Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima

 IKIGABANE CA 9

Akurira i Nazareti

Akurira i Nazareti

MATAYO 13:55, 56 MARIKO 6:3

  • YOZEFU NA MARIYA BARONKA ABANDI BANA

  • YEZU YIGA UMWUGA

Yezu akurira i Nazareti, igisagara gitoyi kidahambaye. Kiri mu buraruko mu misozi y’i Galilaya, mu burengero bw’ikiyaga kinini bita Ikiyaga c’i Galilaya.

Yozefu na Mariya bamuzanye ng’aho bamukuye mu Misiri igihe yari afise nk’imyaka ibiri. Biboneka ko ata wundi mwana bari bwaronke. Ariko rero mu nyuma, bene wabo basangiye nyina ari bo Yakobo, Yozefu, Simoni na Yuda baravuka. Yozefu na Mariya baravyara n’abakobwa. Ego cane, Yezu afise n’imiburiburi bene wabo na bashikiwe batandatu.

Vyongeye, Yezu arafise n’izindi ncuti. Turamaze kuvuga ivyerekeye Elizabeti n’umuhungu wiwe Yohani. Baba mu bumanuko i Yudaya, ku bilometero bitari bike. Salome ni we aba hafi i Galilaya, bikaba biboneka ko avukana na Mariya akaba rero ari nyinabo wa Yezu. Umugabo wa Salome yitwa Zebedayo. Abahungu babo babiri, Yakobo na Yohani baca baba bene nyinabo na Yezu. Ntituzi ko Yezu yakuranye n’abo bahungu, ariko bahavuye bamubera abagenzi somambike, bompi uko ari babiri baraba intumwa ziwe.

Yozefu arakora cane kugira atunge umuryango wiwe utera ugwira. Ni umubaji. Yozefu arera Yezu nk’umuhungu wiwe bwite, ari co gituma Yezu bamwita ngo ni “umwana wa wa mubaji.” (Matayo 13:​55) Yozefu arigisha Yezu umwuga w’ukubaza kandi  akawumenya neza, ku buryo abantu basigara bamwita ngo ni “umubaji.”​—Mariko 6:3.

Ugusenga Yehova ni co kintu umuryango wa Yozefu ushira imbere. Mu gushira mu ngiro itegeko rya Yehova, Yozefu na Mariya barigisha abana babo ivyerekeye Imana ‘igihe bicaye mu nzu, igihe bagenda ku nzira, igihe baryamye n’igihe bavyutse.’ (Gusubira mu vyagezwe 6:6-9) I Nazareti hariho isinagogi. Nta gukeka ko Yozefu yama ajanayo n’umuryango wiwe gusenga. Mu nyuma biranavugwa ko Yezu yagiye kw’isinagogi “nk’uko yari amenyereye kubigira ku musi w’isabato.” (Luka 4:​16) Uwo muryango kandi urahimbarwa cane n’ingendo bama bagira baja ku rusengero rwa Yehova i Yeruzalemu.

Raba n'ibindi

NIWIGANE UKWIZERA KWABO

Yozefu yarakingiye umuryango, arawuronderera, arumira kw’ibanga

Ni mu buryo ki Yozefu yakingiye umuryango wiwe? Kubera yatwaye Mariya na Yezu mu Misiri?