Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

UMUNARA W’INDERETSI GITUGUTU 2014

 IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | UBWAMI BW’IMANA—NI IGIKI BUZOGUKORERA?

Ubwami bw’ImanaWokora iki ngo uzobwungukireko?

Ubwami bw’ImanaWokora iki ngo uzobwungukireko?

Ibiganiro biheze bishobora kuba vyakweretse ko Ivyabona vya Yehova baha agaciro Ubwami bw’Imana. Kandi ushobora kuba washimishijwe cane n’ivyiza bimwebimwe Ubwami bw’Imana buzokora. Ariko ushobora kuba wibaza nimba ivyo vyiza bizoranguka vy’ukuri.

Ni vyiza kuba udapfa kwemera ikintu cose ubariwe. (Imigani 14:15) Abanyaberoya * ba kera na bo nyene bari abantu badapfa kwemera ivyo bumvise. Igihe babwirwa inkuru nziza yerekeye Ubwami bw’Imana ari bwo bwa mbere, barayemeye. Ariko ntibayemeye kubera gusa yari inkuru ivuga ibintu bibashimisha. Ahubwo barasuzumye Ivyanditswe vyeranda bitonze kugira “ngo barabe ko ivyo ari ko biri.” (Ivyakozwe 17:11) Ivyo bisigura yuko Abanyaberoya bafashe inkuru nziza bari bumvise bayigereranya n’ico Ivyanditswe bivuga. Bahavuye bashira amazinda yuko iyo nkuru nziza yari ishingiye koko kw’Ijambo ry’Imana.

Tukuremesheje nawe kubigenza gutyo. Turashobora kugufasha kwiga Bibiliya ku buntu. Ivyo vyokuronsa akaryo ko gusuzuma yuko ivyo Ivyabona vya Yehova bemera ku bijanye n’Ubwami bw’Imana bihuje n’ivyo Bibiliya yigisha.

Kwiga Bibiliya ntibizotuma gusa umenya ivyerekeye Ubwami bw’Imana. Bizogufasha no kuronka inyishu z’ibibazo bimwebimwe bihambaye mu buzima, nk’ibi:

N’igihambaye kuruta, kwiga Bibiliya bizotuma ‘wiyegereza Imana.’ (Yakobo 4:8) Vyongeye, uko urushiriza kwiyegereza Imana, ni ko uzorushiriza kwibonera ivyiza Ubwami bw’Imana bushobora kukuronsa muri iki gihe be n’ibihe bidahera. Yezu yasenze Se ati: “Kugira ngo baronke ubuzima budahera, ni uko baguma bironsa ubumenyi bwerekeye wewe, Imana yonyene y’ukuri, n’ubwerekeye uwo watumye, Yezu Kristu.”Yohani 17:3.

 

^ par. 4 Beroya cari igisagara c’intara ya kera yitwa Makedoniya.

Raba n'ibindi

Twokura he inyishu z’ibibazo bihambaye vyerekeye ubuzima?

Ubona twozikura mu bijanye n’ubuhinga, mu vyiyumviro vy’abantu canke muri Bibiliya?

Ivyigwa mutanga vya Bibiliya bigirwa gute?

Raba inyishu z’ibibazo ku bijanye n’ivyigwa vya Bibiliya dutanga ku buntu.