Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IGIHIMBA CA 17

Yezu yigisha ivyerekeye Ubwami bw’Imana

Yezu yigisha ivyerekeye Ubwami bw’Imana

Yezu arigisha abigishwa biwe ibintu vyinshi, ariko Ubwami bw’Imana ni co kintu conyene yibandako

NI IGIKORWA ikihe Yezu yaje kurangura ng’aha kw’isi? Ubwiwe yavuze ati: “Ntegerezwa kumenyesha . . . inkuru nziza y’ubwami bw’Imana, kubera ko ico ari co natumwe.” (Luka 4:43) Rimbura ibintu bine Yezu yigishije ku vyerekeye ubwo Bwami, na bwo bukaba ari co kintu nyamukuru yamamaza.

1. Yezu yari yaragenywe ngo azobe Umwami. Yezu yaravuze ata kurya umunwa yuko ari we Mesiya yari yaravuzwe. (Yohani 4:25, 26) Yarerekanye kandi ko ari we Mwami umuhanuzi Daniyeli yari yarabonye mu vyo yeretswe. Yezu yabwiye intumwa ziwe ko umusi uri izina yokwicaye ‘ku ntebe y’ubwami y’ubuninahazwa’ kandi ko na bo nyene bokwicaye ku ntebe z’ubwami. (Matayo 19:28) Yavuze ko uwo mugwi w’abatware ari “ubusho buto” bwiwe, amenyesha kandi ko yari afise “izindi ntama,” zitari izo muri uwo mugwi.​—Luka 12:32; Yohani 10:16.

2. Ubwami bw’Imana bwotumye haba ubutungane nyakuri. Yezu yarerekanye ko ubwo Bwami bwokuyeho akarenganyo k’agahomerabunwa mu kweza izina rya Yehova Imana, canke mu gutuma riba ryeranda, no mu kurikurako iceyi cose ryasizwe na Shetani kuva aho habereye bwa bugarariji muri Edeni. (Matayo 6:9, 10) Yezu yaragaragaje kandi ko yama nantaryo atagira nkunzi mu kwigisha abagabo n’abagore, abatunzi n’aboro, ata kuvangura. Naho igikorwa cari camuzanye cari ico kwigisha canecane Abisirayeli, yarashitse n’aho afasha Abasamariya be n’Abanyamahanga, ni ukuvuga abatari Abayuda. Ntiyari ameze nk’indongozi z’idini zo mu gihe ciwe, kuko wewe atigeze yinuba abandi canke ngo agire nkunzi.

3. Ubwami bw’Imana ntibwobaye ari ubwo muri iyi si. Yezu yabayeho mu gihe hari uruhagarara rukomeye mu vya politike. Igihugu ciwe c’amavukiro caganzwa n’abanyamahanga. Yamara, igihe abantu bagerageza kumwinjiza mu vya politike vy’ico gihe, yaciye yikurira meza. (Yohani 6:14, 15) Yabwiye umunyapolitike umwe ati: “Ubwami bwanje si ubwo muri iyi si.” (Yohani 18:36) Abayoboke biwe na bo yababwiye ati: ‘Ntimuri ab’isi.’ (Yohani 15:19) Ntiyobaretse ngo bakoreshe ibirwanisho, n’igihe mbere bobaye bariko baramurwanira.—Matayo 26:51, 52.

“Afata urugendo . . . ava mu kigwati aja mu kindi, yamamaza yongera amenyesha inkuru nziza y’ubwami bw’Imana.”—Luka 8:1

4. Ubutegetsi bwa Kristu bwobaye bushingiye ku rukundo. Yezu yasezeranye ko yotumye abantu baruhurirwa, akabatezurira imizigo yabo. (Matayo 11:28-30) Imvugo yiwe yajana n’ingiro. Yaratanga impanuro ngirakamaro kandi ziranga urukundo ku bijanye n’ukuntu umuntu yokwihanganira amaganya, yoryohora ubucuti afitaniye n’abandi, yorwanya agatima ko guhahamira amaronko be n’ingene yoronka ubuhirwe. (Matayo, ikigabane ca 5 gushika ku ca 7) Kubera ko yagaragaza urukundo, abantu bo mu mice yose y’ubuzima barabona ko yegereka. Mbere n’abo wasanga bacinyizwa kuruta abandi, baraza kuri we ari benshi, bizigiye badakeka ko yobafatanye ubuntu n’icubahiro. Ese ukuntu Yezu azoba ari Umutware mwiza igitangaza!

Hariho n’ubundi buryo buhambaye cane Yezu yigishirijemwo ivyerekeye Ubwami bw’Imana. Yarakoze ibitangaro vyinshi. Kubera iki yabikoze? Reka tubirabe.

—Bivugwa mu gitabu ca Matayo, ca Mariko, ca Luka, be n’ica Yohani.