Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ubudagi: Kwamamaza ku mugaragaro iruhande y’ikambi y’impunzi

IBIKURUBIKURU VYARANZE UMWAKA UHEZE

Udukuru two hirya no hino kw’isi

Udukuru two hirya no hino kw’isi

Kubwira inkuru nziza impunzi n’abimukira

Impunzi nyinshi n’abimukira binjira mu Budagi batumye indimi abamamaji bamamazamwo zongerekana. Mu mezi icenda aheze, baratanguje imigwi n’imigwi y’imfatakibanza 229. Hari abamamaji nka 800 bariko barakurikirana ivyigwa vy’indimi 13 mu migwi 30.

Abavukanyi barabwira inkuru nziza impunzi bazisanze mu bigo zishikiramwo. Baramamaza ku mugaragaro mu bibanza birenga 200, bakaba bamaze gutanga ibitabu bishika 640.000.

Inama Nyobozi yaremeje ko kuva muri Rusama gushika muri Mukakaro 2016 haba isekeza ridasanzwe ryo kwamamaza. Abamamaji nka 700 bavuga icarabu bo mu bihugu indwi baragiye mu turere cumi two muri Otrishe no mu Budagi kubwira inkuru nziza abantu benshi bavuga icarabu bahaba.

Ibiceri mw’ibarabara

Abamamaji 50 bo mw’ishengero rimwe ryo muri Belize kenshi bagenda mu vyibare vyabo n’amaguru. Benshi muri bo barakenye, ariko si ingumyi. Mu myaka nk’ingahe iheze, baratanguye kuza baratora ibiceri mu mabarabara y’ibivu igihe bariko baramamaza inzu ku nzu. Iyo umwaka urangiye, baraheza bagahurira hamwe bakoza ivyo biceri, bagaca babiharura.

Naho vyinshi muri ivyo biceri usanga ata gaciro kanini bifise, buri mwaka basanga batoye ibingana n’amarundi arenga 380.000. Igice c’ayo mahera baca bagikoresha mu kubungabunga Ingoro y’Ubwami, ikindi na co bakagitanga ku bw’intererano y’igikorwa kirangurirwa kw’isi yose.

Ikiganiro cumvirijwe n’abantu imiliyoni zine!

Kw’igenekerezo rya 5 Ntwarante 2016, harabaye ikintu c’intibagirwa mu Burundi igihe bari bagendewe na Anthony Griffin, uwari yaserukiye icicaro gikuru. Porogarama idasanzwe igenewe amashengero yarasamiranye mu gihugu cose biciye kw’iradiyo nkuru y’igihugu. Abakurikiranye iyo porogarama bashobora kuba bashika ku miliyoni zine!

Ivyo vyarashinze intahe ikomeye, kandi abantu benshi barabishimye. Umuhinga w’ivyuma wo kw’iradiyo yafashije muri ico gikorwa yavuze ati: “Murakwiye kuza muragira ibiganiro nk’ibi!” Umwe mu bakozi b’iyo radiyo na we yanditse ati: “Murabandanye [gutunganya ibiganiro nk’ibi]. Bizokiza abantu benshi.” Abashoferi benshi b’amabisi n’amatagisi barakurikiranye ico kiganiro ku maradiyo yabo.

Igiteramo carahagaze

Buca haba Icibutso co mu 2016, abavukanyi bo mu mugwi mutoyi uri kure cane muri Népal barababaye bumvise ko hari igiteramo gikomeye c’umuziki cari kubera kw’ishure riri hafi y’ikibanza bari bakotesheje.

Ibiteramo nk’ivyo usanga birimwo urwamo rwinshi. Igihe abavukanyi bariko baragira isuku mu gitondo kuri uwo musi w’Icibutso, uwatunganije ico giteramo yababwiye ati: “Nta kindi muza kwumva atari umuziki wacu.”

Ico giteramo catanguye sasita kandi umudundo wari wose. Naho abavukanyi bari bakotesheje ibafure nini kuruta iyo bari bategekanije gukoresha, ijwi ryayo ryarasenzwe. Abavukanyi bararengewe, baca baratura ico kibazo Yehova. Hasigaye iminuta 30 ngo Icibutso gitangure, igihe nyene abavukanyi benshi bariko barashika, bagiye bumva wa muziki uzimye. Hari imborerwa zariko zirarwanira muri ico giteramo, abapolisi baca baraza baragihagarika. Abavukanyi baciye bahimbaza Icibutso mu mutekano ntangere.

Yarahayagije urubuga rwacu

Giuseppe ni umutsimvyi asanzwe wo mu Butaliyano. Akorera ishirahamwe ry’ivya internet, ariko agakorera muhira. Mu kwezi kwa gatanu guheze, yaritavye inama ari kumwe n’abandi nka 70 bakorana kugira bige ivyiyumviro bishasha ishirahamwe ryabo ryokwisunga. Umukuru w’iryo shirahamwe yatanguye avuga ko hariho imbuga zimwezimwe bofatirako mu gutunganya urubuga rwabo. Yaciye abereka rumwe muri izo mbuga. Giuseppe yaratangaye abonye aberetse urubuga rwa jw.org. Uwo mukuru yavuze ati: “Uru ni rwo rubuga rwa mbere kw’isi!” Yaciye atangura kuvuga ubuhinga bwakoreshejwe mu gutunganya jw.org. Yaravuze ko vyoroshe gutora ico umuntu arondera kuri urwo rubuga be n’uko ruriko amashusho aryoheye ijisho.

Giuseppe yavuze ati: “Abo dukorana baratangaye bumvise indimi ziri kuri urwo rubuga. Iyo nama irangiye umukoresha wanje yaciye abwira abari aho ati: ‘Giuseppe ni Icabona ca Yehova.’ Umukuru w’iryo shirahamwe yaciye ambwira ati: ‘Ishirahamwe ryanyu ni igitangaza. Nta shirahamwe na rimwe ritokwipfuza kugira urubuga rutunganijwe nk’urwo rwanyu. Bitegerezwa kuba bibatwara umwanya n’inguvu nyinshi kugira urubuga rwanyu rugume ruriko amakuru mashasha no kugira rugume rworoshe gukoresha.’ Narumvise ubuyega kubera bariko barankeza ku bintu ntakoze. Ariko narahimbawe n’uko vyashinze intahe nziza kuri abo bantu batari bazi ivy’Ivyabona vya Yehova. Ubu hariho abo dukorana twama tuganira kandi batatu muri bo turiga Bibiliya.” Ishirahamwe Giuseppe akorera ribandanya kwiga urubuga rwacu, Giuseppe na we akabandanya kuganira kuri Bibiliya n’abo bakorana.

Yarasezeye umupira

Arjantine: Jorge ariko arakina umupira n’abavukanyi

Jorge ni uwukiri muto aba muri Arjantine. Yatanguye kwumva ukuri mu ntango za 2010 akubwiwe n’umunyeshure bigana. Yaciye atangura kwiga Bibiliya akoresheje igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? Ico gihe yari umukinyi w’umupira w’amaguru. Yarakina neza ku buryo baciye bamushira mu cicaro ca kabiri c’umugwi ukomeye wo muri ico gihugu. Muri Ndamukiza 2014, yarasabwe kuja gukinira umugwi wo mu Budagi. Yararyohewe cane n’uko yari agiye kuba umukinyi rurangiranwa, aca aremera. Hasigaye imisi mikeya ngo agende, umumenyereza wiwe yamubwiye ati: “Burya we nturi Icabona ca Yehova? Ntiwonone ubuzima bwawe ngo ugiye hanze. Na je nkiri muto nari Icabona. Narasabwe kuja gukinira umugwi wo muri Aziya. Baranyemereye ibintu vyinshi kandi numva ntobigisha. Twaragiyeyo n’umuryango wanje ariko twatashe zirayoye.” Jorge avuga ati: “Ivyo yambwiye vyaramfashije kuzirikana nca ndaheba kujayo. Mu 2015, narabaye umwamamaji nongera ndabatizwa.”

Umuhezagiro wa gusa

Muri Nyakanga 2015, i Kampala mu Buganda harabereye Ihwaniro ry’akarere ryataziriwe ngo “Niwigane Yezu!” Abari aho barahimbawe no kwumva umuvukanyi Mark Sanderson wo mu Nama Nyobozi asohoye Bibiliya y’isi nshasha mu kiganda.

Umutohoji umwe yavuze ati: “Nararyohewe cane ndonse iyi Bibiliya! Ico gihe abantu bariko baritegurira urugendo rwa papa. Kugira baronke amahera yo kwitegurira urwo rugendo, amashapure ahezagiye bayagurisha amadolari 30 (nk’amarundi 50.000). Benshi baripfuza kuronka umuhezagiro mugabo nta mahera bari bafise. Ariko jewe narironkeye umuhezagiro nyawo kuri gusa. Yehova yarawuhaye abari baje kw’ihwaniro bose, kandi umwe wese yatanga intererano bivuye ku mutima. Igihe cose nsomye Ijambo rya Yehova mu rurimi nonse maze nkarushiriza kumumenya, mbona ko ari agateka. Ndashimira Yehova kubona yarampaye Bibiliya.”

Ngo ibitabu vyacu vyandikirwa mu kuzimu?

Mu ntumbero yo gutyoza urubuga rwacu rwa www.jw.org, indongozi z’amadini amwamwe yo muri Kongo (Kinshasa) zabwiye abanywanyi bazo ko ibitabu vyacu vyandikirwa mu kuzimu. Mu kuvyemeza zavuga ko zirya ndome “www” zisigura ca gitigiri 666 kivugwa mu Vyahishuwe. (Ivyah. 13:18) Ivyo vyatumye abantu bamwebamwe baheba kwiga Bibiliya.

Hari abatsimvyi babiri bubakanye babwiye Yehova ico kibazo, baca baratumira abo bigisha Bibiliya hamwe n’abo bubakanye. Haje batandatu. Bahejeje gufungura, baraberetse ya videwo Ivyabona vya Yehova baramamaza inkuru nziza kw’isi yose. Ivyo babonye vyarabakuyemwo vya vyiyumviro bitari vyo bijanye n’ibitabu vyacu. Mu ndwi yakurikiye, umugabo w’umwe muri bo yarasavye abo batsimvyi ashimitse ngo bakire intererano y’amadolari 100 (nk’amarundi 170.000) yo gushigikira igikorwa kirangurirwa kw’isi yose, naho nyene atari bwatangure kwiga Bibiliya.

Kwiga indirimbo nshasha

Abavukanyi bo mu karere kamwe ka kure ko muri Papouasie-Nouvelle-Guinée ntibagira internet, ariko baripfuza cane kwiga za ndirimbo nshasha. Ku bw’ivyo, ishengero rya Mundip rirarungika umuvukanyi mu gisagara kiri hafi, bikaba bisaba ko agira urugendo rw’amasaha abiri n’amaguru n’urundi rw’amasaha abiri n’imodoka. Ashitseyo aca yimura mu gakaye amajambo y’izo ndirimbo. Agarutse iwabo aca yandika izo ndirimbo ku kibaho mu Ngoro y’Ubwami kugira abandi bazimure maze bazikoreshe mu makoraniro. Barashima cane kuba bajana n’ayandi mashengero yo kw’isi yose mu kuririmbira Yehova.