Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima

 IKIGABANE CA 131

Umwami w’intungane ababarizwa ku giti

Umwami w’intungane ababarizwa ku giti

MATAYO 27:33-44 MARIKO 15:22-32 LUKA 23:32-43 YOHANI 19:17-24

  • YEZU AKOMERWAMWO IMISUMARI KU GITI

  • ICAPA KIRI HEJURU YA YEZU GITUMA BAMUTYEKEZA

  • YEZU ASEZERANA UBUZIMA MW’IPARADIZO NG’AHA KW’ISI

Yezu ajanwa mu kibanza kiri hafi y’igisagara aho agiye kwicirwa ari kumwe n’abambuzi babiri. Ico kibanza citwa Gologota, ni ukuvuga Ahantu h’Agahanga, kikaba ari ikibanza umuntu ashobora kubona ari kure.Mariko 15:40.

Abo bagabo batatu bagiye kwicwa barabambura impuzu zabo. Baca babaha umuvinyu uvanze n’ikiyayuramutwe citwa imira. Biboneka ko abagore b’i Yeruzalemu ari bo bateguye ico kivange, kandi Abaroma ntibanka ko abagiye kwicwa bahabwa ico kinyobwa gituma umubiri utimba. Ariko rero, Yezu ahonjeje aca yanka kunywa ico kinyobwa. Uti kubera iki? Ashaka ko ubwenge n’umubiri wiwe biguma bikora neza muri ico kigeragezo ruhasha. Ashaka kuguma ari umwizigirwa gushika ku rupfu.

Yezu rero aca arambikwa ku giti. (Mariko 15:25) Abasoda baramukomera imisumari mu biganza no ku birenge, igatobekeranya inyama n’imitsi bigatuma ababara cane. Igihe bavyura ico kigiga, umubabaro uramusogota kubera yuko uburemere bw’umubiri butuma aho bateye imisumari harushiriza gutabuka. Ariko Yezu ntatukagura abo basoda. Asenga ati: “Data, bababarire, kuko batazi ico bariko barakora.”Luka 23:34.

Abaroma bari bafise umugenzo wo kumanika icapa kiriko icaha umuntu aba yakoze. Ubu rero Pilato yashizeho icandiko kivuga ngo: “Yezu Umunyanazareti Umwami w’Abayuda.” Ico candiko kiri mu giheburayo, ikilatini n’ikigiriki kugira abantu nka bose bashobore kugisoma. Ico kintu kirerekana ko Pilato yanka abo Bayuda basavye bashimika ngo Yezu yicwe. Abakuru b’abaherezi barabura iyo bakwirwa, bakavuga bati: “Ntiwandike ngo: ‘Umwami w’Abayuda,’ ahubwo andika ko yavuze ngo: ‘Ni jewe Mwami w’Abayuda.’” Ariko kubera ko Pilato adashaka kwongera kuba igikoresho cabo, abishura ati: “Ico nanditse nanditse.”Yohani 19:19-22.

Nya baherezi baca basubiramwo vya binyoma bagiriza Yezu mu gitondo imbere ya Sentare nkuru. Ntibitangaje rero kubona abahita baza barazunza umutwe bashinyagurira Yezu mu kuvuga bati: “Ee! Wewe ugira ngo wosenyura urusengero ukarwubaka mu misi itatu, niwikize mu kumanuka ukava ku giti co kubabarizwako.” Abakuru b’abaherezi n’abanyabwenge b’ivyanditswe na bo babwirana bati: “Kristu Umwami wa Isirayeli namanuke ubu ave kuri ico giti co kubabarizwako, tubibone duheze twemere.” (Mariko 15:29-32) Mbere na ba bambuzi bamanikanywe na we iburyo n’ibubamfu baramutuka kandi ari we wenyene ariko azira ubusa.

Ba basoda bane b’Abaroma na bo nyene baramutwenga. Bashobora kuba bariko baranywa umuvinyu w’inkarihe. Ubu rero mu kumushinyagurira, bawushira imbere ya Yezu naho biboneka ko adashobora kuwushikira ngo anyweko na dukeyi. Abo Baroma baca bakikiriza kuri ca candiko kiri hejuru yiwe, bakamuhema bati: “Nimba uri umwami w’Abayuda, niwikize.” (Luka 23:36, 37) Iyumvire nawe! Umuntu yerekanye ko ari inzira, ukuri n’ubuzima ni we ariko afatwa nabi gutyo. Ariko rero ivyo vyose aravyemera, atiriwe aratuka Abayuda bariko baramwitegereza, abasoda b’Abaroma bariko baramushinyaguriza canke abo bambuzi babiri bamanikanywe na we.

Ba basoda bane barafata impuzu za Yezu bakazigaburamwo kune. Baca bagira ubupfindo kugira umwe wese amenye izo atwara. Ariko rero, impuzu ya Yezu yo munsi ni nziza cane kuko ‘ata mubariro igira, ikaba ijishwe kuva hejuru gushika hasi.’ Nya basoda babwirana bati: “Ntituyitabure, ahubwo tumenye biciye ku bupfindo uwo ija kwegukira.” Gutyo, barashitsa icanditswe kigira giti: “Bagabanganye impuzu zanje zo hejuru, bapfindira ivyambarwa vyanje.”Yohani 19:23, 24; Zaburi 22:18.

Mu nyuma, umwe muri za nkozi z’ikibi aratahura ko Yezu ategerezwa kuba ari umwami. Arakarira mugenzi we ati: “Mbega wewe ntutinya Imana na gatoyi, kandi waciriwe urubanza nk’urwiwe? Tweho koko ntiturenganijwe, kuko turiko turonka ivyo dukwiriye vyose ku bw’ivyo twakoze; mugabo uyu we nta kintu na kimwe kitabereye yakoze.” Aca yinginga Yezu ati: “Urazonyibuka niwashika mu bwami bwawe.”Luka 23:40-42.

Yezu amwishura ati: “Ni ukuri ndabikubwiye uno musi: Uzoba uri kumwe nanje,” atari mu Bwami ahubwo “muri Paradizo.” (Luka 23:43) Uwo muhango uratandukanye n’umwe Yezu yaha intumwa ziwe w’uko bokwicaye ku ntebe z’ubwami kumwe na we mu Bwami bwiwe. (Matayo 19:28; Luka 22:29, 30) Ariko rero, uwo Muyuda ashobora kuba yari amaze kwumva ibijanye n’Iparadizo yo kw’isi Yehova yari yarahaye Adamu na Eva n’uruvyaro rwabo ngo babemwo. Iyo nkozi y’ikibi rero ipfa ifise ico cizigiro.