Matayo 21:1-46
21 Bashitse i Betifage ku musozi w’Imyelayo, hafi y’i Yeruzalemu, Yezu atuma abigishwa biwe babiri+,
2 ababwira ati: «Genda muri kiriya kigwati mubona. Muhashitse murahasanga indogobwa iziritse iri kumwe n’inyana yayo. Muce mubizitura maze mubinzanire.
3 Nihagira uwubabaza, mumubwire muti: “Umukama arabikeneye.” Aca abareka mubizane.»
4 Ivyo vyabaye kugira haranguke ivyo umuhanuzi yari yaravuze ati:
5 «Nimubwire umukobwa wa Siyoni muti: “Raba! Umwami wawe araje iwawe+, aritonda+, kandi aje agendera ku ndogobwa, egome indogobwa ikiri ntoyi, umwagazi w’igitungwa cikorera imizigo+.”»
6 Abo bigishwa baca baragenda, bakora nk’uko Yezu yabategetse+.
7 Nuko bazana iyo ndogobwa n’inyana yayo, babisasako impuzu zabo* hanyuma Yezu azicarako+.
8 Maze benshi muri iryo sinzi basasa impuzu zabo mu nzira+, abandi na bo baca amashami y’ibiti bayasasa mu nzira.
9 Vyongeye, abagendera imbere yiwe n’abagendera inyuma yiwe, baguma basemerera bati: «Turagutakambiye, kiza Umwana wa Dawidi+! Arahezagiwe uwuje mw’izina rya Yehova*+! Mukize, turagutakambiye wewe uri iyo hejuru+!»
10 Yinjiye i Yeruzalemu, abantu bo mu gisagara bose barashwabaduka, bavuga bati: «Uyu ni nde?»
11 Isinzi riri kumwe na we na ryo rikishura riti: «Ni wa muhanuzi Yezu+ w’i Nazareti h’i Galilaya!»
12 Yezu yinjira mu rusengero maze ahindira hanze abantu bose bariko baragura n’abariko baragurisha. Ahenagura imeza z’abavunjayi n’intebe z’abariko bagurisha inuma+.
13 Ababwira ati: «Vyanditswe ngo: “Inzu yanje izokwitwa inzu yo gusengeramwo+”, ariko mwebwe muriko muyigira isenga ry’abambuzi+.»
14 Vyongeye, impumyi n’abacumbagira bamusanga mu rusengero, na we arabakiza.
15 Abakuru b’abaherezi n’abanditsi babonye ibintu bitangaje akoze, bakumva n’abana b’abahungu basemerera mu rusengero ngo: «Turatakamvye, kiza Umwana wa Dawidi+!», baca barashavura+,
16 bamubwira bati: «Urumva ivyo bariko baravuga?» Yezu abishura ati: «Egome. Mbega ntimurigera musoma ahavuga ngo: “Washize amashemezo mu kanwa k’abana n’abonka+”?»
17 Aca abasiga ng’aho, hanyuma ava mu gisagara aja i Betaniya, ararayo+.
18 Agarutse mu gisagara mu gatondo ka kare, yumva arashonje+.
19 Aca abona igiti c’umusukoni iruhande y’inzira, araheza aracegera mugabo asanga kiriko amababi gusa+. Aca akibwira ati: «Uragapfa udasubiye kwama+!» Ubwo nyene ico giti gica kiruma.
20 Abigishwa biwe babibonye, barumirwa maze bavuga bati: «Vyagenze gute ngo ico giti c’umusukoni gice cuma ubwo nyene+?»
21 Yezu abishura ati: «Ni ukuri ndabibabwiye, hamwe mwoba mufise ukwizera kandi ntimukekeranye, ntimwokora ivyo nakoreye iki giti c’umusukoni gusa. Ahubwo mwobwira n’uyu musozi muti: “Randuka ugwe mu kiyaga”, kandi vyoba+.
22 Kandi ibintu vyose muzosaba mubigiranye ukwizera muzobironka+.»
23 Amaze kwinjira mu rusengero, abakuru b’abaherezi n’abashingantahe b’iryo hanga baza aho ari igihe yariko arigisha, bamubaza bati: «Ni ububasha nyabaki butuma ukora ivyo bintu? Ni nde yabuguhaye+?»
24 Yezu abishura ati: «Reka nanje ndababaze ikintu kimwe. Nimwanyishura, nca ndababwira ububasha butuma nkora ivyo bintu:
25 Ibatisimu ya Yohani yakomotse he? Mw’ijuru canke ku bantu?» Baca batangura kuvugana hagati yabo bati: «Nitwavuga ngo “mw’ijuru”, aca atubaza ati: “Kubera iki none mutamwemeye+?”
26 Nitwavuga na ho ngo “ku bantu”, abantu baratumara, kuko bose bafata Yohani nk’umuhanuzi.»
27 Baca bishura Yezu bati: «Nta vyo tuzi.» Na we ababwira ati: «Nanje rero sindababwira ububasha butuma nkora ivyo bintu ubwo ari bwo.
28 Muvyibazako iki? Umuntu umwe yari afise abana babiri. Aja ku wa mbere, amubwira ati: “Mwananje, uyu musi genda ukore mu murima w’imizabibu.”
29 Na we amwishura ati: “Singenda.” Ariko haciye akanya arigarura, hanyuma aragenda.
30 Aja ku wa kabiri, amubwira kwa kundi nyene. Na we amwishura ati: “Ndagenda da”, ariko ntiyagenda.
31 Ni nde muri abo babiri yakoze ivyo se wiwe agomba?» Bamwishura bati: «Ni uwo wa mbere.» Yezu aca ababwira ati: «Ndababwije ukuri ko abatozakori n’abamaraya bazobatanga kwinjira mu Bwami bw’Imana.
32 Kuko Yohani yaje kubereka ibigororotse, ariko ntimwamwemera. Mugabo abatozakori n’abamaraya baramwemeye+. Kandi n’igihe mwabibona, ntimwicujije ngo mumwemere.
33 Umve ikindi kigereranyo: Umuntu umwe yari afise itongo, ariteramwo imizabibu+ hanyuma arikikuza uruzitiro. Yarimvye kandi aho baganira umuvinyu, yubaka n’umunara+. Uwo murima yaciye awusigira* abarimyi, maze afata urugendo aja mu mahanga+.
34 Iyimbura rigeze, atuma abashumba biwe kuri ba barimyi ngo bamutorere umwimbu.
35 Ariko abo barimyi bafata ba bashumba biwe, umwe baramukubita, uwundi baramwica, uwundi na we bamutera amabuye+.
36 Yongera arungika abandi bashumba benshi kuruta aba mbere, ariko na bo nyene babagira kwa kundi+.
37 Ubwa nyuma, abarungikira umwana wiwe, avuga ati: “Bazokwubaha umwana wanje.”
38 Ba barimyi ngo babone uwo mwana, baca bavugana bati: “Uyu ni we samuragwa+. Ingo tumwice, dutware intoranwa yiwe!”
39 Baca baramufata bamuterera inyuma ya wa murima w’imizabibu, baramwica+.
40 None nyene umurima niyaza, azogira gute abo barimyi?»
41 Bamwishura bati: «Kubera yuko ari inkozi z’ikibi, azobica rubi* hanyuma uwo murima awusigire* abandi barimyi bazomuha umwimbu igihe kigeze.»
42 Yezu ababwira ati: «Mbega ntimwigeze musoma mu Vyanditswe ngo: “Ibuye abubatsi bataye ryahavuye riba ibuye nyamukuru rigumya imfuruka*+? Ivyo vyavuye kuri Yehova*, kandi biratangaje mu maso yacu+.”
43 Ni co gituma ndababwiye ko Ubwami bw’Imana muzobwakwa bugahabwa ihanga ryama ivyamwa bibereye.
44 Vyongeye, umuntu wese azogwa kuri iri buye azovunagurika+, ariko uwo rizogwako rizomufyonyora+.»
45 Abakuru b’abaherezi n’Abafarizayo bumvise ibigereranyo vyiwe, baca bamenya ko ari bo yariko aravuga+.
46 Naho bashaka kumufata, baratinye amasinzi y’abantu kuko bamubona nk’umuhanuzi+.
Utujambo tw'epfo
^ Canke «impuzu zabo zo hejuru.»
^ Raba Inyongera ya A5.
^ Mu kigiriki havuga ngo «awukotesha.»
^ Canke «azobatikiza bimwe bibi.»
^ Mu kigiriki havuga ngo «awukoteshe.»
^ Mu kigiriki havuga ngo «riba umutwe w’imfuruka.»
^ Raba Inyongera ya A5.