Matayo 21:1-46

  • Yezu yinjira i Yeruzalemu nk’umwami (1-11)

  • Yezu ahumanura urusengero (12-17)

  • Avuma igiti c’umusukoni (18-22)

  • «Ni ububasha nyabaki butuma ukora ivyo bintu?» (23-27)

  • Ikigereranyo c’abahungu babiri (28-32)

  • Ikigereranyo c’abarimyi b’abicanyi (33-46)

    • Ibuye rigumya imfuruka ritabwa (42)

21  Bashitse i Betifage ku musozi w’Imyelayo, hafi y’i Yeruzalemu, Yezu atuma abigishwa biwe babiri+,  ababwira ati: «Genda muri kiriya kigwati mubona. Muhashitse murahasanga indogobwa iziritse iri kumwe n’inyana yayo. Muce mubizitura maze mubinzanire.  Nihagira uwubabaza, mumubwire muti: “Umukama arabikeneye.” Aca abareka mubizane.»  Ivyo vyabaye kugira haranguke ivyo umuhanuzi yari yaravuze ati:  «Nimubwire umukobwa wa Siyoni muti: “Raba! Umwami wawe araje iwawe+, aritonda+, kandi aje agendera ku ndogobwa, egome indogobwa ikiri ntoyi, umwagazi w’igitungwa cikorera imizigo+.”»  Abo bigishwa baca baragenda, bakora nk’uko Yezu yabategetse+.  Nuko bazana iyo ndogobwa n’inyana yayo, babisasako impuzu zabo* hanyuma Yezu azicarako+.  Maze benshi muri iryo sinzi basasa impuzu zabo mu nzira+, abandi na bo baca amashami y’ibiti bayasasa mu nzira.  Vyongeye, abagendera imbere yiwe n’abagendera inyuma yiwe, baguma basemerera bati: «Turagutakambiye, kiza Umwana wa Dawidi+! Arahezagiwe uwuje mw’izina rya Yehova*+! Mukize, turagutakambiye wewe uri iyo hejuru+ 10  Yinjiye i Yeruzalemu, abantu bo mu gisagara bose barashwabaduka, bavuga bati: «Uyu ni nde?» 11  Isinzi riri kumwe na we na ryo rikishura riti: «Ni wa muhanuzi Yezu+ w’i Nazareti h’i Galilaya!» 12  Yezu yinjira mu rusengero maze ahindira hanze abantu bose bariko baragura n’abariko baragurisha. Ahenagura imeza z’abavunjayi n’intebe z’abariko bagurisha inuma+. 13  Ababwira ati: «Vyanditswe ngo: “Inzu yanje izokwitwa inzu yo gusengeramwo+”, ariko mwebwe muriko muyigira isenga ry’abambuzi+ 14  Vyongeye, impumyi n’abacumbagira bamusanga mu rusengero, na we arabakiza. 15  Abakuru b’abaherezi n’abanditsi babonye ibintu bitangaje akoze, bakumva n’abana b’abahungu basemerera mu rusengero ngo: «Turatakamvye, kiza Umwana wa Dawidi+!», baca barashavura+, 16  bamubwira bati: «Urumva ivyo bariko baravuga?» Yezu abishura ati: «Egome. Mbega ntimurigera musoma ahavuga ngo: “Washize amashemezo mu kanwa k’abana n’abonka+”?» 17  Aca abasiga ng’aho, hanyuma ava mu gisagara aja i Betaniya, ararayo+. 18  Agarutse mu gisagara mu gatondo ka kare, yumva arashonje+. 19  Aca abona igiti c’umusukoni iruhande y’inzira, araheza aracegera mugabo asanga kiriko amababi gusa+. Aca akibwira ati: «Uragapfa udasubiye kwama+!» Ubwo nyene ico giti gica kiruma. 20  Abigishwa biwe babibonye, barumirwa maze bavuga bati: «Vyagenze gute ngo ico giti c’umusukoni gice cuma ubwo nyene+ 21  Yezu abishura ati: «Ni ukuri ndabibabwiye, hamwe mwoba mufise ukwizera kandi ntimukekeranye, ntimwokora ivyo nakoreye iki giti c’umusukoni gusa. Ahubwo mwobwira n’uyu musozi muti: “Randuka ugwe mu kiyaga”, kandi vyoba+. 22  Kandi ibintu vyose muzosaba mubigiranye ukwizera muzobironka+ 23  Amaze kwinjira mu rusengero, abakuru b’abaherezi n’abashingantahe b’iryo hanga baza aho ari igihe yariko arigisha, bamubaza bati: «Ni ububasha nyabaki butuma ukora ivyo bintu? Ni nde yabuguhaye+ 24  Yezu abishura ati: «Reka nanje ndababaze ikintu kimwe. Nimwanyishura, nca ndababwira ububasha butuma nkora ivyo bintu: 25  Ibatisimu ya Yohani yakomotse he? Mw’ijuru canke ku bantu?» Baca batangura kuvugana hagati yabo bati: «Nitwavuga ngo “mw’ijuru”, aca atubaza ati: “Kubera iki none mutamwemeye+?” 26  Nitwavuga na ho ngo “ku bantu”, abantu baratumara, kuko bose bafata Yohani nk’umuhanuzi.» 27  Baca bishura Yezu bati: «Nta vyo tuzi.» Na we ababwira ati: «Nanje rero sindababwira ububasha butuma nkora ivyo bintu ubwo ari bwo. 28  Muvyibazako iki? Umuntu umwe yari afise abana babiri. Aja ku wa mbere, amubwira ati: “Mwananje, uyu musi genda ukore mu murima w’imizabibu.” 29  Na we amwishura ati: “Singenda.” Ariko haciye akanya arigarura, hanyuma aragenda. 30  Aja ku wa kabiri, amubwira kwa kundi nyene. Na we amwishura ati: “Ndagenda da”, ariko ntiyagenda. 31  Ni nde muri abo babiri yakoze ivyo se wiwe agomba?» Bamwishura bati: «Ni uwo wa mbere.» Yezu aca ababwira ati: «Ndababwije ukuri ko abatozakori n’abamaraya bazobatanga kwinjira mu Bwami bw’Imana. 32  Kuko Yohani yaje kubereka ibigororotse, ariko ntimwamwemera. Mugabo abatozakori n’abamaraya baramwemeye+. Kandi n’igihe mwabibona, ntimwicujije ngo mumwemere. 33  Umve ikindi kigereranyo: Umuntu umwe yari afise itongo, ariteramwo imizabibu+ hanyuma arikikuza uruzitiro. Yarimvye kandi aho baganira umuvinyu, yubaka n’umunara+. Uwo murima yaciye awusigira* abarimyi, maze afata urugendo aja mu mahanga+. 34  Iyimbura rigeze, atuma abashumba biwe kuri ba barimyi ngo bamutorere umwimbu. 35  Ariko abo barimyi bafata ba bashumba biwe, umwe baramukubita, uwundi baramwica, uwundi na we bamutera amabuye+. 36  Yongera arungika abandi bashumba benshi kuruta aba mbere, ariko na bo nyene babagira kwa kundi+. 37  Ubwa nyuma, abarungikira umwana wiwe, avuga ati: “Bazokwubaha umwana wanje.” 38  Ba barimyi ngo babone uwo mwana, baca bavugana bati: “Uyu ni we samuragwa+. Ingo tumwice, dutware intoranwa yiwe!” 39  Baca baramufata bamuterera inyuma ya wa murima w’imizabibu, baramwica+. 40  None nyene umurima niyaza, azogira gute abo barimyi?» 41  Bamwishura bati: «Kubera yuko ari inkozi z’ikibi, azobica rubi* hanyuma uwo murima awusigire* abandi barimyi bazomuha umwimbu igihe kigeze.» 42  Yezu ababwira ati: «Mbega ntimwigeze musoma mu Vyanditswe ngo: “Ibuye abubatsi bataye ryahavuye riba ibuye nyamukuru rigumya imfuruka*+? Ivyo vyavuye kuri Yehova*, kandi biratangaje mu maso yacu+.” 43  Ni co gituma ndababwiye ko Ubwami bw’Imana muzobwakwa bugahabwa ihanga ryama ivyamwa bibereye. 44  Vyongeye, umuntu wese azogwa kuri iri buye azovunagurika+, ariko uwo rizogwako rizomufyonyora+ 45  Abakuru b’abaherezi n’Abafarizayo bumvise ibigereranyo vyiwe, baca bamenya ko ari bo yariko aravuga+. 46  Naho bashaka kumufata, baratinye amasinzi y’abantu kuko bamubona nk’umuhanuzi+.

Utujambo tw'epfo

Canke «impuzu zabo zo hejuru.»
Mu kigiriki havuga ngo «awukotesha.»
Canke «azobatikiza bimwe bibi.»
Mu kigiriki havuga ngo «awukoteshe.»
Mu kigiriki havuga ngo «riba umutwe w’imfuruka.»