Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2017

Megizike: Barigiye hamwe indome z’impumyi

 KWAMAMAZA NO KWIGISHA KW’ISI YOSE

Amerika

Amerika
  • IBIHUGU 57

  • ABANYAGIHUGU 998.254.087

  • ABAMAMAJI 4.154.608

  • INYIGISHO ZA BIBILIYA 4.353.152

“Tuzovyigira hamwe”

Ismael aba muri Megizike. Yarafashe ingingo yo gusoma Bibiliya yose. Mu mwaka umwe yari amaze kuyisoma yose incuro zibiri, ariko yahavuye ahuma. Haciye imyaka mikeyi, Icabona yitwa Ángel yarabonanye na Ismael, aramubwira ivyiza Imana yadusezeraniye. Ismael yaripfuza kumenya n’ibindi, ariko yaciye  avuga ati: “Ndi impumyi. Sinshobora gusoma Bibiliya.”

Ángel yamubwiye ati: “Nta ngorane. Nzokwigisha gusoma indome z’impumyi.”

Ismael yaciye amubaza ati: “Urazi gusoma indome z’impumyi?”

Ángel na we ati: “Nta vyo nzi, ariko tuzovyigira hamwe.” Ismael ntiyumva ko Ángel yokwemera kumwigorera gutyo. Ariko Ángel yaratashe muhira, aragira ubushakashatsi kugira amenye ingene basoma indome z’impumyi, aca arazandika ku gikarato. Yaciye atangura kwigisha Ismael kuzisoma. Bidatevye, Ismael yarabimenye, aratangura kwitaba amakoraniro no gusoma ibitabu vyacu vyo mu ndome z’impumyi. Ubu Ángel yigisha Bibiliya abantu bane batabona. Barakunda kuyaga ibijanye n’iparadizo yimirije, igihe bazoba bahumutse.

Ntiyashotse amumenya

Viannei ni mushiki wacu w’imyaka 14 wo muri Amerika. Yanditse ati: “Umwigisha yariko aratwigisha ibijanye n’imibereho y’abantu, aca atangura kuvuga ivyerekeye amadini. Yaradusavye ngo tuvuge amadini tuzi, nca mvuga Ivyabona vya Yehova. Abanyeshure baciye batwenga, bavuga ko duhora tubatesha umwanya, ko tutagira ico dukora be n’uko tubahaye ibitabu baca babita. Mbere n’umwigisha yaratuvuze nabi.

 “Narasavye Yehova ngo ampe uburindutsi bwo gushinga intahe. Nababwiye ko tutabagendera kugira tubateshe umwanya, ahubwo ko Yehova ari we aba yaturungitse ngo tuje kubabwira Ijambo ry’Imana. Naciye ndabasaba ko batosubira guta ibitabu vyacu kuko bishobora gutuma bahinduka maze bakarokoka. Umwigisha yaciye asaba imbabazi, aremera ko Ivyabona basubiriye kumugendera azobumviriza kandi agasoma ibitabu vyacu. Sinari nzi ko yari kubigira.

 “Nasubiye kumubona haciye amezi ane, kandi naratangaye numvise ko asigaye yiga Bibiliya. Haheze ayandi mezi atandatu, yaraje kundondera kw’ishure kugira anshimire kubona naramubwiye inkuru nziza. Nabanje kumuyoberwa kubera yari yaramwesheje umushatsi n’ubwanwa. Ubu ni umwamamaji.”

Kwamamaza muri Amazone

Mu mwaka uheze, Ivyabona bo muri Brezile baritwararitse cane akarere ka Amazone. Abantu benshi bo  muri ako karere ntibari bwigere bumva inkuru nziza. Ivyo vyatumye Inama Nyobozi yemera ko haba isekeza ridasanzwe ry’umwaka umwe, mu ntumbero yo kubwira inkuru nziza abantu ibihumbi baba mu turere tumwetumwe twa kure two muri Amazone.

Brezile: Bariko baramamaza muri Amazone

Ibiro vy’ishami vyaracaguye ibisagara 53 vyo hirya no hino muri ako karere kuzuyemwo inzuzi kugira birungikeyo abamamaji. Mu mezi ane gusa, abamamaji barenga 6.500 baritabiriye ako kamo.

Mu gisagara ca kure ca Anamã nta mwamamaji n’umwe yariyo. Hagiyeyo abamamaji cumi, bamarayo imisi 11. Batanze ibitabu birenga 12.500 bongera batanguza inyigisho zishika 200, ubu bakaba baziyobora kuri telefone. Abo bamamaji baragiriyeyo n’amakoraniro. Ikoraniro rya nyuma bagize imbere y’uko bavayo ryitabwe n’abantu 90, kandi ivyo vyarabanezereye cane. Turarindiriye kubona ibindi vyiza bizova muri iryo sekeza.

Yaramurangiye urubuga rwacu

Imyaka itandatu iraheze Jehizel na Mariana bo muri Venezuwela bigana mw’ishure. Mariana yarakunda gutwenga Jehizel kubera ari Icabona ca Yehova. Mariana yavuga ko Jehizel atiryohera. Umusi umwe, Mariana ahejeje kubwira Jehizel amajambo mabi, Jehizel yaciye amubwira ati: “Mariana, uze kuja ku rubuga rwacu jw.org, winjire ahavuga ngo ‘Raba amavidewo,’ uce ufyonda ahanditse ‘Imiyabaga.’”

Kuri uwo muhingamo Mariana yaraterefonye Jehizel, amubwira ati: “Ubu ndatahuye igituma umeze ukwo.”

 Jehizel ntiyamenye ico ashaka kuvuga, aca amubaza ati: “Ugira usubire kuntwenga?”

Na we ati: “Sinzosubira kugutwenga. Wamfashije cane. Ubu natahuye ko ivyo nahora niyumvira ko ari ukwiryohera ari vyo vyankwegeye ingorane nyinshi.” Mariana yaremeye kwiga Bibiliya kandi ubu ntasiba amakoraniro.

Yarabajije ibibazo umupasitori

Gérole wo muri Hayiti yari umunyamabanga mw’idini yarimwo. Yaratangajwe no kuba Ivyabona baramwishuye ibibazo vyose yari afise bakoresheje Bibiliya. We n’umukobwa wiwe baremeye kwiga Bibiliya.  Baranezerejwe n’ivyo bariko bariga, baca basaba ko boza bariga kabiri mu ndwi.

Gérole amaze amezi atatu yiga, yaragiye ku mupasitori w’idini yarimwo aramubaza ibi bibazo bine: “Yezu yabaye Umwami ryari? Abantu beza bapfuye baja he? Ababi bapfuye baja he? Yezu yapfiriye ku musaraba canke ku giti?” Uwo mupasitori yamubwiye ko ashobora kwishura ikibazo ca kabiri n’ica gatatu gusa. Yavuze ati: “Ivyabona vya Yehova bavuga ko abantu 144.000 ari bo bazoja mw’ijuru. Ariko jewe nzi ko abakora ivyo Imana igomba bose bazoja mw’ijuru. Ababi na bo bazoja mu muriro udahera.” Amubwiye ngo amwereke aho biri muri Bibiliya, yarabuze ico yishura. Gérole yaraguye mu gahundwe, aca afata ingingo yo kubandanya yiga Bibiliya. Yahavuye atanga imihoho mw’idini yarimwo. Yavuze ko ivyo yigishijwe n’Ivyabona vya Yehova mu mezi atatu biruta ivyo yize mu myaka irenga 30 yari amaze aja gusenga muri iryo dini. Gérole n’umukobwa wiwe baheruka kubatizwa, kandi bafise inyigisho 23 mu kigwati iwabo.

Hayiti: Gérole n’umukobwa wiwe bafise inyigisho nyinshi