Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima

 IKIGABANE CA 78

Umubwiriza w’umwizigirwa akwiye kwama yiteguye

Umubwiriza w’umwizigirwa akwiye kwama yiteguye

LUKA 12:35-59

  • UMUBWIRIZA W’UMWIZIGIRWA ASABWA KWAMA YITEGUYE

  • YEZU ATUMA ABANTU BACANAMWO

Yezu ahejeje gusigura ko abagize “ubusho buto” bonyene ari bo bazoragwa Ubwami bwo mw’ijuru. (Luka 12:32) Ariko rero, kuronka iyo mpera idasanzwe ni ikintu gihambaye. Nkako, abandanya yerekana ko umuntu ategerezwa kugira agatima kabereye nimba ashaka kuragwa ubwo Bwami.

Ku bw’ivyo, Yezu ahimiriza abigishwa biwe kwama biteguriye ukugaruka kwiwe. Avuga ati: “Nimukenyere mu mafyinga, n’amatara yanyu agume yaka, kandi ubwanyu mumere nk’abantu barindiriye shebuja wabo niyagaruka avuye ku bugeni, ku buryo ashitse akadodora baca bamwugururira buno nyene. Hahiriwe abo bashumba shebuja niyashika azosanga bari maso!”Luka 12:35-37.

Abigishwa barashobora gutahura bitagoranye ico Yezu ariko aravuga. Abo bashumba baguma biteguye, barindiriye ko shebuja agaruka. Yezu asigura ati: “[Shebuja] niyashika mw’iterama rigira kabiri [kuva satatu z’ijoro gushika sasita z’ijoro], mbere naho hoba mu rigira gatatu [kuva sasita z’ijoro gushika sacenda z’ijoro], akabasanga bameze gutyo, bazoba bahiriwe!”Luka 12:38.

Intumbero y’iyo mpanuro si uguhimiriza abakozi bo mu nzu gukorana umwete. Ivyo biraboneka turavye ingene Yezu, ari na we Mwana w’umuntu, yivuga muri ico kigereranyo. Abwira abigishwa biwe ati: “Na mwebwe nyene, mugume mwiteguye, kubera ko Umwana w’umuntu azoza kw’isaha mutiyumvira.” (Luka 12:40) Ku bw’ivyo rero, umusi uri izina Yezu yoje. Ashaka ko abayoboke biwe bama biteguye, na canecane abagize “ubusho buto.”

Petero ashaka gutahura neza ico Yezu ashaka kuvuga. Amubaza rero ati: “Mukama, ico kigereranyo ukibwiye twebwe canke ukibwiye n’abandi bose?” Aho guca yishura Petero, Yezu atanga ikindi kigereranyo gisa n’ico, ati: “None ni nde mubwiriza w’umwizigirwa, w’ubwenge, uwo shebuja azoshinga umugwi w’abasuku biwe ngo agume abaha ingero yabo y’ibifungurwa ku gihe kibereye? Hahiriwe uwo mushumba, shebuja niyashika azosanga ariko akora gutyo! Ndababwiye ukuri: Azomuzeza ivyo atunze vyose.”Luka 12:41-44.

Biboneka ko “shebuja” avugwa mu kigereranyo ca mbere ari Yezu, ari na we Mwana w’umuntu. Birumvikana rero ko uwo “mubwiriza w’umwizigirwa” agizwe n’abo muri bwa “busho buto” buzoragwa Ubwami. (Luka 12:32) Yezu ashaka kuvuga ko bakeyi muri uwo mugwi bogaburiye “umugwi w’abasuku biwe,” ni ukuvuga ko bobahaye “ingero yabo y’ibifungurwa ku gihe kibereye.” Ku bw’ivyo, Petero n’abandi bigishwa Yezu ariko arigisha ijambo ry’Imana baca batahura ko Umwana w’umuntu yogarutse mu kiringo kanaka muri kazoza. Muri ico kiringo, hobaye hariho indinganizo yo kugaburira ijambo ry’Imana abayoboke ba Yezu, ari na bo bagize “umugwi w’abasuku biwe.”

Yezu aratomora mu bundi buryo igituma abigishwa biwe bakeneye kuguma bari maso no gusuzuma ukuntu babona ibintu. Ivyo birahambaye kubera yuko boshobora gufata ibintu minenegwe, bagashika n’aho barwanya bagenzi babo. Agira ati: “Mugabo hamwe uwo mushumba yokwibwira mu mutima wiwe ati: ‘Databuja aratevye kuza,’ hanyuma agatangura gukubita abasuku n’abasukukazi, no kurya no kunywa no kuborerwa, shebuja w’uwo mushumba azoza ku musi atamwiteze no kw’isaha atazi, kandi azomuhana bimwe vya ruhasha, amusangize umugabane n’ibihemu.”Luka 12:45, 46.

Yezu avuga ko yaje “kudomeka umuriro kw’isi.” Kandi koko yarawudometse, kuko inyigisho ziwe zituma havyuka ibihari bikomeye zikongera zigashira ku kabarore inyigisho n’imigenzo y’ikinyoma. Mbere ziratuma abantu bari bunze ubumwe bacanamwo, nk’akarorero ‘se akarwanya umuhungu, umuhungu akarwanya se, nyina akarwanya umukobwa, umukobwa akarwanya nyina, inabukwe akarwanya umukazana, umukazana na we akarwanya inabukwe.’Luka 12:49, 53.

Ayo majambo canecane Yezu ayabwira abigishwa biwe. Aca ahindukirira iryo sinzi. Kubera ko benshi muri bo banse kwemera nkana ibimenyamenya vyerekana ko ari we Mesiya, ababwira ati: “Iyo mubonye igicu gihagurutse mu burengero, muca muvuga muti: ‘Ikirura kiraje,’ kandi ni ko bimera. Kandi iyo mubonye yuko umuyaga wo mu bumanuko uriko urahuhuta, muravuga muti: ‘Haraza kuba umupfunda w’ubushuhe,’ kandi biraba. Mwa biyorobetsi mwe, murazi gusuzuma ibiboneka inyuma kw’isi no kw’ijuru, mugabo bishoboka bite ngo ntimumenye gusuzuma iki gihe?” (Luka 12:54-56) Emwe, biragaragara ko batiteguye.

Raba n'ibindi

Kubera iki Kristu azogaruka?

Kubera iki Kristu azogaruka? Ni mu buryo ki azogaruka, kandi ni igiki azoca akora?