Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima

 IKIGABANE CA 97

Abakozi bo mu murima w’imizabibu

Abakozi bo mu murima w’imizabibu

MATAYO 20:1-16

  • ABAKOZI “BA NYUMA” BABA “ABA MBERE”

Yezu ahejeje kubwira abariko baramwumviriza i Pereya yuko “benshi ba mbere bazoba aba nyuma, aba nyuma na bo babe aba mbere.” (Matayo 19:30) Mu gushimika kuri ico ciyumviro, atanga akarorero k’abakozi bo mu murima w’imizabibu.

Agira ati: “Ubwami bwo mw’ijuru bumeze nk’umuntu, nyen’urugo, yasohotse mu gatondo ka kare akaja kurondera abakozi bo gukora mu murima wiwe w’imizabibu. Amaze kwumvikana na nya bakozi idenariyo ku musi, abarungika mu murima wiwe w’imizabibu. Yongera arasohoka nko kw’isaha ya gatatu, abona abandi bahagaze mu kaguriro ata kazi bafise; abo na bo ababwira ati: ‘Na mwebwe, nimuje mu murima w’imizabibu, igikwiriye cose ndakibaha.’ Nuko baragenda. Arongera arasohoka nko kw’isaha ya gatandatu no kw’isaha y’icenda, agira kuno. Ubwa nyuma, nko kw’isaha y’icumi na rimwe arasohoka, asanga hari abandi bahagaze, ababwira ati: ‘Ni kubera iki mumaze umusi wose muhagaze ng’aha ata co mukora?’ Bamubwira bati: ‘Ni kubera ko ata waduhaye akazi.’ Ababwira ati: ‘Na mwebwe nimuje mu murima w’imizabibu.’”Matayo 20:1-7.

Igihe Yezu avuga ivy’“ubwami bwo mw’ijuru” na “nyen’urugo,” birashoboka ko abamwumviriza baca batahura ko ariko yerekeza kuri Yehova Imana. Ivyanditswe vyerekana ko Yehova afise umurima w’imizabibu, ukaba ugereranya ihanga rya Isirayeli. (Zaburi 80:8, 9; Yesaya 5:3, 4) Abari mw’isezerano ry’ivyagezwe bagereranywa n’abakozi bo muri uwo murima. Ariko rero, Yezu ntariko avuga ibintu vyo muri kahise. Ariko avuga ibintu vyariko biraba mu gihe ciwe.

Abakuru b’idini, nk’akarorero ba Bafarizayo baherutse kugeza Yezu mu kumubaza ibijanye n’ukwahukana, bitwa ko bakorera Imana badahengeshanya. Bameze nk’abakozi bakora imisi yose biteze kuronka impembo ikwiye, ni ukuvuga idenariyo ku musi.

Abaherezi n’abandi bakuru b’idini babona ko Abayuda batobato bakorera Imana ku rugero rutoyi, nk’abakozi bakora igihe gito mu murima w’Imana. Muri ako karorero ka Yezu, abo bantu bagereranywa na bamwe bahabwa akazi kw’“isaha ya gatatu” (satatu) canke inyuma y’aho, ni ukuvuga isaha ya gatandatu, isaha y’icenda n’isaha y’icumi na rimwe (sakumi n’imwe).

Abagabo n’abagore bakurikira Yezu babonwa ko ari “ibivume.” (Yohani 7:49) Hafi ubuzima bwabo bwose, benshi muri bo bamye bakora uburovyi canke ibindi bikorwa bisaba inguvu. Maze mu mpera z’umwaka wa 29, “nyen’umurima w’imizabibu” yaratumye Yezu guhamagara abo bantu baciye bugufi kugira bakorere Imana ari abigishwa ba Kristu. Bagereranya ba bakozi “ba nyuma” Yezu avuga ko bashika kw’isaha igira cumi n’imwe.

Mu gusozera ako karorero, Yezu aravuga ibiba umusi w’ibikorwa urangiye. Agira ati: “Bugorovye, nyen’umurima w’imizabibu abwira uwubijejwe ati: ‘Hamagara abakozi ubahe impembo yabo, uva ku wa nyuma uja ku wa mbere.’ Aho ba bantu bo kw’isaha y’icumi na rimwe baziye, umwe wese aronka idenariyo. Nuko, aba mbere baje, biyumvira ko boronse ibiruta ivyo; mugabo na bo nyene baronka umwumwe idenariyo. Bayironse batangura kwidodombera nyen’urugo bati: ‘Aba ba nyuma bakoze isaha imwe; yamara wabanganishije natwe twikoreye umuzigo w’umusi wose n’ubushuhe buturira!’ Mugabo yishura umwe muri bo ati: ‘Mugenzi, sinkurenganije. None ntitwumvikanye ko nguhemba idenariyo? Tora ivyawe ugende. Nshaka guha uyu wa nyuma nk’ivyo nguhaye. None sinemerewe gukoresha ivyanje uko nshaka? Canke ugize ijisho ribi kubera ko ndi umuntu mwiza?’ Ukwo ni ko aba nyuma bazoba aba mbere, aba mbere na bo bakaba aba nyuma.”Matayo 20:8-16.

Abigishwa bashobora kuba bibaza ibibazo ku bijanye n’ayo majambo Yezu asozererako. Ni gute abakuru b’idini ry’Abayuda, abiyumvira ko ari “aba mbere,” bazoba “aba nyuma”? Vyongeye, ni gute abigishwa ba Yezu bazoba “aba mbere”?

Abigishwa ba Yezu, abo Abafarizayo n’abandi babona ko ari “aba nyuma,” bagiye kuba “aba mbere” mu kuronka impembo ikwiye. Yezu niyamara gupfa, Imana izoheba Yeruzalemu yo kw’isi hama ihitemwo ihanga rishasha, ari ryo “Isirayeli y’Imana.” (Abagalatiya 6:16; Matayo 23:38) Yohani Umubatizi yariko yerekeza ku bogize iryo hanga igihe yavuga ko abantu bagiye kubatizwa mu mpwemu nyeranda. Abahoze ari “aba nyuma” bazoba aba mbere mu kuronka iyo batisimu no mu guterwa agateka ko kuba ivyabona vya Yezu “gushika mu karere ka kure rwose k’isi.” (Ivyakozwe 1:5, 8; Matayo 3:11) Nimba abigishwa batahura iryo hinduka rikomeye Yezu ariko aravuga, barashobora kwitega ko abo bakuru b’idini babaye “aba nyuma” bazobanka urunuka.