Ubutumwa bwo muri Bibiliya—Incamake
Yehova ararema Adamu na Eva bafise icizigiro co kubaho ibihe bidahera mw’Iparadizo. Shetani aracokora izina ry’Imana akongera akavyura inkeka ku burenganzira Imana ifise bwo gutegeka. Adamu na Eva barifatanya na Shetani muri ubwo bugarariji, maze bakikwegera igicumuro n’urupfu bakongera bakabikwegera abobakomotseko
Yehova aracira urubanza abo bagarariji maze agasezerana ko hazoboneka Umurokozi, ni ukuvuga Uruvyaro, ruzofyonyora Shetani, rukarandurana n’imizi ingaruka zose z’ubugarariji n’igicumuro
Yehova arasezeranira Aburahamu na Dawidi ko bazoba ba sekuruza b’urwo Ruvyaro, ari we Mesiya azoganza ari Umwami ibihe bidahera
Yehova arahumekera abahanuzi kugira ngo bavuge imbere y’igihe yuko Mesiya azokiza abantu igicumuro n’urupfu. Ari kumwe n’abo bazofadikanya kuganza, azoganza ari Umwami w’Ubwami bw’Imana, buno bukaba buzokuraho intambara, indwara, mbere n’urupfu
Yehova ararungika Umwana wiwe kw’isi akongera akamenyekanisha ko Yezu ari we Mesiya. Yezu aramamaza ivyerekeye Ubwami bw’Imana akongera agatanga ubuzima bwiwe kw’inkuka. Mu nyuma, Yehova aramuzura ari ikiremwa c’impwemu
Yehova arimika Umwana wiwe ngo abe Umwami mw’ijuru, ivyo bikaba biranga intango y’imisi ya nyuma y’ivy’iyi si. Yezu arayobora abayoboke biwe bo kw’isi uko bamamaza Ubwami bw’Imana hirya no hino kw’isi
Yehova arategeka Umwana wiwe kuzana ubutegetsi bw’Ubwami ng’aha kw’isi. Ubwo Bwami burakomvomvora intwaro mbi zose, bugashiraho Iparadizo bukongera bugatuma abantu b’abizigirwa baba abatagira agasembwa. Uburenganzira Yehova afise bwo kuganza buremezwa, kandi izina ryiwe rirezwa ibihe bidahera