Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

TWISUNZE BIBILIYA

Mesiya

Mesiya

Bibiliya yari yaravuze yuko Mesiya yoje mw’isi agakiza abantu indwara, imibabaro n’urupfu. Yezu Kristu yoba ari we Mesiya?

Abantu bomenye gute Mesiya?

Bibiliya yari yaravuze yuko Mesiya, ari we Kristu, yoje mu buryo bubiri, hakaba hociye igihe kirekire hagati y’ukuza kwa mbere n’ukwa kabiri. * Ubwa mbere, yoje ari umuntu. Kugira ngo abantu bashobore kumumenya neza, abanditse Bibiliya baravuze ibintu vyinshi vyoranze ubuzima bwiwe be n’igikorwa yokoze. Nkako, “ugushingira intahe Yezu” ni yo ntumbero nyamukuru y’amajambo menyeshakazoza dusanga muri Bibiliya.Ivyahishuwe 19:10.

Igihe Yezu yari kw’isi, yarakoze ku rugero rutoyi ivyo azokora kw’isi yose ari ikiremwa c’impwemu gifise ububasha

BIBILIYA IBIVUGAKO IKI?

Mesiya . . .

Yezu yarashikije ivyo bintu Bibiliya yari yaravuze hamwe n’ibindi vyinshi. Vyongeye, yarakijije abarwaye, arazura n’abapfuye. Ivyo vyarerekanye ko yari we Mesiya. Ariko kandi vyaratumye tugira imvo zumvikana zo kwizera ko azokora nk’ivyo nyene kw’isi yose, nk’uko Bibiliya yabisezeranye. (Luka 7:21-23; Ivyahishuwe 21:3, 4) Yezu amaze kuzuka, yaricaye “iburyo” bw’Imana, arindira yuko hagera ko asozera igikorwa yashinzwe kijanye n’ukuba ari Mesiya.Zaburi 110:1-6.

“Kristu niyashika, mugira ngo azokora ibimenyetso biruta ivyo uyu muntu yakoze?”Yohani 7:31.

Mesiya azosozera gute igikorwa yashinzwe?

Abisirayeli bo mu gihe ca Yezu bari biteze ko Mesiya abakurako intwaro y’Abaroma maze agasubizaho ubwami bwa Isirayeli, akaba umwami wabwo. (Ivyakozwe 1:6) Ariko abigishwa ba Yezu b’Abisirayeli bahavuye batahura ko yosozereye igikorwa ciwe ari ikiremwa c’impwemu mw’ijuru, afise ububasha bwinshi.Matayo 28:18.

BIBILIYA IBIVUGAKO IKI?

Mesiya aje ubwa kabiri . . .

Yezu yarashikije uruhara rwa mbere yari ajejwe rujanye n’ukuba ari Mesiya. N’urwa kabiri azorushitsa. Vyiza rero, twokwiga ibijanye na Yezu twitonze, kuko yavuze ati: “Ni jewe nzira n’ukuri n’ubuzima.”Yohani 14:6.

Mu misi yiwe umugororotsi azonaga, kandi hazobaho amahoro menshi gushika ukwezi kutakiriho. Azogira abatwarwa . . . gushika ku mpera z’isi.”Zaburi 72:7, 8.

^ ing. 5 Ijambo “Mesiya” rivuye mu giheburayo. “Mesiya” mu kigiriki ni “Kristu.”Yohani 1:41.

^ ing. 7 Icanditswe ca mbere cerekana ivyo Bibiliya yari yaravuze, ica kabiri kikerekana ingene vyarangutse.