Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya—Irimwo ubutumwa ubuhe?

 IGIHIMBA CA 13

Abami beza be n’abami babi

Abami beza be n’abami babi

Isirayeli iragabuwemwo kubiri. Uko igihe kigenda kirarengana, abami benshi baraganza Abisirayeli, kandi benshi muri bo barahemuka. Yeruzalemu irasangangurwa n’Abanyababiloni

NK’UKO Yehova yari yarabivuze, Isirayeli yaragabuwemwo kubiri inyuma y’aho Salomo ahebeye ugusenga gutyoroye. Umuhungu wiwe Rehobowamu, akaba ari na we yamusubiriye, yatwaza umukazo. Ivyo vyatumye cumi mu miryango ya Isirayeli igarariza maze ica yiremamwo ubwami bwa Isirayeli bwo mu Buraruko. Imiryango ibiri ni yo yagumye iyobokera umwami yari ku ntebe y’ubwami ya Dawidi i Yeruzalemu, yiremamwo ubwami bw’Ubuyuda bwo mu Bumanuko.

Ubwo bwami bwompi bwaranzwemwo uruhagarara kubera ko ahanini bwaganzwa n’abami batagira ukwizera kandi batagamburuka. Isirayeli yarashikiwe n’ibintu bigoye cane gusumba Ubuyuda, kubera ko abami baganza ubwo bwami bari baremesheje ugusenga kw’ikinyoma kuva mu ntango. Naho umuhanuzi Eliya na Elisa bakoze ibikorwa vy’ububasha harimwo mbere n’ukuba bompi barazuye abapfuye, Isirayeli yagumye yivobeka mu ngendo y’ubukozi bw’ikibi. Amaherezo, Imana yararetse ubwo bwami bwo mu Buraruko burasangangurwa n’Abashuri.

Naho haciye imyaka hafi ijana Ubuyuda bukiriho inyuma y’aho Isirayeli isanganguriwe, na bwo nyene Imana yahavuye ibuhana. Abami b’Ubuyuda bari ku rushi ni bo bonyene bumviye imburi abahanuzi b’Imana batanga maze baragerageza kuyobora iryo hanga kugira ngo risubire kuri Yehova. Nk’akarorero, Umwami Yosiya yaratanguye igikorwa co guhumanura Ubuyuda mu kubukuramwo ugusenga kw’ikinyoma yongera arasubiza umutamana urusengero rwa Yehova. Igihe hatorwa ca gitabu nyene cari canditswemwo Itegeko Imana yatanze ibicishije kuri Musa, Yosiya vyaramukoze cane ku mutima maze aca arongereza umwete mw’isekeza yariko aragira ryo guhindura ibintu.

Ikibabaje ni uko abasubiriye Yosiya batakurikije ako karorero keza uwo mwami yatanze. Ivyo vyatumye Yehova areka ihanga ry’Abanyababiloni riranesha Ubuyuda, rirasangangura Yeruzalemu be n’urusengero rwaho. Abacitse kw’icumu barajanywe inyagano i Babuloni. Imana yari yaravuze ko bomaze imyaka 70 muri ubwo bunyagano. Ubuyuda bwamaze iyo myaka yose ari umusaka, gushika aho, nk’uko vyari vyarasezeranywe, abagize iryo hanga bemerewe gusubira muri ico gihugu cabo c’amavukiro.

Ariko rero, nta bandi bami bakomoka kuri Dawidi boshoboye kuganza gushika habonetse ingoma ya wa Murokozi yari yarasezeranywe, ari we Mesiya. Benshi mu bami bigeze kwicara ku ntebe y’ubwami ya Dawidi i Yeruzalemu, baragaragaje yuko abantu b’abanyagasembwa badashoboye gutegeka. Mesiya ni we wenyene yobishoboye vy’ukuri. Kubera ico, Yehova yarabwiye umwami wa nyuma yakomotse kuri Dawidi ati: “Kūra umugāra. . . . Kandi ni ko bizokwama, gushitsa igihe nyenevyo azozira; nanje nzobimuha.”Ezekiyeli 21:26, 27.

—Bivugwa mu 1 Abami; 2 Abami; 2 Ngoma ikigabane ca 10 gushika ku ca 36; Yeremiya 25:8-11.

Raba n'ibindi

Yona yarigiye ku makosa yiwe

Woba utahura Yona kubona yaratinye igikorwa bamushinze? Inkuru yiwe iratwigisha ivyigwa bihambaye ku bijanye n’ukwihangana kwa Yehova hamwe n’imbabazi ziwe.