Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima

 IKIGABANE CA 122

Isengesho rya nyuma bari mu cumba co hejuru

Isengesho rya nyuma bari mu cumba co hejuru

YOHANI 17:1-26

  • IVYIZA VYO KUMENYA IMANA N’UMWANA WAYO

  • UBUMWE BURI HAGATI YA YEHOVA, YEZU N’ABIGISHWA

Abitumwe n’urukundo rwinshi afitiye intumwa ziwe, Yezu yamye abategura kubera yuko yimirije gutandukana na bo. Ubu na ho araramurira amaso mw’ijuru agasaba Se wiwe ati: “Ninahaza umwana wawe, kugira ngo umwana wawe akuninahaze, nk’uko wamuhaye ububasha ku kiri n’umubiri cose, kugira ngo ku vyerekeye igitigiri cose c’abo wamuhaye, abahe ubuzima budahera.”Yohani 17:1, 2.

Emwe, Yezu arazi ko kuninahaza Imana ari co kintu nyamukuru. Mugabo rero, icizigiro c’ubuzima budahera aca atanga kirahumuriza cane! Kubera yuko yahawe “ububasha ku kiri n’umubiri cose,” arashobora kuronsa abantu bose ivyiza biva mu ncungu yimirije gutanga. Yamara rero si bose bazobironka. Kubera iki? Kubera yuko ivyo vyiza Yezu abironsa gusa abemera gukora ivyo aca avuga, ati: “Kugira ngo baronke ubuzima budahera, ni uko baguma bironsa ubumenyi bwerekeye wewe, Imana yonyene y’ukuri, n’ubwerekeye uwo watumye, Yezu Kristu.”Yohani 17:3.

Umuntu ategerezwa kumenya neza Imana n’Umwana wayo ku buryo agiranira na bo ubucuti bwa hafi kandi akabona ibintu nk’uko babibona. Vyongeye, ategerezwa kwihatira kubigana mu migenderanire agiranira n’abandi. Ategerezwa kandi gutahura ko kuronka ubuzima budahera atari vyo biza imbere yo kuninahaza Imana.

Yezu aca agaruka kuri ico ciyumviro, ati: “Narakuninahaje kw’isi, nkaba ndangije igikorwa wampaye ngo nkore. Ubu rero ga Data, nuninaharize hamwe nawe, uninaharishije bwa buninahazwa nari mfise ndi kumwe nawe imbere y’uko isi ibaho.” (Yohani 17:4, 5) Ego cane, Yezu asaba Se wiwe ko yomuzura agasubira kugira ubuninahazwa nk’ubwo yari afise mw’ijuru.

Ariko rero, Yezu ntiyibagira ivyo yaranguye biciye ku gikorwa ciwe. Asenga ati: “Narahishuriye izina ryawe abantu wampaye ubakuye mw’isi. Bari abawe, urabampa, kandi barubahirije ijambo ryawe.” (Yohani 17:6) Mu gikorwa ciwe, Yezu yarakoresha izina ry’Imana ari ryo Yehova. Ariko ntiyagarukirije aho, yarafashije intumwa ziwe kumenya ico risobanura, ni ukuvuga ukuntu Imana imeze be n’ukuntu ifata abantu.

Intumwa zaramenye Yehova, ziramenya uruhara Umwana wiwe afise hamwe n’ibintu Yezu yigishije. Yezu aremera yicishije bugufi ati: “Amajambo wampaye na[ra]yabahaye, kandi barayakiriye baramenya vy’ukuri yuko naje nguserukira, kandi baremeye yuko wantumye.”Yohani 17:8.

Yezu aca yerekana itandukaniro riri hagati y’abayoboke biwe n’abandi bantu muri rusangi ati: “Sinsabira isi, ahubwo nsabira abo wampaye; kubera ko ari abawe . . . Data mweranda, ubarinde ku bw’izina ryawe wampaye, kugira ngo babe umwe nk’uko turi. . . . Narabazigamye, kandi nta n’umwe muri bo yarandutse atari wa mwana wo kuranduka,” ni ukuvuga Yuda Isikariyoti, ubu akaba yagiye kurondera ingene yomugura.Yohani 17:9-12.

Yezu abandanya gusenga ati: “Isi yarabanse. Singusaba ngo ubakure mw’isi, ahubwo ngo ubarinde kubera wa mubisha. Si ab’isi, nk’uko nanje ntari uw’isi.” (Yohani 17:14-16) Intumwa hamwe n’abandi bigishwa bari mw’isi, ni ukuvuga ikibano c’abantu kiganzwa na Shetani, ariko bategerezwa kuguma bitandukanije na yo hamwe n’ibikorwa vyayo bibi. Uti gute?

Bategerezwa kuguma ari beranda mu kugendera ukuri dusanga mu Vyanditswe vy’igiheburayo hamwe n’ukwo Yezu ubwiwe yabigishije. Yezu asaba Imana ati: “Ubeze biciye ku kuri; ijambo ryawe ni ukuri.” (Yohani 17:17) Mu nyuma, bamwe mu ntumwa bokwanditse ibitabu bahumekewe n’Imana, na vyo nyene bikaba vyohavuye biba mu bigize “ukuri” gushobora kweza umuntu.

Ariko rero, mu nyuma hobonetse n’abandi bakira “ukuri.” Yezu rero ntasabira ‘abo bonyene bari ng’aho, arasabira n’abazomwizera biciye kw’ijambo ryabo.’ None abo bose Yezu abasabira iki? Abwira Se wiwe ati: “Kugira ngo bose babe umwe, nk’uko wewe, Data, wunze ubumwe nanje, nanje nkunga ubumwe nawe, ngo na bo nyene bunge ubumwe natwe.” (Yohani 17:20, 21) Ntibisobanura ko Yezu na Se wiwe ari umuntu umwe. Bisobanura yuko bahuza muri vyose. Yezu asaba yuko abayoboke biwe na bo nyene bogira ubumwe nk’ubwo nyene.

Gatoyi imbere y’aho, Yezu yari yabwiye Petero n’abandi yuko agiye kubategurira ikibanza mw’ijuru. (Yohani 14:2, 3) Yezu aragaruka kuri ico ciyumviro mw’isengesho, ati: “Data, ku co wampaye, nshaka yuko aho ndi, na bo haba ari ho baba kumwe nanje, kugira ngo babone ubuninahazwa bwanje wampaye, kubera ko wankunze imbere y’ishingwa ry’isi.” (Yohani 17:24) Gutyo rero, aremeje ko kuva kera na rindi, n’imbere y’uko Adamu na Eva bibaruka, Imana yamye ikunda Umwana wayo w’ikinege, ari we yahavuye aba Yezu Kristu.

Mu gusozera isengesho ryiwe, Yezu yongera gushimika kw’izina rya Se hamwe n’urukundo Imana ikunda intumwa ziwe n’abandi bohavuye bemera “ukuri,” ati: “Narabamenyesheje izina ryawe, kandi nzorimenyekanisha, kugira ngo urukundo wankunze rube muri bo nanje nunge ubumwe na bo.”Yohani 17:26.