Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya​—Irimwo ubutumwa ubuhe?

 IGIHIMBA CA 22

Intumwa zamamaza ata bwoba

Intumwa zamamaza ata bwoba

Ishengero rya gikirisu riratera imbere ningoga naho hari uruhamo

HACIYE imisi cumi Yezu aduze mw’ijuru, abigishwa biwe bashika ku 120 barakoraniye hamwe mu nzu i Yeruzalemu igihe c’ihimbazwa ry’Umusi mukuru w’Abayuda wa Pentekoti, mu 33 G.C. Muri ako kanya nyene, inzu barimwo yaciye yumvikanamwo ijwi rimeze nk’akayaga gahuhuta. Abo bigishwa baciye batangura kuvuga ku gitangaro indimi batari basanzwe bavuga. Ni igiki cari catumye ivyo bintu bitangaje biba? Imana yari yahaye abo bigishwa impwemu nyeranda.

Hanze, hari isinzi ry’abantu kubera hariho abari baje guhimbaza uwo musi mukuru bavuye mu bihugu vyinshi. Baratangajwe cane no kwumva indimi zabo kavukire ziriko zivugwa neza n’abo bigishwa ba Yezu. Mu gusigura ivyari bihejeje kuba, Petero yarerekeje ku buhanuzi bwari bwaravuzwe n’umuhanuzi Yoweli bw’uko Imana ‘yosutse’ impwemu yayo ku basavyi bayo, na yo ikaba yobaronkeje ingabirano zo gukora ibitangaro. (Yoweli 2:28, 29) Ico kimenyamenya gikomeye kivuye ku mpwemu nyeranda carerekanye mu buryo butomoye ko hari habaye ihinduka rihambaye, na ryo rikaba ari iry’uko Imana itari igitonesha ihanga rya Isirayeli, ahubwo ko yatonesha ishengero rya gikirisu ryari riherutse gushingwa. Kuva ico gihe, abashaka gusukurira Imana mu buryo yemera babwirizwa gucika abayoboke ba Kristu.

Muri ico kiringo, uruhamo rwararushirije kwongerekana, abansi na bo barata abigishwa mw’ibohero. Mugabo mw’ijoro, umumarayika wa Yehova yaruguruye nya bohero maze abwira abo bigishwa kubandanya bamamaza. Bukeye bwaho mu mutwenzi, barakoze nk’uko nyene bari babwiwe. Barinjiye mu rusengero maze batangura kwigisha inkuru nziza yerekeye Yezu. Abanyedini babarwanya barashangashiwe maze babategeka guhagarika kwamamaza. Intumwa zishuye ata bwoba ziti: “Dutegerezwa kugamburukira Imana bwa mutware aho kugamburukira abantu.”—Ibikorwa 5:28, 29.

Uruhamo rwarongerekanye bimwe bikomeye. Hari Abayuda bagirije umwigishwa Sitefano yuko ngo yarogose ku Mana maze bamwicisha amabuye. Umusore umwe yitwa Sauli w’i Taruso yariboneye iryo yicwa yongera ararishigikira. Yaciye rero aja i Damasiko gufata umuntu wese yakurikira Kristu. Igihe Sauli yari mu nzira ariko aragenda, umuco uvuye mw’ijuru wararabirije hirya no hino yiwe maze humvikana ijwi rivuga riti: “Sauli, Sauli, umpamira iki?” Uwo muco waratumye Sauli ahuma, maze abaza ati: “Uri nde?” Nya jwi ryishuye riti: “Ndi Yezu.”—Ibikorwa 9:3-5.

Haciye imisi itatu, Yezu yararungitse umwigishwa yitwa Ananiya kugira ngo atume Sauli ahumuka. Sauli yarabatijwe maze aca atangura kwamamaza ivyerekeye Yezu abigiranye ubutinyutsi. Sauli yahavuye yitwa intumwa Paulo kandi yarabaye umukirisu w’umunyamwete wo mu bagize ishengero rya gikirisu.

Abigishwa ba Yezu bari bamaze igihe bariko barabwira inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana Abayuda n’Abasamariya gusa. Muri ico gihe umumarayika yariyeretse Koruneliyo, uno akaba yari umugabisha w’ingabo w’Umuroma yatinya Imana, amubwira gutumako intumwa Petero. Petero aherekejwe n’abandi, yarabwiye inkuru nziza Koruneliyo n’abo mu rugo rwiwe. Igihe Petero yariko aravuga, impwemu nyeranda yaraje kuri abo Banyamahanga bari bizeye, maze iyo ntumwa isaba ko babatizwa mw’izina rya Yezu. Ico gihe hoho abantu bo mu mahanga yose bari bugururiwe inzira ijana mu buzima budahera. Ishengero ryari ryiteguriye gukwiragiza inkuru nziza mu turere twinshi cane kandi twa kure.

—Bivugwa mu Bikorwa 1:1–11:21.