Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IGIHIMBA CA 8

Abisirayeli binjira i Kanani

Abisirayeli binjira i Kanani

Yosuwa arayobora Abisirayeli mu kwigarurira igihugu c’i Kanani. Yehova araha ububasha abacamanza kugira ngo bakure abasavyi biwe mu gahahazo

IMYAKA amajana n’amajana imbere y’uko Abisirayeli binjira i Kanani, ico gihugu Yehova yari yaragisezeraniye abokomotse kuri Aburahamu. Ico gihe, Abisirayeli bayobowe na Yosuwa, bari biteguriye kwigarurira Igihugu c’isezerano.

Imana yari yaramaze gucira Abanyakanani urubanza rwo kurandurwa. Bari barujuje ico gihugu ingeso z’ivy’ubuhumbu zononekaye bimwe vy’akamaramaza be no gusesa amaraso ata kigongwe. Ku bw’ivyo rero, ibisagara vy’Abanyakanani Abisirayeli bokwigaruriye, vyobwirijwe gusangangurwa buhere.

Ariko rero, imbere y’uko binjira muri ico gihugu, Yosuwa yararungitse abatasi babiri, bano bakaba bashikiye mu gisagara c’i Yeriko ku mugore umwe yitwa Rahabu. Naho uwo mugore yari azi yuko abo batasi ari Abisirayeli, yarabakiriye mu nzu iwe arongera arabakingira. Rahabu yarizera Imana y’Abisirayeli, kubera ko yari yarumvise ivyerekeye ibikorwa vyo kurokora Yehova yakoreye abasavyi biwe. Yarasavye abo batasi ko bomurahira yuko we n’abo mu rugo iwabo bozigurijwe.

Mu nyuma, igihe Abisirayeli binjira i Kanani maze bagatera i Yeriko, Yehova yaratumye impome z’i Yeriko zisenyuka ku gitangaro. Ingabo za Yosuwa zaritereye muri ico gisagara maze ziragisangangura, ariko zarazigurije Rahabu be n’umuryango wiwe. Rero, biciye ku bitero vy’urutavanako vyagiye biragirwa mu kiringo c’imyaka itandatu, Yosuwa yarigaruriye igice kinini ca ca Gihugu c’isezerano. Ivyo bitero biheze, ico gihugu caragabaguriwe imiryango ya Isirayeli.

Yosuwa ari mu kurangiza igikorwa yari amaze igihe kirekire arangura, yarakoranirije hamwe abasavyi b’Imana. Yarasubiye kurimburira hamwe na bo ivyo Yehova yari yaragiriye ba sekuruza babo maze abaremesha gusukurira Yehova. Yamara rero, inyuma y’aho Yosuwa n’abagenzi biwe bapfiriye, Abisirayeli barahevye Yehova baja mu vyo gusenga imana z’ikinyoma. Iryo hanga ryaramaze imyaka nka 300 riza riragambararira amategeko ya Yehova. Muri ico gihe, Yehova yarareka abansi b’Abisirayeli, nk’akarorero Abafilisitiya, bakabahahaza. Ariko igihe Abisirayeli baba batakambiye Yehova ngo abafashe, yarahagurutsa abacamanza, bose hamwe bakaba babaye 12, kugira ngo babatabare.

Ikiringo c’Abacamanza kivugwa mu gitabu c’Abacamanza catanguranye na Otiniyeli kirangirana na Samusoni, uno akaba yari we muntu yari afise inguvu kuruta ababayeho bose. Ukuri kw’ishimikiro kuguma kugaragazwa mu nkuru ishimishije cane yiganwa mu gitabu ca Bibiliya c’Abacamanza ni uku: Kugamburukira Yehova bishikana ku mihezagiro, kugambarara na vyo bigakwega akarambaraye.

—Bivugwa muri Yosuwa; Abacamanza; Abalewi 18:24, 25.