Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Woba ushaka kumenya vyinshi kuruta?

Woba ushaka kumenya vyinshi kuruta?

Aka gatabu karimwo incamake ngufi ishikirizwa mu buryo bushimishije kandi butinjira mu mizi cane ubutumwa buri muri Bibiliya. Ariko rero, intumbero y’iyo ncamake si iyo gusigura ido n’ido ivyo Bibiliya yigisha ku kintu ico ari co cose.

Nk’akarorero, hari aho woba ushashaye kumenya inyishu Bibiliya itanga ku bibazo nk’ibi: Imana yoba vy’ukuri imbabaye? Bitugendera gute iyo dupfuye? Nshobora gute kuronka agahimbare mu buzima?

Inyishu z’ivyo bibazo be n’ibindi bishimishije urashobora kubisanga mu gitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? casohowe n’Ivyabona vya Yehova. Ico gitabu kigenewe kwiga Bibiliya ufatiye ku ciyumviro kimwekimwe ukwaco. Ubwo buryo bwo kwiga burafasha umuntu gutahura ivyanditswe bitandukanye vyo muri Bibiliya usanga bihuriye ku ciyumviro kinaka. Woshobora gusaba ico gitabu mu kwuzuza agace ko kwandikamwo aderese kari kuri aka gatabu, maze ukarungike kuri aderese iri aha hepfo.

□ Ata co ndinze gusabwa, ndabasavye mundonse igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?

□ Ndabasavye mumenyeshe ibijanye n’inyigisho ya Bibiliya yo ku muhana igirwa ku buntu.