Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IGIHIMBA CA 10

Salomo umwami w’inkerebutsi

Salomo umwami w’inkerebutsi

Yehova araha Umwami Salomo umutima w’ubukerebutsi; mu gihe c’ingoma ya Salomo, Abisirayeli baratunganirwa kandi bakagira amahoro, mu buryo ata co bwogereranywa

MBEGA ubuzima bwobaye bumeze gute mu gihe ihanga ryose uko ryakabaye be n’umutware waryo bokurikiye Yehova, Segaba wabo kandi bakagamburuka amategeko yiwe? Inyishu y’ico kibazo yaribonekeje mu kiringo c’imyaka 40 ingoma y’Umwami Salomo yamaze.

Imbere y’uko Dawidi apfa, yaragenye umuhungu wiwe Salomo ngo abe ari we amusubirira. Biciye mu ndoto, Imana yarabwiye Salomo ngo ayisabe ico yipfuza cose. Salomo yasavye ubukerebutsi n’ubumenyi kugira ngo azocire abantu imanza ata karenganyo kandi abigiranye ubukerebutsi. Yehova vyaramuhimbaye maze araha Salomo umutima w’ubukerebutsi n’ugutahura. Yehova kandi yaramusezeraniye ko yomuhaye itunga, icubahiro n’ukuramba mu gihe yogumye agamburuka.

Salomo yarahavuye aba rurangiranwa kubera imanza yaca mu buryo buranga ubukerebutsi. Igihe kimwe, hari abagore babiri bariko bapfa umwana w’umuhungu, umwe wese akavuga yuko ari we yari nyina w’uwo mwana. Salomo yategetse ko uwo mwana bamugaburamwo kubiri maze umugore umwe bakamuha igihimba kimwe, uwundi ikindi. Umugore wa mbere yaremeye, ariko uwari nyina vy’ukuri w’uwo mwana yaciye atakamba asaba yuko uwo mwana yopfuma ahabwa uwo wundi mugore. Ico gihe Salomo yarabonye neza ko uwo mugore w’umunyampuhwe ari we yari nyina w’uwo mwana maze aca aramumuha. Abisirayeli bose ntibatevye kwumva ukuntu urwo rubanza rwaciwe, maze bamenya ko Salomo yari afise ubukerebutsi buva ku Mana.

Kimwe mu bikorwa bihambaye cane Salomo yaranguye ni ikijanye n’ukwubaka urusengero rwa Yehova, runo rukaba rwari inyubakwa ibereye ijisho y’i Yeruzalemu yobaye ho hantu nyamukuru ho gusengera muri Isirayeli. Igihe urwo rusengero rwegurirwa Imana, Salomo yasenze ati: “Raba ijuru, mbere n’ijuru risumba ayandi, ntushobora kurikwirwamwo, nkanswe iyi nzu nubatse!”—1 Abami 8:27.

Salomo yaramenyekanye no mu bindi bihugu, mbere no mu bihugu vya kure cane nk’i Sheba muri Arabiya. Umwamikazi w’i Sheba yaragize urugendo kugira ngo aze kwirabira icubahiro ca Salomo be n’itunga ryiwe, yongere amenye ukuntu ubukerebutsi bwiwe bwangana. Uwo mwamikazi yaratangajwe cane n’ubukerebutsi bwa Salomo be n’ugusagamba kwa Isirayeli ku buryo yashemeje Yehova kuba yarimitse umwami nk’uyo w’inkerebutsi. Nkako, biciye ku mihezagiro ya Yehova, ingoma ya Salomo yabaye yo ngoma isagamvye kandi irangwa amahoro kuruta izindi zabayeho muri kahise ka Isirayeli ya kera.

Ikibabaje, Salomo yarananiwe kuguma akora ahuje n’ubukerebutsi bwa Yehova. Yarirengagije itegeko ry’Imana maze arongora abagore amajana, benshi muri bo bakaba basenga imana z’inyamahanga. Bukebuke, abo bagore biwe bahavuye batuma umutima wiwe uva kuri Yehova, atangura gusenga ibigirwamana. Yehova yabwiye Salomo yuko yokwatswe igice c’ubwami. Imana yavuze yuko umuryango wiwe wogumye ufise igice kimwe gusa, kubera isezerano yari yaragiranye na Dawidi se wa Salomo. Naho Salomo yahemutse, Yehova yagumye ari intahemuka kw’isezerano ry’Ubwami yagiraniye na Dawidi.

—Bivugwa mu 1 Abami ikigabane ca 1 gushika ku ca 11; 2 Ngoma ikigabane ca 1 gushika ku ca 9; Gusubira mu vyagezwe 17:17.