ubuzima budahera. Ni co gituma Yezu avuga ati: “Uwukunda cane ubuzima bwiwe aba abwishe, mugabo uwanka ubuzima bwiwe muri iyi si azobuzigama ku bw’ubuzima budahera.”Yohani 12:25.

Yezu ntariko yiyumvira ivyiwe gusa, kuko avuga ati: “Nimba umuntu ashaka kunkorera, nankurikire, kandi aho ndi ni ho n’umusuku wanje azoba. Nimba umuntu ashaka kunsukurira, Data azomutera iteka.” (Yohani 12:26) Mbega impembo nziza! Abaterwa iteka na Se bazofadikanya na Kristu kuganza mu Bwami.

Yiyumviriye umubabaro ukomeye n’urupfu rubabaje bimurindiriye, Yezu avuga ati: “Ubu umutima wanje urahagaze. None mvuge iki? Data, nkiza iyi saha.” Ariko Yezu ntagomba guhunga gukora ivyo Imana ishaka. Yongerako ati: “Yamara rero, iki ni co catumye nshika kuri iyi saha.” (Yohani 12:27) Yezu arashigikira ivyo Imana ishaka vyose, ushizemwo n’urupfu rwiwe rwo kutubera incungu.