Matayo 3:1-17

  • Yohani Umubatizi yamamaza (1-12)

  • Ibatisimu ya Yezu (13-17)

3  Muri iyo misi, Yohani+ Umubatizi aza kwamamaza+ mu bugaragwa bw’i Yudaya,  avuga ati: «Nimwigaye kuko Ubwami bwo mw’ijuru buri hafi+  Uwo Yohani ni we umuhanuzi Yesaya+ yavuze igihe yagira ati: «Hari ijwi ry’umuntu mu bugaragwa asemerera ati: “Nimutegure inzira ya Yehova*! Nimugorore ibarabara ryiwe+.”»  Yohani yambara ubwoya bw’ingamiya, agakenyera umukaba w’urushato mu kiyunguyungu+. Yarya inzige n’ubuki bwo mw’ishamba+.  Abantu b’i Yeruzalemu, i Yudaya hose no mu karere kose ko mu micungararo ya Yorodani baguma baza kuri we+,  na we akababatiza* mu ruzi Yorodani+ kandi bakatura icese ibicumuro vyabo.  Abonye ingene Abafarizayo n’Abasadukayo+ benshi baza ngo ababatize, ababwira ati: «Mwa ruvyaro rw’imamba mwe+, ni nde yababuriye ngo muhunge uburake buriko buraza+?  Nimwame rero ivyamwa bikwiranye n’ukwigaya.  Ntimwibwire ngo: “Data ni Aburahamu+.” Ndababwiye ko Imana ishobora gukura abana ba Aburahamu muri aya mabuye. 10  Ishoka iramaze gushirwa ku muzi w’ibiti. Igiti cose rero kitama ivyamwa vyiza kizokwicirwa maze gitererwe mu muriro+. 11  Jewe ndababatiza mu mazi kuko mwigaya+. Mugabo uwuriko araza inyuma yanje arakomeye kundusha, kandi simbereye no kumwambura ibirato*+. Uwo azobabatiza mu mpwemu nyeranda+ no mu muriro+. 12  Afise mu minwe igipawa ciwe co kugosora, kandi azokubura neza imbuga* yiwe. Azokwegeraniriza ingano ziwe mu bigega, ariko umuguruka azowuturirira mu muriro+ utazima.» 13  Maze Yezu ava i Galilaya aza ku ruzi Yorodani kugira Yohani amubatize+. 14  Ariko Yohani agerageza kumubuza, amubwira ati: «Ni wewe ukwiye kumbatiza, hanyuma uze kuri jewe?» 15  Yezu amwishura ati: «Reka bigende gutyo muri uyu mwanya, kuko bibereye ko dushitsa ibigororotse vyose muri ubwo buryo.» Yohani aca arareka kumubuza. 16  Yezu amaze kubatizwa, ubwo nyene aca yiburuka mu mazi. Ijuru rica riruguruka+ maze abona impwemu y’Imana imanuka iza kuri we imeze nk’inuma+. 17  Vyongeye, humvikana ijwi rivuye mw’ijuru+, rivuga riti: «Uyu ni Umwana wanje+ nkunda cane, uwo nashimye+

Utujambo tw'epfo

Canke «akabibiza.»
Canke «isandari.»
Cari ikibanza kiri mu murima bakubitirako ivyimburwa vy’intete.