Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya—Irimwo ubutumwa ubuhe?

 IGIHIMBA CA 6

Yobu agumana ugutungana kwiwe

Yobu agumana ugutungana kwiwe

Shetani aravyura inkeka ku bijanye n’ugutungana Yobu afise imbere y’Imana, ariko Yobu aguma ari umwizigirwa kuri Yehova

HARI umuntu n’umwe yoguma ari umwizigirwa ku Mana igihe yogeragezwa gushika ku rugero rwa nyuma be n’igihe ukugamburuka kwiwe kwosa n’uko ata co kwomwungura mu vy’umubiri? Ico kibazo carabajijwe kandi kiranishurwa mu vyashikiye umugabo umwe yitwa Yobu.

Igihe Abisirayeli bari bakiri mu Misiri, Yobu, incuti ya Aburahamu, yaba ahitwa Arabiya ubu. Muri ico gihe, abamarayika bo mw’ijuru barakoraniye imbere y’Imana kandi Shetani wa mugarariji yari muri bo. Imbere y’iryo koraniro ryabereye mw’ijuru, Yehova yaraseruye ko yizigira umusavyi wiwe w’intahemuka Yobu. Kukaba nkako, Yehova yaravuze ko ata wundi muntu yari afise ugutungana nk’ukwa Yobu. Ariko, Shetani yemeje ko Yobu akorera Imana kubera ko Imana yamuhezagiye ikanamukingira. Shetani yivugishije ko hamwe Yobu yonyagwa ivyo afise vyose, yotutse Imana.

Imana yararetse Shetani ubwa mbere aramunyaga ubutunzi bwiwe be n’abana biwe, mu nyuma na ho amugirira nabi ku mubiri. Kubera Yobu atari azi ko Shetani ari we yariko agira uruhara muri ivyo vyose, ntiyashoboye gutahura igituma Imana yaretse ngo ashikirwe n’ivyo bigeragezo. Naho vyari ukwo, Yobu ntiyigeze atuka Imana.

Hari abagenzi babi batatu baje kuraba Yobu. Biciye ku majambo menshi cane abo bagabo bagiye baravuga yanditswe mu gitabu ca Yobu, baragerageje babigiranye ukwihenda kujijura Yobu yuko Imana yariko iramuhana kubera ivyaha yakoreye mu mpisho kandi atari vyo. Baranivugishije yuko Imana idahimbarwa n’abasavyi bayo kandi ko itabizigira. Yobu yariyamirije ivyo vyiyumviro vyabo vy’ububeshi. Abigiranye ukwizigira, Yobu yaravuze ko yogumanye ugutungana kwiwe gushika ku gupfa.

Ariko, Yobu yarakoze ikosa mu kurazwa ishinga bimwe birenze urugero n’ukwiburanira yerekana ko ata kibi camwagira. Umugabo yari muto muri bo yitwa Elihu, na we akaba yari yateze amatwi ivyariko biravugwa vyose, yarafashe ijambo. Elihu yarakosoye Yobu kuba atatahuye yuko ukuburanira ubusegaba bwa Yehova Imana ari co kintu gihambaye cane kuruta ukwiburanira. Elihu kandi yarakariye cane ba bagenzi babi ba Yobu.

Yehova Imana yaciye avugana na Yobu, maze arakosora ivyiyumviro vyiwe. Mu gushira ahabona ibintu vyinshi bitangaje vy’irema, Yehova yaratumye Yobu atahura ko Imana ihambaye cane kuruta umuntu. Yobu yaremeye ugukosorwa yahawe n’Imana abigiranye ukwicisha bugufi. Kubera ko Yehova ari “umunyakibabarwe cane n’umunyembabazi,” yaratumye Yobu asubira kugira amagara meza, atuma agira ubutunzi buruta incuro zibiri ubwo yari afise, yongera amuronsa abana cumi. (Yakobo 5:11) Mu kugumana ugutungana yari afitiye Yehova naho yari mu bigeragezo bikaze, Yobu yarashoboye kwishura ikirego Shetani yavyuye kijanye n’uko ngo abantu batoguma ari abizigirwa ku Mana mu gihe boshikirwa n’ikigeragezo.

—Bivugwa mu gitabu ca Yobu.

Raba n'ibindi

‘Mbega Imana Iragabitanya?’

Nimba Yehova yanka akarenganyo, ni kubera iki isi yuzuye akarenganyo?